Yobu 20:1-29
20 Zofari Umunayamati asubizayo ati:
2 “Ni co gituma ivyiyumviro bidurumbanya vyanje binyishura,Kubera umudugararo wo muri jewe.
3 Numva uguhimiriza kwo kuntuka;Kandi impwemu itagira ugutegera nk’ukwo mfise ni yo insubiza.
4 Mbega ibihe vyose wamye uzi iki kintu,Kuva umuntu ashizwe kw’isi+,
5 Yuko akamo k’umunezero k’ababisha ari kagufi+Be n’uko umunezero w’umuhuni ari uw’akanya gato?
6 Naho icubahiro ciwe kiduga gushika mw’ijuru+,N’umutwe wiwe ugashikira ibicu,
7 Azimangana ibihe bidahera nk’umwanda mukuru umuvuyemwo+;Abahora bamubona bazovuga ngo: ‘Ari hehe+?’
8 Azoguruka nk’indoto, kandi ntibazomubona;Azokwirukanwa nk’iyerekwa ryo mw’ijoro+.
9 Ijisho ryamurabutswe ntirizosubira kumubona+,Kandi ahiwe ntihazokwongera kumubona+.
10 Abahungu biwe bazorondera ubutoni ku bantu batoyi,Kandi amaboko yiwe azosubiza ibintu vyiwe vy’agaciro+.
11 Amagufa yiwe yuzuye ingoga ziwe zo mu buto,Mugabo zizoryamana na we mu mukungugu+ musa.
12 Nimba ikibi gisosa mu kanwa kiwe,Nimba agishongereza munsi y’ururimi rwiwe,
13 Nimba acumvira impuhwe ntagihebe,Kandi nimba akigumiza hagati mu magage yiwe,
14 Ibifungurwa vyiwe bizohindurwa mu mara yiwe;Bizoba indurwe y’imvuvyi muri we.
15 Ubutunzi yaramize miyonzwa, ariko azobudahwa;Imana izobuhinda bumuve mu nda.
16 Azokwonka ubwayi bw’imvuvyi;Ururimi rw’imamba ruzomwica+.
17 Ntazokwigera abona imigende y’amazi+,Inzuzi z’isumo z’ubuki n’amasoro.
18 Azosubiza itunga yaronse, ntazorimira miyonzwa;Kimwe n’ubutunzi buvuye mu rucuruza rwiwe, yamara atazonezererwa+.
19 Kuko yajanjaguye, yahevye abantu batobato;Yanyaze inzu atubatse+.
20 Kuko atazogenda aronse agahengwe mu nda;Ntazorokorwa n’ibintu vyiwe vy’igikundiro+.
21 Nta kintu asigaranye co kurotsa;Ni co gituma ukumererwa neza kwiwe kutazorama.
22 Azogira amaganya kandi umukimba wiwe unihiriye+;Ububasha bwose bw’amagorwa buzoza bumugana.
23 Kugira inda yiwe yuzure,Imana nimurungikeko ishavu ryayo riturira+Irimucuncuburireko, rishike mu mara yiwe.
24 Azohunga+ ibirwanisho vy’icuma;Umuheto w’umujumpu uzomuhimbagura.
25 Umwampi uzosohokana mu mugongo wiwe,Ikirwanisho gica ibibatsi na co gisohokane mu ndurwe yiwe+;Ibintu vy’agacavutu bizogenda bimutumbereye+.
26 Umwiza wose uzobikirwa ivyo atunze;Umuriro ata wawubēvye uzomurigata+;Uwurokotse mw’ihema ryiwe bizomugendera nabi.
27 Ijuru rizopfukura ikosa ryiwe+,Isi na yo izomugarariza.
28 Imvura icuncubuka izokukumura inzu yiwe;Hazoba ibintu birindimuka ku musi w’ishavu ryayo+.
29 Uyo ni wo muturi umubisha ahabwa n’Imana+,Ni yo ntoranwa yaraganiwe n’Imana.”