Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yobu 39:1-30

39  “Mbega warashoboye kumenya igihe cashinzwe impene zo mu misozi zo ku rutare zivyarirako+? Woba witegereza igihe impongokazi zivyarana+ imisonga?   Woba uharura amezi* zimara, Canke woba warashoboye kumenya igihe cashinzwe zivyarirako?   Zirunama igihe zihinda abana bazo ngo bazivemwo, Igihe zīkiza imisonga.   Abana bazo bacika ab’inguvu, bagakurira mu gahinga; Barigira, ntibagaruke kuri zo.   Ni nde yarekuye imparage+ ngo yidegemvye, Kandi ni nde yatekuruye imizana y’indogobwa y’inyeshamba,   Iyo nashingiye ikiyaya c’ubugaragwa ngo kibe inzu yayo, Nkayishingira igihugu c’umunyu+ ngo kibe ahantu iba?   Iratwenga uruyogoyogo rw’igisagara; Urwamo rw’umuhigi+ nta rwo yumva.   Igendura imisozi ihiga aho irisha+, Ikarondera ubwoko bwose bw’igiterwa gitotahaye+.   Mbega ishūri y’inyeshamba iremera kugukorera+, Canke yorara iruhande y’ubwato bwawe bw’ibitungwa? 10  Mbega wobohesha ishūri y’inyeshamba imigozi yayo mu murongo w’ubusizi, Canke yosiza+ ibiyaya vyo hasi inyuma yawe? 11  Mbega woyizigira ngo ni uko ifise ububasha bwinshi, Kandi woyihebera igikorwa cawe gicumukuza? 12  Mbega woyizigira ngo iragarukana imbuto yawe Kandi ngo iregeraniriza ku mbuga yawe y’ikubitiro? 13  Mbega ibaba ry’ikinyoni citwa imbuni c’ikigore ryaratababije rinezerewe, Canke coba gifise ivyubi vy’agasoza+ be n’amoya? 14  Kuko gihebera amagi yaco hasi, Mu mukungugu akaba ari ho kiyasusurukiriza, 15  Kikibagira yuko ikirenge gishobora kuyafyonyora Canke ko igikoko co mu gahinga gishobora kuyahonyora. 16  Gifata abana baco bunyamaswa, ukamengo si abaco+ . . . Gicumukurira ubusa, kuko kitagira ubwoba. 17  Kuko Imana yatumye cibagira ubukerebutsi, Kandi ntiyagihaye umuturi mu vy’ugutegera+. 18  Igihe gikubita amababa yaco hejuru, Kiratwenga ifarasi n’uwuyigenderako. 19  Mbega woha ifarasi ubushobozi+? Mbega wokwambika izosi ryayo umugāra uhungabana? 20  Mbega wotuma itaruka nk’uruzige? Iteka ry’ugupfuhagira kwayo riraca ivutu+. 21  Irakoba+ mu kiyaya co hasi ikirata ububasha; Irasohoka ikaja gusanganira ibirwanisho+. 22  Iratwenga ubwoba, nticike ivutu+; Eka ntisubira inyuma kubera inkota. 23  Umutana ugenda ujegera kuri yo, Icuma c’icumu be n’ikobero. 24  Igenda ihondagura ibinono yarakaye ikanzaganya isi, Kandi ntiyemera yuko ari ijwi ry’inzamba. 25  Ijwi ry’inzamba rikira kuvuga, na yo iti: Ahaa! Ikiri kure iramoterwa n’urugamba, Intureka y’abakuru be n’akaruru k’intambara+. 26  Mbega ugutegera kwawe ni kwo gutuma agaca karārūka mu kirere, Kagasanza amababa yako ku muyaga wo mu bumanuko? 27  Canke kw’itegeko ryawe ni ho inkona+ iguruka iduga mu kirere Ikubaka icari cayo hejuru+, 28  Ikibera ku rutare ikigumiraho mw’ijoro Ku ryinyo ry’urutare, ahantu hadashikwa? 29  Aho ni ho ibwirizwa kuva irondera ivyo kurya+; Amaso yayo aguma araba kure cane. 30  Abana bayo baguma bamiragura amaraso; Kandi aho abishwe bari, ni ho ibarizwa+.”

Amakuru yiyongereye

Ni amezi aharurirwa ku mboneko.