Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yobu 28:1-28

28  “Ni ukuri, ifeza hariho ikibanza bazisangamwoHakabaho n’ikibanza c’inzahabu batyorora+;   Icuma bagikura mu mukungugu+Umujumpu na wo ugashongeshwa mw’ibuye.   Yashize iherezo ku mwiza;Ashika ku mpera zose aserangura arondera+Ibuye mu muzimagiza no mu gitutu kizitanye.   Yimvye urunogo kure y’aho abantu baba ari ba kavamahanga+,Ahantu hibagiwe, kure y’ikirenge;Bamwe mu bantu buntu, bamanutse bayumbayumba, baracundeba.   Isi na yo, ni yo ibifungurwa bisokorokamwo+;Ariko munsi yayo, isebagizwa nk’aho isebagijwe n’umuriro.   Amabuye yayo ni yo kibanza ca safiro+,Kandi itekeye umukungugu w’inzahabu.   Uwo munyuro, nta nyoni ihiga+ yawumenye,Eka n’ijisho ry’ikinyamwanira cirabura+ ntiryawubonye.   Ibikoko bikakaye ntivyawuhonyanze;Intambwe y’umukangara ntiyawuciyemwo.   Yaramvuriye ukuboko kwiwe kw’ibuye ry’isare;Yatembagaje imisozi ahereye mu mizi yayo; 10  Yimvye mu bitandara imiserege itwara amazi+,Kandi ibintu vyose vy’agaciro ijisho ryiwe ryarabibonye. 11  Ahantu inzuzi zatemba ziva yarahagomeye+,Ikintu gihishijwe akakizana ku muco. 12  Ariko ubukerebutsi ga yemwe, umuntu yobusanga hehe+?Ahantu ugutegera kuba ni hehe? 13  Umuntu buntu ntiyamenye agaciro kabwo+,Kandi ntibuboneka mu gihugu c’abazima. 14  Inyenga y’amazi yavuze iti:‘Ntiburi muri jewe!’Ikiyaga na co nyene giti: ‘Ntiburi iwanje+!’ 15  Ntibwokabwa inzahabu itavanze+,N’ifeza ntizopimwa ngo zibe ikiguzi cabwo. 16  Ntibworihwa inzahabu y’i Ofiri+,Canke ibuye rya onigisi ry’imbonekarimwe na safiro. 17  Inzahabu n’ikiyo ntivyogereranywa na bwo,Nta n’icombo c’inzahabu ityoroye bwokabwa. 18  Ibuye ry’agaciro ryitwa korali+ n’irya kirisitalo yoyo ntiyovugwa,Ariko isaho yuzuye ubukerebutsi irusha agaciro iyuzuye imaragarita+. 19  Ibuye rya topazi+ ry’i Kushi ntiryogereranywa na bwo;Mbere ntibworihwa inzahabu mu butyoroke bwayo. 20  Ariko ubukerebutsi ga yemwe, buturuka hehe+?None ahantu ugutegera kuba ni hehe? 21  Bwanyegejwe amaso y’umuntu wese muzima+,N’ibiremwa biguruka vyo mu kirere vyarabuhishijwe. 22  Agatikizo n’urupfu vyavuze biti:‘Inkuru yabwo twayumvise ku matwi gusa.’ 23  Imana ni yo yatahuye inzira yabwo+,Kandi ubwayo ni yo yamenye ikibanza cabwo. 24  Kuko ubwayo iraba gushika ku mpera z’isi+;Munsi y’amajuru uko yakabaye irahabona, 25  Kugira ishingire umuyaga+ uburemere,Mu gihe amazi yayahaye urupimo ku rugero+; 26  Igihe yashingira imvura ingingo nyobozi+,Igashingira inzira igicu c’ikirura gituragara, 27  Ni ho yabona ubukerebutsi, igatangura kuyaga ivyabwo;Yarabuteguye yongera irabuserangura. 28  Ni ko kubwira umuntu iti:‘Raba! Ugutinya Yehova, ubwo ni bwo bukerebutsi+,Kandi guca kure ikibi ni kwo gutegera+.’”

Amakuru yiyongereye