Yobu 32:1-22
32 Nuko abo bagabo batatu bareka kwishura Yobu, kuko yari agororotse mu maso yiwe+.
2 Ariko ishavu rya Elihu mwene Barakeli Umubuzu+ wo mu muryango wa Ramu rirarurumba. Ishavu ryiwe rirurumbira Yobu kuko yavuga ko ari we agororotse aho kuvuga ko Imana ari yo igororotse+.
3 Ishavu ryiwe kandi rirurumbira bagenziwe batatu kuko batari baronse ico bishura, mugabo bagatangura kwita Imana umubisha+.
4 Kandi Elihu yari yarindiranye Yobu ijambo, kuko bamukurira mu misi+.
5 Vyakabaye kera, Elihu abona ko ata nyishu iri mu kanwa+ k’abo bagabo batatu, maze ishavu ryiwe riguma rirushiriza kururumba.
6 Elihu mwene Barakeli Umubuzu araheza atangura kwishura ati:“Ndi muto uravye imisi maze,Namwe murashaje+.Ni co gituma nasubije umugongo inyumaNgatinya kubamenyesha ubumenyi bwanje.
7 Navuze nti: ‘Imisi ni yo ikwiye kuvuga,Kandi imyaka indiri ni yo ikwiye kumenyesha ubukerebutsi+.’
8 Ni ukuri ni impwemu yo mu bantu buntuKandi ni impemu za Mushoboravyose zibaha ugutegera+.
9 Abagwije imisi gusa si bo nkerebutsi+,Eka n’abashaje vyonyene si bo batahura urubanza+.
10 Ni co gituma navuze nti: ‘Nyumviriza.Jewe nanje ngira menyekanishe ubumenyi bwanje.’
11 Raba! Narindiriye amajambo yanyu,Nagumye nteze ugutwi ivyiyumviro vyanyu+,Gushika murondeye amajambo muvuga.
12 Nagumye ndabateze yompi,None ehe nta n’umwe akangira Yobu,Habe n’umwe muri mwebwe yishura ku majambo yiwe,
13 Kugira ntimuvuge ngo: ‘Twaronse ubukerebutsi+;Imana ni yo imwirukanye, si umuntu.’
14 Ko ata majambo yatondetse yo kuntera,Amajambo yanyu si yo rero nkoresha mu kumwishura.
15 Batekewe n’ubwoba, ntibongeye kwishura;Amajambo yabakamanye.
16 Nanje narindiriye, kuko batabandanya kuvuga;Kuko bahagaze, ntibongere kwishura.
17 Jewe nanje ngira ntange uruhara rwanje mu kwishura;Jewe nanje ngira menyekanishe ubumenyi bwanje;
18 Kuko nsigaye nuzuye amajambo;Impwemu irandembeje+ mu nda.
19 Raba! Inda yanje imeze nk’umuvinyu utagira ihemero;Igira iturike nk’imikuza y’inshato mishasha+.
20 Reka mvuge, binduhurire.Ngira nteranure iminwa yanje, nishure+.
21 Sinkagire nkunzi ku muntu+;Kandi umuntu yakuwe mw’ivu sindamuha izina ry’icubahiro+;
22 Kuko vy’ukuri ntazi ingene notanga izina ry’icubahiro;Uwampinguye+ yonkuraho bitagoranye.