Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yobu 18:1-21

18  Biludadi Umushuhi arishura ati:   “Aho mwahereye, muzoreka kuvuga ryari? Mwari mukwiye gutahura, tukabona kuvuga.   Kuki twofatwa nk’ibikoko+ Tukabonwa nk’abahumanye mu maso yanyu?   Yitabagura yashavuye. Ugira ngo isi izohebwa ku bwawe, Canke igitandara cimuke kive ahaco?   Mbere n’umuco w’ababisha uzozima+ Kandi isase ry’umuriro wiwe ntirizokayangana.   Umuco uzocura umwiza koko mw’ihema ryiwe+, Kandi muri ryo itara ryiwe rizozima.   Intambuko ziwe z’inguvu zizokwaga. Mbere n’impanuro yiwe izomwiyama+.   Kuko bazomureka ibirenge vyiwe bikamujana mu rusenga, Akagendagenda ku rusenga+.   Umutego uzomucakira ku gitsintsiri+; Umushibuka+ uguma umufashe. 10  Umugozi umugenewe unyegejwe mw’ivu, Umutego umugenewe na wo mu munyuro wiwe. 11  Irya n’ino, ibica ivutu bukwi na bukwi biramuranduye umutima+, Kandi koko bimwomye inyuma ku birenge vyiwe. 12  Ingoga ziwe zicwa n’ikigoyi. Icago+ na co kigabirije gutuma acumbagira. 13  Kizorya ibipande vy’urukoba rwiwe; Imfura y’urupfu izomurya amaboko n’amaguru. 14  Umwizero wiwe uzorandurwa mw’ihema ryiwe+ Bizomushorera bimujane ku mwami w’ibica ivutu. 15  Mw’ihema ryiwe hazoba ibitari rwiwe; Amazuku+ azosanzagizwa ku buraro bwiwe. 16  Imizi yiwe izokwumira mu kuzimu+, Ishami ryiwe na ryo rikabiranire hejuru. 17  Emwe, ntazosubira kuvugwa kw’isi+, Kandi nta zina azogira mw’ibarabara. 18  Bazomuhinda ave mu muco aje mu mwiza, Kandi bazomwirukana ku butaka bwimbuka. 19  Nta muryango canke uruvyaro azogira mu b’iwabo+, Kandi nta wuzorokoka aho abaye ari kavamahanga. 20  Abo mu burengero bazoraba umusi wiwe bumiwe, Mbere n’abo mu buseruko bazohinda agashitsi. 21  Emwe, ayo ni yo mataberenakulo y’inkozi y’ikibi, Kandi ico ni co kibanza c’uwutamenye Imana.”

Amakuru yiyongereye