Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yobu 26:1-14

26  Yobu arishura ati:   “Ewe kuntu ufashije cane uwutagira inguvu!Ewe kuntu ukijije ukuboko kutagira inkomezi+!   Ewe kuntu ugiriye inama uwutagira ubukerebutsi+,Ukamenyesha ubukerebutsi ngirakamaro abantu indiri!   Ni nde ubwiye amajambo,Ni impemu za nde zikuvuyemwo?   Barya ata co bashoboye mu rupfu baguma bajugumiraMunsi y’amazi n’ababa muri yo+.   Ukuzimu kuri amenya imbere yayo+,N’ikibanza c’agatikizo nta murumyo kigira.   Iramvurira uburaruko mu kirere+,Isi iyeneneka ku busa;   Itekera amazi mu bicu vyayo+,Ku buryo ibicu bidasaduka kubera uburemere bwayo;   Itwikira mu maso h’intebe y’ubwami,Igasanza kuri yo igicu cayo+. 10  Yaciye umuzingi ku buringanire bw’amazi+,Gushika aho umuco n’umwiza vyigaburira. 11  Inkingi z’ijuru ubwazo ziranyiganyiga,Zikumizwa n’uguhambara kwayo. 12  Izīkuruza ikiyaga inguvu zayo+,Ikamenaguza+ ikirandaguzi+ ugutegera kwayo. 13  Yasenasenye ijuru biciye ku muyaga wayo+,Ukuboko kwayo kwacumise ya nzoka inyerera+. 14  Raba! Utwo ni udusunwa tw’inzira zayo+,Vyongeye, ese ingene ivyo twumva ku biyerekeye ari utwongoshwe gusa!Ariko umuturagaro wayo ukomeye, ni nde yokwerekana ko awutegera+?”

Amakuru yiyongereye