Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yobu 19:1-29

19  Yobu arishura ati:   “Muzogeza ryari kuguma muntera ishavu+No kuguma munjanjaguza amajambo+?   Zibaye incuro cumi mumpambarira;Nta soni mugira kumfata nabi gutyo+.   Nimba data wanje nakoze ikosa+,Ikosa ryanje ni je rizobako.   Nimba vy’ukuri mwihambaza kuri jewe+,Mukerekana ko iceyi kindiko kinkwiriye+,   Nimumenye rero yuko Imana ari yo impubishije,Ikanyugaranira mu rusenga rwayo rw’uruhigi+.   Raba! Nguma nsemerera nti: ‘Ubukazi!’ mugabo nta nyishu ndonka+;Nguma ntabaza, mugabo nta butungane+.   Umunyuro wanje yawuzibije uruhome rw’amabuye+, kandi sinshobora kurengana;Mu mabarabara yanje na ho ihashize umwiza+.   Ubuninahazwa bwanje yabunyambuye+,Inkurako urugori rw’umutwe wanje. 10  Insitura impande zose, nkigira;Irandura icizigiro canje nk’igiti. 11  Ishavu ryayo na ryo nyene rirandurumbira+,Kandi iguma imfata nk’umurwanizi wayo. 12  Abasirikare bayo baza ari urunani bakaringaniza inzira yabo ngo bandwanye+,Bagakambika hirya no hino y’ihema ryanje. 13  Bene wacu ibashize kure yanje+,Abari banzi na bo barakevya, baranta. 14  Abagenzi somambike banje ntibakiriho+,Abo nari nzi na bo banyibagiye, 15  Ababayeho ari ba kavamahanga mu nzu yanje+; abashumbakazi banje bamfata nk’uw’ahandi;Nsigaye ndi umunyamahanga nyawe mu maso yabo. 16  Mpamagaye umusavyi wanje, ariko ntiyitaba.Nguma ndamutakambira n’akanwa kanje ngo angirire impuhwe. 17  Impemu zanje zisigaye zishisha umugore wanje+,Nsigaye nukira bene mama. 18  N’uduhungu dutoyi twantaye nk’akanuka+;Mpfa guhaguruka, tugatangura kuntuka. 19  Abo mu mugwi w’abagenzi banje somambike bose banyanka urunuka+,Abo nakunda na bo bampindutse+. 20  Amagufa yanje yumiye ku rukoba rwanje no ku nyama zanje+,Mpunganye urukoba rw’amenyo yanje. 21  Nyumvira impuhwe na nkeyi, nyumvira impuhwe na nkeyi, emwe bagenzi+,Kuko ukuboko kw’Imana kunkozeko+. 22  Kuki muguma mumpama nk’uko Imana impama+,Ntimuhazwe n’inyama zanje? 23  Ese iyaba amajambo yanje yokwanditswe!Ese iyaba yokwanditswe mu gitabu! 24  Ese iyaba yokorogoshowe mu gitandara ibihe bidahera,N’agasáruzo k’icuma+ n’ubutare bw’isǎsu! 25  Kandi jewe ndazi neza ko umucunguzi wanje+ ari muzima,Kandi ko niyaza mu nyuma zanje azohagarara+ ku mukungugu. 26  Kandi mu nyuma y’urukoba rwanje, urwo bashishuye,—⁠ibi!Naho inyama zanje zoba zampezeko, nzokwitegereza Imana, 27  Iyo mbere nzokwitegereza ku bwanje+,N’amaso yanje akayibona koko, mugabo uw’ahandi ntazoyibona.Amafyigo yanje yagwabiye ibwina muri jewe. 28  Kuko muvuga ngo: ‘Tuguma tumuhamira iki+?’Kandi umuzi w’ingorane uri muri jewe. 29  Nimutinyire ubuzima bwanyu kubera inkota+,Kuko inkota isigura ugushangashirwa kubera amakosa,Kugira mumenye ko hariho umucamanza+.”

Amakuru yiyongereye