Yobu 2:1-13

2  Hanyuma umusi urashika, aho abana b’Imana y’ukuri binjira guhagarara imbere ya Yehova, na Shetani nyene yinjira hagati muri bo guhagarara imbere ya Yehova+.  Maze Yehova abwira Shetani ati: “Ariko uvuye hehe?” Shetani yishura Yehova ati: “Mvuye kunyuragira mw’isi no kugendagenda muri yo+.”  Yehova yongera kubwira Shetani ati: “Mbega washize umutima wawe ku musavyi wanje Yobu+, ukabona ko ata n’umwe ameze nka we mw’isi, ko ari umuntu atagirako umugayo kandi agororotse+, atinya Imana+ kandi agaca kure ikibi+? Mbere n’ubu aracagumije ugutungana* kwiwe+, naho unshuhurira+ kuri we ngo ndamurotse ata gituma+.”  Mugabo Shetani+ yishura Yehova ati: “Urukoba rukabwa urundi, kandi ivyo umuntu afise vyose yobitanga ku bw’ubuzima bwiwe+.  Kugira bihinduke, ndakwinginze utume ukuboko kwawe, ukore gushika no kw’igufa ryiwe no ku mubiri wiwe, urabe ko atakuvuma amaso mu yandi+.”  Nuko Yehova abwira Shetani ati: “Ng’uyo ari mu kuboko kwawe! Ariko wiyubare ku buzima bwiwe!”  Shetani aca arasohoka ava imbere ya Yehova+ maze ateza Yobu ibihute bikaze+, kuva mu bworo bw’ikirenge gushika mu rutwariro.  Yobu atora urujo rwo kwikwaraguza; kandi yari yicaye mu minyota+.  Vyakabaye kera, umugore wiwe amubwira ati: “Mbega n’ubu uracagumije ugutungana kwawe+? Vuma Imana, upfe!” 10  Ariko amubwira ati: “Na wewe uvuga nk’umwe mu bagore b’imburabwenge+. None twakire ivyiza gusa ku Mana y’ukuri, ntitwakire n’ibibi na vyo+?” Muri ivyo vyose Yobu ntiyacumuye n’iminwa yiwe+. 11  Maze abagenzi batatu ba Yobu bumva ivyo vyago vyose vyari vyamushikiye, hanyuma baraza, umwe wese avuye iwe: Elifazi Umutemani+ na Biludadi Umushuhi+ na Zofari Umunayamati+. Nuko bahurira hamwe kw’isango+ ngo baze gusangira umubabaro na we bongere bamuhoze+. 12  Bararamuye amaso bari nka hariya, ntibamumenya. Bashira ijwi hejuru, bararira, umwe wese atantamura+ umwitero wiwe utagira amaboko, basūrira umukungugu mu kirere ku mitwe yabo+. 13  Baguma bicaranye+ na we hasi imisi indwi n’amajoro indwi, ntihagira n’umwe amubwira ijambo, kuko babona ko ububabare+ bwiwe bwari bwinshi cane.

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.