Yobu 31:1-40

31  “Nagiranye isezerano n’amaso yanje+.None noshobora nte gushinga ijisho umwigeme w’isugi+?   None ni umugabane ki uva ku Mana hejuru+,Canke intoranwa iva kuri Mushoboravyose iyo hejuru?   Mbega ntihari ivyago ku nkozi y’ikibi+,N’amagorwa ku bakora ibintu bibabaza?   Mbega ubwayo ntibona inzira zanje+Igaharura mbere n’intambuko zanje zose?   Nimba naragendanye n’abantu b’ababeshi+,Kandi ikirenge canje kikaba cihutira ivy’ububeshi+,   Izompima ku munzane utabesha+Kandi Imana izomenya ugutungana kwanje+.   Nimba intambuko yanje ikevya igata inzira+,Canke umutima wanje ukaba wapfuye gukurikira amaso yanje+,Canke hakaba hari agahonzi kamase ku biganza vyanje+,   Nimbibe imbuto uwundi arye+,N’abamuka kuri jewe baranduranwe n’imizi.   Nimba umutima wanje wakwegakwegewe ku mugore+,Kandi nkaguma mbunze+ ku bwinjiriro bwa mugenzanje, 10  Umugore wanje nasyere uwundi mugabo,Kandi abandi bagabo nibamupfukameko+. 11  Kuko ivyo vyoba ari ubushirasoni*,Kandi iryo ryoba ari ikosa ryo kurabwa n’abacamanza+. 12  Kuko ari umuriro woyigiza gushika mu gatikizo+,Kandi woshora imizi mu mwimbu wanje wose. 13  Nimba nahora nanka urubanza rw’umushumba wanjeCanke rw’umushumbakazi wanje mu mburano dufitaniye, 14  None nokora iki Imana ihagurutse?Hamwe yombaza, noyishura iki+? 15  Mbega Uwambumbiye mu nda si we yamubumvye na we+,Mbega uwaduteguriye mu gitereko si umwe rudende? 16  Nimba nahora nankira abantu batobato ikibahimbara+,N’amaso y’umupfakazi ngatuma agwabira+, 17  Kandi nkaba nahora ndya jenyene ikimanyu canje c’umukate+,Mugabo impfuvyi* ntikiryeko 18  (Kuko kuva mu buto bwanje kakuriye iruhande yanje ndi nka se,Kandi kuva mvuye mu nda ya mama nkaba naguma nyobora uyo mupfakazi); 19  Nimba nahora mbona uwishwe n’ukubura agahuzu+,Canke ko umworo atagira ico yipfuka; 20  Nimba ikiyunguyungu ciwe kitampezagira+,Canke akaba atisusurukije n’ubwoya bukemuye+ bw’impfizi z’intama zanje zikiri nto; 21  Nimba narazungagije ukuboko kwanje ngo nkubite impfuvyi+,Kandi mbona mw’irembo uwukeneye imfashanyo yanje+, 22  Ibega ryanje niritibuke rikondoke ku rutugu rwaryo,N’ukuboko kwanje nikuvunike gutane n’igufa ryakwo ryo hejuru. 23  Kuko icago kiva ku Mana cantera ubwoba,Kandi sinshobore guhangara iteka ryayo+. 24  Nimba nagize inzahabu umwizero wanje,Canke nkabwira inzahabu nti: ‘Ni wewe mizero yanje+!’ 25  Nimba nahora nezerwa n’uko ivyo ntunze ari vyinshi+,Be n’uko ukuboko kwanje kwaronse ibintu vyinshi+; 26  Nimba nahora mbona umuco iyo urabije,Canke ukwezi kw’agaciro kuriko kuragenda+, 27  Maze umutima wanje ugatangura gukwegakwegwa mu mpisho+N’ukuboko kwanje kugatangura gusoma umunwa wanje, 28  Iryo na ryo nyene ryobaye ari ikosa ryo kurabwa n’abacamanza,Kuko nari kuba nihakanye Imana y’ukuri yo hejuru. 29  Nimba nahora nezererwa ukuzimangana kw’uwunyanka urunuka+,Canke nkaryoherwa n’uko ikibi camuronse . . . 30  Kandi sinemereye amagage yanje gucumuraMu gusaba indahiro yo gukuraho ubuzima bwiwe+. 31  Nimba abantu bo mw’ihema ryanje batavuze ngo:‘Ni nde yozana umuntu atahagijwe n’ibifungurwa vyiwe+?’ . . . 32  Nta kavamahanga yarara hanze+;Imiryango yanje naguma ndayugururiye abahita. 33  Nka kurya kw’umuntu yakuwe mw’ivu, nimba napfutse ibigabitanyo vyanje+Mu kunyegeza ikosa ryanje mu mupfuko w’ishati yanje . . . 34  Kuko naranduka umutima mbonye isinzi rinini,Canke agakengerwe k’imiryango kakantera ubwobaNkaguma ncereje, sinsohoke ngo ndenge ubwinjiriro. 35  Ese iyaba nari mfise uwunyumviriza+,Mushoboravyose akanyishura+ yisunze igikumu canje!Canke uwo dufitaniye imburano akaba yanditse urwandiko! 36  Ni ukuri, norwikoreye ku rutugu;Norwiboheyeko nk’urugori rw’agahambaye. 37  Igitigiri c’intambuko zanje nokimubwiye+;Nomwegereye nk’indongozi. 38  Nimba ubutaka bwanje bwite bwaratabaza bundega,N’imirongo yabwo y’ubusizi ikaririra hamwe; 39  Nimba narariye ivyamwa vyabwo ata mahera+,Na benevyo ngatuma bahezagirika+, 40  Mu kibanza c’ingano nihamere icatsi c’amahwa+,Mu kibanza ca sayiri* na ho ivyatsi binuka.”Amajambo ya Yobu ararangiye.

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.
Ijambo ku rindi ni “agahungu katagira se.”
“Sayiri” ni igiterwa kimeze nk’ingano.