Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yobu 27:1-23

27  Yobu yongera kuvuga ijambo ryiwe ry’akagani+, ati:   “Ndahiye ukubaho kw’Imana+, yo yandiriye urubanza+,Kandi ndahiye ukubaho kwa Mushoboravyose, we yatumye umutima wanje udundumirwa+,   Umwanya impemu zanje zikiri zose muri jewe,N’impwemu y’Imana ikaba iri mu mazuru yanje+,   Iminwa yanje nta bitagororotse izovugaN’ururimi rwanje nta buhendanyi ruzovugira mu ntamatama!   Ni ibitokwiyumvirwa kuri jewe ko mwebwe nobita abagororotsi+!Gushika ncikanye, sinzokwiyambura ugutungana kwanje+!   Nagumije ugutungana kwanje, kandi sinzokurekura+;Umutima wanje ntuzoncokora ku bw’umusi n’umwe mu misi yanje+.   Umwansi wanje mu buryo bwose nacike umubisha+,N’uwungarariza acike vy’ukuri inkozi y’ikibi.   Kuko, mbega icizigiro c’umuhuni ni iki mu gihe imuranduye+,Mu gihe Imana imwatse ubuzima+?   Mbega Imana izokwumva amaborogo yiweMu gihe amarushwa aje kuri we+? 10  Canke azososerwa na Mushoboravyose?Azotakambira Imana ibihe vyose? 11  Nzobigisha biciye ku kuboko kw’Imana;Ivya Mushoboravyose sinzobinyegeza+. 12  Raba! Mwebwe mwese ubwanyu mwareretswe ibintu;Kuki none mwerekana ko muri imburakimazi nsa+? 13  Uyo ni wo muturi umuntu w’umubisha ahabwa n’Imana+;Kandi intoranwa y’intwazamukazo zizoyihabwa na Mushoboravyose ubwiwe. 14  Iyo abana biwe bagwiriye, bagwirira inkota+;Abamwamukako ubwabo ntibazogira ibifungurwa bihagije. 15  Abarokotse biwe bazohambwa mu gihe c’ikiza cica,N’abapfakazi babo ntibazorira+. 16  Naho yorundanya ifeza nk’umukungugu,Agategura ivyambarwa nk’ibumba, 17  Yotegura, mugabo umugororotsi ni we yokwambara+,Kandi ifeza, intungane ni yo yoyironkako umuturi. 18  Yubatse inzu yiwe nk’umuswa w’umuswa,Nk’agasago+ inderetsi yazingaguye. 19  Azoryama ari umutunzi, ariko nta kizokwegeranywa;Azokanura, ariko nta kizoba kihari+. 20  Ibica ivutu bukwi na bukwi bizomuhamvya+;Mw’ijoro umuyaga w’ikirura uzomunyuruza. 21  Umuyaga wo mu buseruko uzomukubeba+, yigire,Uzomuvumbura mu gashururu ave ahantu hiwe+. 22  Uzokwisuka kuri we ata mpuhwe+;Azogerageza koko guhunga ububasha bwawo+. 23  Bazokubita amashi ku yandi+ bamuhema,Bamuvugirize agahwa+ ahantu hiwe.

Amakuru yiyongereye