Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yobu 36:1-33

36  Elihu arabandanya ati:   “Nyihanganire gatoyi, ndakumenyesheKo hakiriho amajambo yo kuvugira Imana.   Ngira nzane ubumenyi bwanje ndabukuye kure,Mperereze ubugororotsi kuri Umwe yambumba+.   Kuko amajambo yanje mu vy’ukuri atari ikinyoma;Umwe atagira akanenge mu bumenyi+ ari kumwe na wewe.   Raba! Imana irakomeye+, nta we izota nk’akanuka;Irakomeye mu bubasha bw’ugutahura;   Ntizozigamira ubuzima umubisha+,Mugabo urubanza rw’abarushwa izoruca mu kuri+.   Ntizokura amaso yayo ku mugororotsi+;Mbere n’abami bari ku ntebe y’ubwami+,Na bo nyene izobavyagiza ibihe bidahera, bashirwe hejuru.   Iyo na ho babohewe mu minyororo+,Bafatishwa imigozi y’amarushwa.   Ni ho izobabwira uburyo bakoraN’ibigabitanyo vyabo, kuko bigira agahambaye. 10  Ugutwi kwabo izogupfukura ngo kwumve uguhimirizwa+,Kandi izovuga ko bakwiye guhindukira bagaheba ibintu bibabaza+. 11  Nibagamburuka bakayikorera,Bazorangiza imisi yabo mu vyizaN’imyaka yabo mu buhimbare+. 12  Ariko batagamburutse, bazohitanwa+ n’umwampi+,Kandi bazocikana ata bumenyi. 13  Kandi abahuni mu mutima bazorunda ishavu+.Ntibazotabaza kuko ibaboshe. 14  Bazopfa bakiri bato+,Ubuzima bwabo bupfire mu bamaraya b’urusengero b’abagabo+. 15  Izotabara umurushwa mu marushwa yiwe,Kandi izopfukura ugutwi kwabo mu gahahazo. 16  Izoguhendahenda igukure mu kanwa k’amarushwa+!Ahagutse+, atari ahaga, ni ho hazogasubirira,Kandi ukwirura kw’imeza yawe kuzokwuzura ibinure+. 17  Uzokwuzura urubanza ruciriwe umubisha+;Urubanza ruciwe be n’ubutungane ni vyo bizofata. 18  Kuko uraraba neza ubushangashirwe+ ntibuguhendahende ngo uje mu gukoma amashi y’inzigo,Kandi incungu+ nini ntiguhuvye. 19  Mbega ugutabaza kwawe hari ico kuzomara+? Oya, habe no mu marushwaN’utwigoro twawe dukomeye twose nta co tuzomara+. 20  Ntuhezagirike wipfuza ijoro,Kugira ibisata vy’abantu vyomoke bive aho vyari. 21  Wiyubare ntuhindukire ngo uje ku bintu bibabaza+,Kuko ivyo ari vyo wahisemwo ukabirutisha amarushwa+. 22  Raba! Imana ikora mu buryo buhanitse ikoresheje ububasha bwayo;Ni nde mwigisha ameze nka yo? 23  Ni nde yayirwanije agahaririza inzira yayo+,Kandi ni nde yavuze ngo: ‘Wakoze ibitagororotse+’? 24  Ibuka yuko ukwiye gushimagiza igikorwa cayo+,Ico abantu baririmvye+. 25  Abantu bose baracitegereje;Umuntu buntu ubwiwe aguma arabira kure+. 26  Itegereze! Imana iri hejuru kuruta uko twomenya+;Igitigiri c’imyaka yayo ntigiserangurika+. 27  Kuko ikwega amama y’amazi+;Amiminuka nk’imvura ku bw’igipfungu cayo, 28  Ku buryo ibicu bitemba+,Bigatonyangira ku bantu ku bwinshi. 29  Vy’ukuri, ni nde yoshobora gutahura ingene ibicu bigerekeranye,Imyasano yo mu rusago rwayo+? 30  Raba! Yashanje umuco wayo hejuru yarwo+,Kandi yapfutse imizi y’ikiyaga. 31  Kuko ivyo ibikoresha mu kuburanira ibisata vy’abantu+;Itanga ibifungurwa ku bwinshi+. 32  Mu maboko yayo ni ho yapfukiye umuravyo,Iwushingira itegeko ryo kurwanya uwugaba ibitero+. 33  Uguturagara+ kwayo kumenyekanisha ivyayo,Ibitungwa na vyo bikamenyekanisha uwuduga.

Amakuru yiyongereye