Yobu 33:1-33
33 “Ariko ubu rero ga Yobu, ndakwinginze wumve amajambo yanje,Kandi utege ugutwi ivyo mvuga vyose.
2 Raba, ndakwinginze! Mbwirizwa guteranura akanwa kanje;Ururimi rwanje, kumwe n’amagage+ yanje, rubwirizwa kuvuga.
3 Amajambo yanje ni ukugororoka kw’umutima wanje+,Kandi ubumenyi ni bwo iminwa yanje ivuga ata buryarya+.
4 Impwemu y’Imana yarandemye+,Impemu za Mushoboravyose zimpa ubuzima+.
5 Nimba ubishoboye, nyishura,Tondeka amajambo imbere yanje; hagarara ng’aho.
6 Raba! Meze nkawe ku Mana y’ukuri+;Na jewe nabumbabumbwe mw’ibumba+.
7 Raba! Nta giteye ubwoba co muri jewe coguca ivutu,Kandi nta mukazo+ uvuye kuri jewe wokuremera.
8 Kimwe gusa, wavugiye mu matwi yanje,Kandi nagumye numva ijwi ry’amajambo yawe, ngo:
9 ‘Ndatyoroye, nta kigabitanyo ngira+;Ndera, nta kosa mfise+.
10 Raba! Imana iraronka uturyo two kundwanya,Imfata nk’umwansi wayo+.
11 Ishira ibirenge vyanje mu mpatane z’ibiti+,Igumiza ijisho ku minyuro yanje yose+.’
12 Raba! Ng’uku uko nkwishura: aho nturi mu kuri+;Kuko Imana iruta rwose umuntu buntu+.
13 Kubera iki ari yo warwanije+?Ni uko amajambo yawe yose itayishura+?
14 Kuko Imana ivuga rimwe,Na kabiri+, naho nyene ata wuvyitaho,
15 Mu ndoto+, mw’iyerekwa+ ryo mw’ijoro,Igihe itiro rirerire rihwikiye abantu,Mu gatiro ku gitanda+.
16 Ni ho ipfukura ugutwi kw’abantu+,Igashira ikidodo cayo ku vyo ibahimiriza,
17 Kugira ikevye umuntu ave ku gikorwa ciwe+,No kugira ipfuke ubwishime, buhishwe+ umuntu w’umugabo.
18 Imurinda icobo+,Ubuzima bwiwe ikaburinda ntibuhitanwe n’umwampi+.
19 Arakangirwa n’ububabare ku gitanda ciwe,Kandi ugutongana kw’amagufa yiwe ntigutezura.
20 Ubuzima bwiwe butuma umukate uba uwushisha+,Umutima wiwe ukagira gutyo nyene ibifungurwa biryoshe.
21 Umubiri wiwe urashira ntusubire kuboneka,Amagufa yiwe atahora aboneka akambara ubusa.
22 Yegereza icobo+,Ubuzima bwiwe bukegereza abateza urupfu.
23 Nimba hariho intumwa itumwa ku bwiwe,Umuvugizi, umwe mu gihumbi,Kugira amenyeshe umuntu ukugororoka kwiwe,
24 Iraheza ikamugirira ubutoni ikavuga iti:‘Numureke ntamanuke mu cobo+!Naronse incungu*+!
25 Umubiri wiwe nutotahare kurusha mu buto+;Nasubire mu misi y’ingoga ziwe zo mu buto+.’
26 Azokwinginga Imana ngo ihimbarwe na we+,Azobona mu maso hayo n’akaruru k’umunezero,Na yo izosubiza ubugororotsi bwayo umuntu buntu.
27 Azoririmbira abantu ngo:‘Naracumuye+; kandi ibigororotse narabigoretse,Kandi koko si co cari ikintu kibereye kuri jewe.
28 Yarancunguye ngo sinje mu cobo+,Kandi ubuzima bwanje buzobona umuco.’
29 Raba! Ivyo vyose Imana irabikora,Kabiri, gatatu, ikabikorera umuntu w’umugabo,
30 Kugira igarure ubuzima bwiwe ibukize icobo+,Ngo amurikirwe n’umuco w’abazima+.
31 Tega ugutwi Yobu we! Nyumviriza!Guma ucereje, nanje mbandanye kuvuga.
32 Nimba hari amajambo yo kuvuga, nunyishure;Vuga, kuko mpimbawe n’ubugororotsi bwawe.
33 Nimba ata yahari, nunyumvirize+;Guma ucereje, nanje nkwigishe ubukerebutsi.”
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.