Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yobu 29:1-25

29  Yobu yongera kuvuga ijambo ryiwe ry’akagani ati:   “Ese iyo mba meze nko mu mezi* ya kera+,Nko muri ya misi Imana yandinda+;   Igihe yatuma itara ryayo ryakira ku mutwe wanje,Igihe naca mu mwiza murikiwe n’umuco wayo+;   Nk’uko nari meze mu misi naritera nkarisama+,Igihe ubugenzi somambike n’Imana bwari mw’ihema ryanje+;   Igihe Mushoboravyose yari akiri kumwe nanje,Igihe abasuku banje bari bankikije hose!   Igihe noza intambuko zanje mu masoro,Igitandara na co kikaguma kincuncuburira imigezi y’amavuta+;   Igihe nasohoka kw’irembo iruhande y’igisagara+,Ngategura icicaro canje mu kibanza ca bose+!   Uduhungu twarambona tukinyegeza,Mbere n’abasaza barahaguruka, bakaguma bahagaze+.   Abaganwa ubwabo baratangīra amajambo,Bagashira ukuboko ku munwa+. 10  Ijwi ry’indongozi ryarinyegeza,Ururimi rwabo rukamata mu magage+. 11  Kuko, ugutwi kwarumviriza kukanyita umuhirwe,N’ijisho ryarabona rikanshingira intahe. 12  Kuko natabara umurushwa atabaza+,Impfuvyi* n’uwundi wese atagira gifasha+. 13  Umuhezagiro+ w’uwugira acikane waraza kuri jewe,Kandi umutima w’umupfakazi narawunezereza+. 14  Narambara ubugororotsi, na bwo bukanyambika+.Ubutungane bwanje bwari bumeze nk’umwitero utagira amaboko, mbere nk’igitambara co mu mutwe. 15  Nabera amaso impumyi+,Nkabera n’ibirenge uwucumbagira. 16  Nari se nyawe w’aboro+;Urubanza rw’uwo ntazi, nararwihweza+. 17  Naravunagura imibangabanga y’inkozi y’ikibi+,Ngashikura mu menyo yayo ico yacakiye. 18  Nahora mvuga nti: ‘Nzocikanira+ mu cari canje,Nzogwiza imisi yanje nk’udutete tw’umusenyi+. 19  Umuzi wanje wugururiwe amazi+,Kandi ikime kizomara ijoro ryose kw’ishami ryanje. 20  Ubuninahazwa bwanje buguma butotahaye kuri jewe,Kandi umuheto wanje mu kuboko kwanje uzorasa wisubiriza.’ 21  Baranyumviriza; bararindira,Bakaguma bacereje barindiriye impanuro yanje+. 22  Inyuma y’ijambo ryanje ntibongera kuvuga,Ijambo ryanje rigatonyangira kuri bo+. 23  Barandindira nk’uko barindira imvura+,Akanwa kabo bakagatabururira imvura y’impeshi+. 24  Narabatwengera, na bo ntibavyemere,Umuco wo mu maso hanje+ ntibawuterera hasi. 25  Narabahitiramwo inzira, nkicara nk’umukuru;Nari mbayeho nk’umwami mu ngabo ziwe+,Nk’uwuhoza abagandaye+.

Amakuru yiyongereye

Ni amezi aharurirwa ku mboneko.
Ijambo ku rindi ni “agahungu katagira se.”