Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yobu 34:1-37

34  Elihu abandanya kwishura, ati:   “Umviriza amajambo yanje, yemwe bantu b’inkerebutsi; Namwe abazi ibintu, ntega ugutwi.   Kuko ugutwi gusuzuma amajambo+, Nk’uko nyene amagage ahonja mu kurya+.   Twihitiremwo urubanza; Twimenyere hagati yacu iciza ico ari co.   Kuko Yobu avuga ngo: ‘Ndi mu kuri koko+, Ariko Imana ni yo yakebeje urubanza rwanje+.   Mbega nobesha ku bijanye n’urubanza rwanje bwite? Igikomere canje gikaze ntigikira naho ata kugabitanya kuhari+.’   Ni nde muntu w’umugabo ameze nka Yobu+, Agotomera agatwengo nk’amazi+?   Ni ukuri ari mu nzira yo kwunga ubugenzi n’abakora ibintu bibabaza, Mu nzira yo kugendana n’abantu b’ububisha+.   Kuko avuga ngo: ‘Umuntu w’umugabo nta nyungu aronka+ Mu guhimbarwa n’Imana.’ 10  Rero, yemwe bantu muri n’ugutahura+, nimunyumvirize. Kirazira yuko Imana y’ukuri yogira ivy’ububisha+, Yuko Mushoboravyose yorenganya+! 11  Kuko umuntu yakuwe mw’ivu izomuhemba+ nk’uko akora, Kandi uko umunyuro w’umuntu umeze, ni na ko izotuma umugarukako. 12  Emwe, ni ukuri Imana ntikora ivy’ububisha+, Kandi Mushoboravyose ntagoreka urubanza+. 13  Ni nde yamushinze isi, Kandi ni nde yamuragije ubutaka bwimbuka, mbere bwose uko bwakabaye? 14  Niyashira umutima wiwe ku muntu, Impwemu y’uwo muntu n’impemu ziwe akavyiyegeranirizako+, 15  Ibiri n’umubiri vyose bizocikanira hamwe, Kandi umuntu yakuwe mw’ivu azosubira mu mukungugu+. 16  Nimba rero ufise ugutegera, umviriza ibi; Tega ugutwi ijwi ry’amajambo yanje. 17  None vy’ukuri uwanka ubutungane azoganza+? Kandi nimba umunyabubasha agororotse, uzomwita umubisha+? 18  Mbega umuntu yobwira umwami ngo: ‘Uri imburakimazi’? Akabwira abanyacubahiro ngo: ‘Muri ababisha+’? 19  Hariho Uwutagiriye nkunzi abaganwa Kandi atitwararitse umunyacubahiro kumurutisha umutoyi+, Kuko bose ari igikorwa c’amaboko yiwe+. 20  Bapfa nk’aka kanya+, mbere hagati mw’ijoro+; Abantu barazungazunga bagahita, Abanyabubasha bakanyika ata kuboko kubikoze+. 21  Kuko amaso yiwe ari ku nzira z’umuntu+, Kandi intambuko ziwe zose arazibona. 22  Nta mwiza canke igitutu kizitanye biriho Ngo abakora ibintu bibabaza binyegezeyo+. 23  Kuko adashingira igihe umuntu n’umwe Co kurenguka imbere y’Imana mu rubanza. 24  Avunagura abanyabubasha+ ata tohoza, Agahagurutsa abandi mu kibanza cabo+. 25  Arazi rero ibikorwa vyabo ivyo ari vyo+, Kandi arabatembagaza mw’ijoro, bagafyonyagurika+. 26  Abakubita nk’ababisha Akabakubitira ahantu hari abarorerezi+; 27  Kubera bakebeje ntibamukurikire+, Kandi nta n’imwe mu nzira ziwe barimbūye+, 28  Ngo batume amaborogo y’umuntu mutoyi amushikira, Gutyo akumva amaborogo y’abarushwa+. 29  Mu gihe ubwiwe atumye haba impore, ni nde none yomutsindisha? Mu gihe ahishije mu maso hiwe+, ni nde yomwitegereza, Vyaba bigiriwe ihanga+ canke umuntu, akaba ari cokimwe? 30  Kugira ngo umuhuni ntaganze+, Ntihabe n’imitego+ y’abantu. 31  Nakare, mbega hari umuntu vy’ukuri yobwira Imana ati: ‘Ndarubonye, naho ata nabi nkora+; 32  Naho ata co mbona, ubwawe nunyigishe; Nimba hari ikitagororotse nakoze, Sinzosubira+’? 33  Mbega wibaza ko izobikosora kubera ko wanse urubanza, Kubera ko ari wewe uhisemwo, atari jewe? Emwe, ico uzi neza, kivuge. 34  Abagabo bari n’ugutahura+, ubwabo bazombwira, Mbere n’umuntu w’umugabo w’inkerebutsi anyumviriza azombwira, ngo: 35  ‘Yobu avuga ata bumenyi+, N’amajambo yiwe ayavuga ata gutahura kwimbitse agira.’ 36  Dawe we, Yobu nagezwe gushika ku mpera Kubera inyishu atanga mu bantu bakora ibibabaza+. 37  Kuko hejuru y’igicumuro ciwe yongerako umugararizo+; Muri twebwe arakubita amashi ku yandi, akagwiza amajambo yiwe yo kuvuga nabi Imana y’ukuri+!”

Amakuru yiyongereye