Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yobu 37:1-24

37  “Koko ivyo bituma umutima wanje utangura kujugumira+,Ugasimbasimbira mu kibanza cawo.   Nimwumvirize mwitonze ukwasana kw’ijwi ryayo+,N’ukuroha gusohokana mu kanwa kayo.   Munsi y’amajuru yose irakurekura,Umuravyo+ wayo ugashika ku mpera z’isi.   Inyuma yawo ijwi rirasana;Iraturagara+ n’ijwi ry’ubukuru bwayo+,Kandi yo ntibitangira iyo ijwi ryayo ryumvikanye+.   Imana ituragara n’ijwi+ ryayo mu buryo butangaje,Igakora ibintu bikomeye tudashobora kumenya+.   Kuko ibwira shelegi iti: ‘Gwa ugana kw’isi+,’Ikabibwira n’isegenya ry’imvura, mbere n’isegenya ry’imvura yayo ikomeye+.   Ku kuboko kw’umuntu wese yakuwe mw’ivu ihashira ikidodo kirumyaNgo umuntu buntu wese amenye igikorwa cayo.   Igikoko kiza mu kibundo,Mu bwikingo bwaco ni ho cibera+.   Umuyaga w’ikirura uzanana mu cumba+,Ubukanye na bwo bukazanana n’imiyaga yo mu buraruko+. 10  Biciye ku mpemu z’Imana, ibibarafu biraboneka+,Ubwaguke bw’amazi na bwo bukaguma butangiriwe+. 11  Egome, igicu ikiremereza akabombera,Umuco+ wayo urasanzaza ikigwi c’igicu, 12  Kandi bizungurutswa inzinguzingu iyo ibiyoboye ku bw’igikorwa cavyoAho hose iba ibitegetse+ ku butaka bwimbuka bw’isi. 13  Haba ku bw’inkoni+ canke ku bw’igihugu cayo+Canke ku bw’ubuntu bwuzuye urukundo+, ituma bigira ico bivamwo. 14  Tega ugutwi ibi, Yobu we;Hagarara uzirikane ibikorwa vy’agatangaza vy’Imana+. 15  Mbega urazi igihe Imana yabigenera itegeko+,N’igihe yatuma umuco w’igicu cayo uca ibibatsi? 16  Mbega urazi ingene ibicu bihagarara mu kirere ata kuyumbayumba+,Ibikorwa vy’agatangaza vy’Umwe atagira akanenge mu bumenyi+? 17  Urazi ingene impuzu zawe zishuhaIgihe isi iba ari impore guhera mu bumanuko+? 18  Mbega ufatanije na yo woshobora guhondagura amajuru+Bigumaraye nk’icirore c’icuma gishongeshejwe? 19  Tumenyeshe ivyo dukwiye kuyibwira;Ntidushobora kuronka amajambo kubera umwiza. 20  Yoba ikwiye kubwirwa ko ngomba kuvuga?Canke hari uwigeze kuvuga yuko izobimenyeshwa+? 21  Ubu mu vy’ukuri ntibabona umuco;Urakayangana mu majuru,Iyo umuyaga urenganye ukabikubura. 22  Ubwiza bwakaka nk’inzahabu buzananye mu buraruko.Iteka+ riri ku Mana rirateye ubwoba. 23  Ariko Mushoboravyose we, ntitwamumenye+;Ni agahebuza mu bubasha+,Kandi ubutungane+ be n’ubwinshi bw’ubugororotsi+ ntazobigaya+. 24  Abantu rero nibamutinye+.Ntaraba n’umwe mu bari inkerebutsi mu mutima wabo+.”

Amakuru yiyongereye