Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yobu 23:1-17

23  Yobu arishura ati:   “N’uno musi ikindaje ishinga+ ni ubugarariji; Ukuboko kwanje kuraremereye kubera ukuniha kwanje.   Ese iyaba nari nzi aho noyisanga+! Noshitse no mu kibanza ntabanduka cayo+.   Noshikirije urubanza imbere yayo, N’akanwa kanje nokujuje ivyiyumviro bibeshuza;   Nomenye amajambo inyishura, Kandi norimbuye ivyo imbwira+.   Mbega yonigana nanje ikoresheje ubwinshi bw’ububasha? Oya nawe nu! Ni ukuri ubwayo yonyumviriza+.   Ng’aho, umugororotsi ubwiwe ntazobura kwikiranura na yo, Nanje nokwigira amahoro ibihe bidahera nkava mu vyara vy’umucamanza wanje.   Raba! Nja mu buseruko, ngasanga si yo iri; Nagaruka na ho, sindayimenye+;   Nja ibubamfu aho ikorera, sindayikubite ijisho; Ikebereza iburyo, sindayibone. 10  Kuko izi neza inzira mfata+. Niyamara kungeza, nzosohoka ndi nk’inzahabu+. 11  Intambuko zayo ikirenge canje carazigumije; Inzira yayo narayigumije, sinkevya+. 12  Kw’ibwirizwa ry’iminwa yayo simvako+. Nabitse muri ntibate amajambo y’akanwa kayo+, ndenza ivyo nashingiwe. 13  Iciyumviro ifise ni kimwe, none ni nde yohangana na yo+? Umutima wayo urafise icipfuzo, kandi izogishitsa+. 14  Kuko izoshitsa neza ivyo nashingiwe+, Kandi ibintu mwene ivyo ni vyinshi iwayo. 15  Ni co gituma mpagarika umutima kubera yo; Ndazirikana ivyayo, ikantera ubwoba+. 16  Mbere Imana ubwayo yatumye umutima wanje usha coba+, Kandi Mushoboravyose ubwiwe ampagaritse umutima+. 17  Kuko ntanumijwe kubera umwiza, Canke kubera umuzimagiza umpfutse mu maso.

Amakuru yiyongereye