Yobu 24:1-25
24 “Kuki Mushoboravyose ubwiwe atashinze ibihe+,N’abamuzi nyene ntibabone imisi yiwe+?
2 Hari abigiza inyuma uturimbi+;Barasahuye ubusho, ngo baburagire.
3 Bashorera indogobwa y’ingabo yegukira impfuvyi*;Bafata ishūri y’umupfakazi bwa ngwati+.
4 Bahindira aboro hirya y’inzira+;Ico gihe nyene abarushwa bo kw’isi bakaguma binyegeje.
5 Raba! Nka kurya kw’imparage+ mu gahinga,Bagiye ku gikorwa cabo, barondera ibifungurwa.Ikiyaya c’ubugaragwa giha umwe wese umukate w’abana.
6 Bimbura indya zayo mw’ishamba,Banyaga ningoga na ningoga umurima w’imizabibu w’umubisha.
7 Bamara ijoro bari gusa, ata gahuzu+,Ata co kwipfuka na kimwe mu gikonyozi+.
8 Imvura y’igihuhusi yo mu misozi irabajobeka,Kandi kubera ata bwugamo+, babwirizwa guhobera igitandara.
9 Bashikura kw’ibere impfuvyi+,Kandi ico umurushwa yambaye baragitwara bwa ngwati+.
10 Babwirizwa kuyerera bari gusa, ata gahuzu,No kwikorera amahundo yasoromwe, bashonje+.
11 Bamara umutaga hagati y’ibihome vy’imikobeko;Babwirizwa kuganisha ibirenge mu nganiro z’umuvinyu, ariko bakicwa n’inyota+.
12 Abari ku mpfiro baguma banihira mu gisagara,Abakomeretse bimwe vyica na bo bagatabaza+;Kandi Imana ubwayo ntibibona nk’ikintu kitabereye+.
13 Ariko bo, bari mu bagarariza umuco+;Ntibamenye inzira zawo,Kandi ntibabaye mu mabarabara yawo.
14 Ku murango umwicanyi arahaguruka,Akagandagura umurushwa n’umworo+;Mw’ijoro na ho acika igisuma nyaco+.
15 Nayo ijisho ry’uwurenga ibigo+, rirereka agahwibi+,Akavuga ngo: ‘Nta jisho rimbona+!’Akipfuka ikintu mu maso.
16 Mu mwiza arimba amazu;Ku murango babwirizwa kuguma biyugaranye.Ntibazi umuco w’umurango+.
17 Kuko kuri bo igitondo ari cokimwe n’igitutu kizitanye+,Kuko bazi ibica ivutu bukwi na bukwi vy’igitutu kizitanye ivyo ari vyo.
18 Aranyaruka ku buringanire bw’amazi.Igice cabo c’itongo kizovumwa mw’isi+.Ntazohindukira agana inzira ija ku mirima y’imizabibu.
19 Uruzuba, n’ubushuhe nyene, binyahura amazi ya shelegi;Ni ko n’ukuzimu kugira abacumuye+!
20 Igitereko kizomwibagira, urunyo ruzomunugubira+,Ntazokwongera kwibukwa+.Kandi ukutagororoka kuzovunwa nk’igiti+.
21 Agiranira imigenderanire n’umugore w’ingumba atavyara,Akayigirana kandi n’umupfakazi+, uwo adakorera iciza na kimwe.
22 Azokwegesha ububasha bwiwe abakomeye;Azohaguruka ariko yamanire impungenge ubuzima bwiwe.
23 Izomuha gushira umutima mu nda+ kugira yishigikire;Kandi amaso yayo azoba ku nzira zabo+.
24 Baduga hejuru akanya gatoyi, maze ntibabe bakiriho+,Baracishwa bugufi+; bamyozwa nk’abandi bose,Bagacacurwa nk’ihundo ry’intete.
25 None vy’ukuri, ni nde azonyemeza ko ndi umubeshiCanke ngo ijambo ryanje arihindure ubusa?”
Amakuru yiyongereye
^ Ijambo ku rindi ni “uduhungu tutagira se.”