Yobu 16:1-22
16 Yobu arishura ati:
2 “Numvise vyinshi nk’ivyo.Mwese muri abahoza batera umubabaro+!
3 Burya amajambo y’umuyaga+ aragira iherezo?Canke ubabajwe n’iki, ku buryo unyishura?
4 Na jewe nari gushobora kuvuga nkamwe.Iyaba mwari aho ndi,Ubwo nari kugwiza amajambo ndabanegura+,Nkabazungiriza umutwe+?
5 Nari kubakomeza n’amajambo y’akanwa kanje+,Kandi ukwirura kw’iminwa yanje kwotururuje . . .
6 Mvuze, umubabaro wanje ntutururuzwa+,Ndetse na ho, ikigabanuka kuri jewe ni igiki?
7 Ni uko gusa ubu yatumye ndambirwa+;Yatumye abakoranira hamwe nanje bose basigara bifumbereje.
8 Kandi urancakiye. Bibaye icabona+,Ku buryo ukunanuka kwanje kumpagurukira. Kurashinga intahe mu maso hanje.
9 Ishavu ryiwe ryantabaguye, ambikira akazikira+.Ampekenyera amenyo+.Umurwanizi wanje ubwiwe anzuriye amaso+.
10 Bantabururiye umunwa+,Amatama yanje bayakubise iceyi,Bankoraniye ari isinzi+.
11 Imana ingabura ku duhungu dutoyi,Ikancuranguriza mu maboko y’ababisha+.
12 Nari nitekaniye, ariko itangura kunzungagiza+;Insumira ku gakanu itangura kunsavya,Ingira ico itumberezako imyampi.
13 Abarashi+ bayo barankikuje;Insatura amafyigo+ ntiyumve impuhwe;Isesa hasi indurwe yanje.
14 Iguma intobagura ngasigara ndi ibihengeri;Inyirukako nk’umunyenkomezi+.
15 Nshoneye igunira*+ ku rukoba rwanje,Nzitse ihembe ryanje mu mukungugu+.
16 Mu maso hanje hatukujwe n’ukurira+,Ku bigohe vyanje na ho hari igitutu kizitanye+,
17 Naho ata bukazi buri ku biganza vyanje,N’isengesho ryanje rikaba rityoroye+.
18 Ewe wa si we, ntupfuke amaraso+ yanje!Kandi ntihaboneke ikibanza c’amaborogo yanje!
19 N’ubu raba! Mu majuru hariho uwunshingira intahe,Kandi icabona canje kiri iyo hejuru+.
20 Abagenzi banje ni abavugizi bandwanya+;Ijisho ryanje riguma rihanze Imana ata kugoheka+.
21 Kandi umuntu w’umugabo be n’Imana babwirizwa gutaturwa,Nka kurya kw’umwana w’umuntu na mugenziwe+.
22 Kuko hasigaye imyaka mikeyi gusa,Nkigira njanye umunyuro ntazongera kugarukana+.
Amakuru yiyongereye
^ Raba Inyongera ya 21.