Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yobu 17:1-16

17  “Impwemu yanje iracitse+, imisi yanje irazimye;Itongo ry’abapfuye ni je rigenewe+.   Ncitse agatwengo vy’ukuri+,Kandi mu bugarariji bwabo ni ho ijisho ryanje ryatse indaro.   Ndakwinginze ushire ingwati yanje iwawe+.Ni nde wundi twohana ukuboko+ ngo anyishinge?   Kuko wugaye umutima wabo ngo ntugire ukwiyubara+.Ni co gituma utabashira hejuru.   Azobwira abagenzi gutora imituri yabo,Mugabo amaso y’abahungu biwe azogwabira+.   Yangize iciro ry’umugani+ ku bisata vy’abantu,Ku buryo nsigaye ndi uwo gucirwa mu maso+.   Ijisho ryanje ritera ribona ivyijiji kubera umwikomo+,Ibihimba vyanje vyose na vyo bimeze nk’igitutu.   Abagororotse barabiraba bumiwe,Mbere n’intungane igashegeshwa kubera umuhuni.   Umugororotsi aguma agumije inzira yiwe+,N’uw’iminwe idahumanye+ aguma yongerekana mu nkomezi+. 10  Ariko mwese mwoshobora gutangura. Jako, ndabinginze,Kuko ata nkerebutsi mbona muri mwebwe+. 11  Imisi yanje irarenganye+, imigambi yanje iratekurutse+,Ni yo vyipfuzo vy’umutima wanje. 12  Ijoro baguma barishira mu kibanza c’umurango+, ngo:‘Umuco uri hafi kuza kuko hari umwiza.’ 13  Ninaguma ndindiriye, ukuzimu ni kwo nzu yanje+;Mu mwiza+ ni ho nsasa uburiri bwanje. 14  Nzosemerera mbwira icobo+ nti: ‘Ni wewe dawe!’N’urunyo+ nti: ‘Ni wewe mawe na mushikanje!’ 15  None se ivyizigiro vyanje biri hehe+?Kandi ivyizigiro vyanje, ni nde abibona? 16  Bizomanuka bije ku bihindizo vy’ukuzimu,Igihe twese hamwe tuzotegerezwa kumanuka mu mukungugu+.”

Amakuru yiyongereye