Yobu 33:1-33

33  “Ariko ubu rero ga Yobu, ndakwinginze wumve amajambo yanje,Kandi utege ugutwi ivyo mvuga vyose.   Raba, ndakwinginze! Mbwirizwa guteranura akanwa kanje;Ururimi rwanje, kumwe n’amagage+ yanje, rubwirizwa kuvuga.   Amajambo yanje ni ukugororoka kw’umutima wanje+,Kandi ubumenyi ni bwo iminwa yanje ivuga ata buryarya+.   Impwemu y’Imana yarandemye+,Impemu za Mushoboravyose zimpa ubuzima+.   Nimba ubishoboye, nyishura,Tondeka amajambo imbere yanje; hagarara ng’aho.   Raba! Meze nkawe ku Mana y’ukuri+;Na jewe nabumbabumbwe mw’ibumba+.   Raba! Nta giteye ubwoba co muri jewe coguca ivutu,Kandi nta mukazo+ uvuye kuri jewe wokuremera.   Kimwe gusa, wavugiye mu matwi yanje,Kandi nagumye numva ijwi ry’amajambo yawe, ngo:   ‘Ndatyoroye, nta kigabitanyo ngira+;Ndera, nta kosa mfise+. 10  Raba! Imana iraronka uturyo two kundwanya,Imfata nk’umwansi wayo+. 11  Ishira ibirenge vyanje mu mpatane z’ibiti+,Igumiza ijisho ku minyuro yanje yose+.’ 12  Raba! Ng’uku uko nkwishura: aho nturi mu kuri+;Kuko Imana iruta rwose umuntu buntu+. 13  Kubera iki ari yo warwanije+?Ni uko amajambo yawe yose itayishura+? 14  Kuko Imana ivuga rimwe,Na kabiri+, naho nyene ata wuvyitaho, 15  Mu ndoto+, mw’iyerekwa+ ryo mw’ijoro,Igihe itiro rirerire rihwikiye abantu,Mu gatiro ku gitanda+. 16  Ni ho ipfukura ugutwi kw’abantu+,Igashira ikidodo cayo ku vyo ibahimiriza, 17  Kugira ikevye umuntu ave ku gikorwa ciwe+,No kugira ipfuke ubwishime, buhishwe+ umuntu w’umugabo. 18  Imurinda icobo+,Ubuzima bwiwe ikaburinda ntibuhitanwe n’umwampi+. 19  Arakangirwa n’ububabare ku gitanda ciwe,Kandi ugutongana kw’amagufa yiwe ntigutezura. 20  Ubuzima bwiwe butuma umukate uba uwushisha+,Umutima wiwe ukagira gutyo nyene ibifungurwa biryoshe. 21  Umubiri wiwe urashira ntusubire kuboneka,Amagufa yiwe atahora aboneka akambara ubusa. 22  Yegereza icobo+,Ubuzima bwiwe bukegereza abateza urupfu. 23  Nimba hariho intumwa itumwa ku bwiwe,Umuvugizi, umwe mu gihumbi,Kugira amenyeshe umuntu ukugororoka kwiwe, 24  Iraheza ikamugirira ubutoni ikavuga iti:‘Numureke ntamanuke mu cobo+!Naronse incungu*+! 25  Umubiri wiwe nutotahare kurusha mu buto+;Nasubire mu misi y’ingoga ziwe zo mu buto+.’ 26  Azokwinginga Imana ngo ihimbarwe na we+,Azobona mu maso hayo n’akaruru k’umunezero,Na yo izosubiza ubugororotsi bwayo umuntu buntu. 27  Azoririmbira abantu ngo:‘Naracumuye+; kandi ibigororotse narabigoretse,Kandi koko si co cari ikintu kibereye kuri jewe. 28  Yarancunguye ngo sinje mu cobo+,Kandi ubuzima bwanje buzobona umuco.’ 29  Raba! Ivyo vyose Imana irabikora,Kabiri, gatatu, ikabikorera umuntu w’umugabo, 30  Kugira igarure ubuzima bwiwe ibukize icobo+,Ngo amurikirwe n’umuco w’abazima+. 31  Tega ugutwi Yobu we! Nyumviriza!Guma ucereje, nanje mbandanye kuvuga. 32  Nimba hari amajambo yo kuvuga, nunyishure;Vuga, kuko mpimbawe n’ubugororotsi bwawe. 33  Nimba ata yahari, nunyumvirize+;Guma ucereje, nanje nkwigishe ubukerebutsi.”

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.