Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yobu 22:1-30

22  Elifazi Umutemani arishura ati:   “Mbega umuntu w’umugabo yogira ico amariye Imana+, Ngo uwufise ugutahura kwimbitse agire ico amaze kuri yo?   Hari agahimbare Mushoboravyose agira ngo ni uko ugororotse+, Canke hari inyungu ahakura ngo ni uko urinda inzira yawe umugayo+?   Mbega azogukangira ku bw’ugutinya Imana kwawe, Mbega azozanana nawe mu ntahe+?   Mbega ububi bwawe ntibumaze kurenga urugero+, Canke amakosa yawe ntazogira iherezo?   Kuko utwara ingwati bene wanyu ata mpamvu+, Ukambura n’impuzu abagenda gusa.   Uwurushe ntumuha utuzi two kunywa, N’uwushonje ntumunutsa umukate+.   Nayo umuntu w’inkomezi, igihugu ni rwiwe+, Kandi uwugirirwa nkunzi ni we akibamwo.   Abapfakazi wabarungitse iminwe misa, Amaboko y’impfuvyi* arajanjagurwa+. 10  Ni co gituma imitego y’inyoni igukikuje hose+, N’ubwoba bw’agacavutu bukaguhagarika umutima; 11  Canke umwiza, ku buryo udashobora kubona, N’amazi y’agasenga asuriranya akagupfuka. 12  Mbega Imana ntiri hejuru nk’ijuru+? Shaka urabe n’igitigiri cose hamwe c’inyenyeri+, ubone ingene ziri hejuru. 13  Yamara wavuze ngo: ‘Imana izi iki vy’ukuri? Yoca urubanza icishije mu muzimagiza w’umuzitanya? 14  Ibicu ni ubwihisho bwayo ku buryo itabona, Kandi ku muheto w’ijuru ni ho igendagendera.’ 15  Mbega uzoguma wumiye ku nzira ya kera, Iyo abantu bakora ikibi bahonyoyemwo, 16  Abakuweho igihe cabo kitaragera+, Umushinge+ wabo ugasabagira nk’uruzi, 17  Ababwira Imana y’ukuri ngo: ‘Tuveko+! Mbega Mushoboravyose yotugira iki?’ 18  Yamara ni we yujuje amazu yabo ivyiza+; Kandi impanuro y’ababisha yagumye kure yanje+. 19  Abagororotsi bazobibona banezerwe+, Intungane na yo izobatwengera mw’ijigo iti: 20  ‘Vy’ukuri abaturwanya bazimanganijwe; N’ibisigarira vyabo umuriro uzobirigata.’ 21  Ndakwinginze umenyane na we, wibere amahoro; Ni ho ivyiza bizoza iwawe. 22  Ndakwinginze wakire itegeko mu kanwa kiwe, Ushire amajambo yiwe mu mutima wawe+. 23  Niwagaruka kuri Mushoboravyose+, uzokwubakwa; Niwagumiza ibitagororotse kure y’ihema ryawe, 24  Ubutare bw’agaciro nibwashirwa mu mukungugu N’inzahabu y’i Ofiri+ igashirwa mu gitandara co mu myonga, 25  Mushoboravyose rero azokubera ubutare bw’agaciro, Akubere n’ifeza, zimwe nzizanziza+. 26  Kuko ari ho Mushoboravyose azogusosera+, Kandi uzoraramurira amaso Imana ubwayo+. 27  Uzoyinginga, na yo ikwumve+; Indagano zawe uzozishitsa+. 28  Uzofata ingingo y’ikintu, irame; Kandi umuco uzokayanganira ku nzira zawe+. 29  Kuko habwirizwa kuba agateterwe niwavugana akagaye+; Ariko uw’amaso yiyunamiye ni we izokiza+. 30  Izotabara umuntu w’intungane+, Kandi uzotabarwa koko ku bw’ukudahumana kw’ibiganza vyawe+.”

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “uduhungu tutagira se.”