Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yobu 21:1-34

21  Yobu arishura ati:   “Umviriza ijambo ryanje mwitonze,Bibabere ukwirurwa.   Nimunyihanganire, nanje mvuge+;Ninaheza kuvuga, umwe wese muri mwebwe abone gutwengera mw’ijigo.   Nayo jewe, mbega amaganya yanje aturwa umuntu?Canke ni kuki umutima wanje biwukundira kwihangana?   Nimuhindukirire iyo ndi mundabe mwumiwe,Mushire ukuboko ku munwa+.   Iyo ndavyibutse, nca mpagarika umutima,Inyama zanje zigahinda agashitsi.   Kuki ababisha babandanya kubaho+,Bagasaza, kandi bakaminuza mu butunzi+?   Uruvyaro rwabo rurashimangiye iruhande yabo, bavyibonera,N’ababakomokako barashimangiye mu maso yabo.   Inzu zabo ni amahoro masa, ubwoba zirabaza+,Kandi inkoni y’Imana ntiri kuri bo. 10  Ishūri yiwe irimya igafatisha, ntipfisha ubusa imbuto zayo;Inka yiwe iravyara+, ntiramburura. 11  Baguma bâhura uduhungu twabo dutoyi kurya kw’umukuku,Abana babo b’abahungu bakikina amatavu. 12  Baguma bashira ijwi hejuru hariko n’akagoma n’inanga+,Bakaguma banezerewe kw’ijwi ry’umwironge. 13  Bamara imisi yabo biryohererwa+,Maze mu kanya bakamanuka mu kuzimu. 14  Babwira Imana y’ukuri bati: ‘Tuveko+!Ntitwahimbawe no kumenya inzira zawe+. 15  Mushoboravyose ni iki, ngo tumukorere+?Bitwungura iki kuba twaramwituye+?’ 16  Raba! Ukumererwa neza kwabo ntikuri mu bubasha bwabo+.Impanuro y’ababisha yagumye kure yanje+. 17  Ni kangahe itara ry’ababisha rizima+,Vyongeye, ni kangahe icago kibazako?Ni kangahe mw’ishavu ryayo itanga umugabane w’agatikizo+? 18  Boba bacika ibikumbi imbere y’umuyaga+,Bagacika kandi nk’umuguruka usahuwe n’umuyaga w’ikirura? 19  Ibintu bibabaza vy’umuntu Imana izobibikira abana biwe+;Izomuhemba ku buryo abimenya+. 20  Amaso yiwe azobona ukuyama kwiwe,Kandi azonywa ku bushangashirwe bwa Mushoboravyose+. 21  None azohimbarwa n’iki mu nzu yiwe mu nyuma ziwe,Igihe igitigiri c’amezi yiwe kizoba caciwemwo kubiri+? 22  Mbega azokwigisha Imana ubumenyi+Kandi ubwayo ari yo icira urubanza abahambaye+? 23  Uyo azopfa yikwiye rwose+,Ata co yinona namba, yitekaniye, 24  Amatako yiwe asigaye yuzuye ibinure,Umusokoro w’amagufa yiwe na wo uguma ubomvye. 25  Uwundi na we azopfa umutima wiwe udundumiwe,Atararya ku bintu vyiza+. 26  Bazoryama hamwe mu mukungugu+Inyo na zo zibiremeko nk’igipfukisho+. 27  Erega ndazi neza ivyiyumviro vyanyuN’imigambi mwokoresha mu kungirira nabi+. 28  Kuko muvuga ngo: ‘Inzu y’umunyacubahiro iri hehe,Ihema riri hehe, insago z’ababisha ziri hehe+?’ 29  Mbega ntimwabajije abagira ingendo mu mayira?Ntimusuzuma neza ibimenyetso vyabo, 30  Yuko ku musi w’ivyago umubi azigurizwa+,Ku musi w’uburake akarokorwa? 31  Ni nde azomubwira ivy’inzira yiwe amaso mu yandi+?Kandi ni nde azomuhembera ivyo we ubwiwe yakoze+? 32  Ariko we, azojanwa kw’itongo ry’abapfuye+,Maze ku mva bagume baharinze. 33  Ibinonko vyo mu mwonga bizomusosera+,Azokwegera inyuma yiwe abantu bose+,Kandi abamwitangiye imbere ntibagira igitigiri. 34  Ewe kuntu ari ivy’ubusa rero kuba mugerageza kumpoza+,N’inyishu zanyu zikaguma ari nk’ubuhemu!”

Amakuru yiyongereye