Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yobu 35:1-16

35  Elihu abandanya kwishura, ati:   “Mbega ivyo ni vyo wabonye ko ari ubutungane? Wavuze ngo: ‘Ubugororotsi bwanje buruta ubw’Imana+.’   Kuko uvuga ngo: ‘Bukumariye iki+? Ni inyungu nki mfise indutira gucumura+?’   Jewe ndakwishura Mwe na bagenzawe+ bari kumwe nawe.   Rangamiza mw’ijuru+ urabe, Witegereze ibicu+, ingene koko biri hejuru kukuruta.   Nimba ucumuye koko, uyigira iki+? Kandi nimba imigararizo yawe yongerekanye koko, uyitwara iki?   Nimba koko uri mu kuri, uyiha iki, Canke ironka iki mu kuboko kwawe+?   Ububisha bwawe bwobangamira umuntu nkawe+, N’ubugororotsi bwawe bwogira ico bukoze ku mwana w’umuntu yakuwe mw’ivu+.   Kubera agahahazo kenshi cane, baguma batabaza+; Baguma batabaza kubera ukuboko kw’abahambaye+. 10  Yamara nta wavuze ngo: ‘Imana yo Muremyi wanje Ahambaye iri hehe+, Imwe itanga uduhibongozo mw’ijoro+?’ 11  Ni yo itwigisha+ kuruta ibikoko vyo kw’isi+, Kandi itugira inkerebutsi kuruta ibiremwa biguruka vyo mu kirere. 12  Ng’aho baguma barira, ariko ntiyishura+, Kubera ubwishime+ bw’ababi. 13  Ububeshi ni bwo gusa Imana itumva+, Kandi Mushoboravyose ubwiwe ntabwitegereza+. 14  Nkanswe rero igihe uvuze ko utayitegereza+! Urubanza ruri imbere yayo, ukaba rero ukwiye kuyirindira ubishashaye+. 15  Ubu rero kubera ko ishavu ryayo ritāgize ico ribaza+, Na yo ntiyitayeho ukwo guhuruduka gukabije+. 16  Kandi Yobu atabururira akanwa kiwe ubusa gusa; Agwiza amajambo masa ata bumenyi+.”

Amakuru yiyongereye