Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yobu 38:1-41

38  Maze Yehova yishurira Yobu mu kirura c’umuyaga+ ati:   “Uyo ni nde apfukiranya impanuroMu majambo ata bumenyi+?   Enda kenyera mu kiyunguyungu, nk’umuntu w’umugabo,Maze nkubaze, nawe umbwire+.   Wari hehe igihe nashinga isi+?Mbwira, nimba koko ufise ugutahura.   Ni nde yashinze ingero zayo, nimba ubizi,Canke ni nde yagororeye kuri yo ikamba yo gupimisha?   Ivyicaro binogoye+ vyayo vyatsindagiwe mu ki,Canke ni nde yashizeho ibuye ryayo rigumya imfuruka,   Igihe inyenyeri zo mu gitondo+ zose hamwe ziha akamo k’umunezero,Abana b’Imana+ bose bagatangura gusamiriza impundu?   Ni nde yadadiye ikiyaga akoresheje imiryango+,Kigafyiruka nk’igiturumbutse mu gitereko;   Igihe nashiraho igicu ngo kibe nk’impuzu yacoN’umuzimagiza w’umuzitanya ngo ube nk’icahi caco, 10  Igihe natangura kugabanganiriza kuri co ingingo nyobozi yanjeNo gushiraho igihindizo be n’imiryango+, 11  Nkavuga nti: ‘Ushobora gushika ng’aha, ntuharenge+;Kandi aha ni ho imipfunda yawe yishima igarukira+’? 12  Mbega kuva mu misi yawe ni ho wategetse igitondo+?Mbega ni wewe watumye umutwenzi umenya ikibanza cawo, 13  Ngo ufate ku mpera z’isi,Kugira ngo ababisha bakunkumurwe kuri yo+? 14  Yihindura nk’ibumba+ munsi y’ikidodo,Ibintu bigafata ikibanza cavyo nk’ivyambaye. 15  Ababisha bimwa umuco wabo+,Ukuboko gukirurutse na kwo kukavunika+. 16  Mbega warashitse ku masôko y’ikiyaga,Canke waragendagenze+ urondera inyenga y’amazi+? 17  Mbega amarembo y’urupfu+ warayapfukuriwe,Canke amarembo y’igitutu kizitanye+ woyabona? 18  Wararimbūranye ubwenge ubwaguke bw’isi+?Bivuge, nimba warashoboye kubimenya vyose. 19  None, inzira ija aho umuco uba iri hehe+?None umwiza wowo, ikibanza cawo kiri hehe, 20  Ngo uwujane ku rubibe rwawoNo kugira ngo utahure amabarabara aja ku nzu yawo? 21  Woba warashoboye kubimenya kubera ko ico gihe wariko uravuka+,No kubera ko imisi yawe ari myinshi mu gitigiri? 22  Mbega warinjiye mu bigega vya shelegi+,Canke hoho woba ubona ibigega vy’urubura+, 23  Ivyo nabitse ku bw’igihe c’amarushwa,Ku bw’umusi w’indwano n’intambara+? 24  None, inzira umuco wigabaguriramwo iri hehe,N’umuyaga wo mu buseruko+ ugasabagira kw’isi? 25  Ni nde yasaturiye umuhora isegenyaAgasaturira kandi inzira igicu c’ikirura gituragara+, 26  Kugira ngo agwishe imvura ku gihugu kitagirako umuntu+,Ku gahinga katagiramwo umuntu yakuwe mw’ivu, 27  Kugira ahāze ahantu hakubiswe n’ikirura kandi h’umusakaNo kugira ngo ameze urumerera rw’ivyatsi+? 28  Mbega imvura irafise se+,Canke ni nde yavyaye amama y’ikime+? 29  Ibarafu iva mu nda ya nde,Utubarafu dutoduto+ two mw’ijuru twotwo, ni nde vy’ukuri atuvyara? 30  Amazi aguma yinyegeje nk’ayikinze ibuye,Uburinganire bw’inyenga y’amazi na bwo bukikonganya+. 31  Mbega woshobora gupfundika imvuto z’akarundo k’inyenyeri ka Kima,Canke woshobora gutekurura imigozi y’akarundo k’inyenyeri ka Kesili+? 32  Mbega woshobora kuzana akarundo k’inyenyeri ka Mazaroti mu gihe cako?Akarundo ka Ashi koko hamwe n’abana bako, woshobora kubiyobora? 33  Mbega waramenye ivyagezwe bigenga amajuru+,Canke woshobora gushinga ububasha bwayo mw’isi? 34  Woshobora kuduza ijwi ryawe gushika ku gicu,Kugira ngo amazi y’agasenga asuriranya agupfuke+? 35  Woshobora gutuma imiravyo ngo igende,Na yo ikakubwira iti: ‘Turi hano!’? 36  Ni nde yashize ubukerebutsi+ mu bicu bigerekeranye,Canke ni nde yahaye ugutegera+ ibitangaza biba kw’ijuru? 37  Ni nde yoshobora guharūra neza ibicu mu bukerebutsi,Canke imibindi y’amazi yo mw’ijuru, ni nde yoshobora kuyicuranguza+, 38  Igihe umukungugu wisuka ukaba nk’urwuma rushongeshejwe,Ibinonko na vyo bikamatana? 39  Mbega woshobora guhigira intambwe ico iryaUgahaza amarara y’intambwe z’imikangara+, 40  Igihe zibunze mu bwikingo+,Canke igihe ziryamye mu gisanze, zibundiye ikintu? 41  Ni nde ategurira igikona indya zaco+Igihe ivyana vyaco bitabaza Imana,Igihe biguma biyerera kubera ata vyo kurya biriho?

Amakuru yiyongereye