Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yobu 15:1-35

15  Elifazi Umutemani arishura ati:   “Mbega umuntu w’inkerebutsi yokwishura akoresheje amajambo ata co amaze*+, Canke yokwuzuza inda yiwe umuyaga wo mu buseruko+?   Gukangira hakoreshejwe ijambo gusa nta co vyomara, N’amajambo masa nta kamaro yogira yonyene.   Ariko, wewe uratuma ugutinya imbere y’Imana kutagira inguvu, Ukagabanya umwitwarariko uwo ari wo wose imbere y’Imana.   Kuko ikosa ryawe ryigisha akanwa kawe, Ugahitamwo ururimi rw’abanyabwenge.   Akanwa kawe ni ko kakwita umubisha, si jewe; Kandi iminwa yawe ni yo yishura ikuvuguruza+.   Ugira ngo ni we wabaye uwa mbere mu kuvuka+, Canke waratanze imirambi+ kwibarukwa mu bubabare bw’ibise?   Woba wumviriza ikiyago c’akabanga c’Imana+, Kandi woba wiharije ubukerebutsi?   Ico uzi twebwe tutazi ni igiki+? Ico utahura natwe tudatahura ni igiki? 10  Umuntu w’imvi ku mutwe be n’umusaza bompi turi kumwe+, Uwuruta so mu misi. 11  Mbega ukwirurwa n’Imana ntiguhagije kuri wewe, Canke ijambo ubwiranywe ubwitonzi? 12  Kuki umutima wawe ugutwara, Kandi kuki amaso yawe aravya? 13  Kuko uhindukiriza umutima wawe kurwanya Imana ubwayo, Kandi watumye akanwa kawe gasohora amajambo. 14  Umuntu buntu ni iki ngo abe uwudahumanye+, Canke ngo uwavutse ku mugore abe mu kuri? 15  Raba! Ntiyizera aberanda bayo+, N’amajuru ubwayo arahumanye mu maso yayo+. 16  Nkanswe iyo umuntu ateye ishishi kandi akaba yononekaye+, Umuntu agotomera ibitagororotse nk’amazi! 17  Ndabikumenyesha. Nyumviriza+! N’ibi narabibonye, reka rero ndavyigane, 18  Bimwe inkerebutsi+ ubwazo zivuga Kandi zikaba zitabinyegeje, bikaba bikomoka kuri ba se. 19  Ni bo bonyene bahawe igihugu, Kandi nta w’ahandi yabaciye hagati. 20  Mu misi yiwe yose, umubisha arasesererwa, Egome, igitigiri c’imyaka yabikiwe intwazamukazo. 21  Ijwi ry’ibiteye ubwoba riri mu matwi yiwe; Mu mahoro umunyazi aramuzako+. 22  Ntiyemera yuko azogaruka avuye mu mwiza+, Vyongeye abikiwe inkota. 23  Arēhera arondera umukate, yamara uri he+? Arazi neza yuko umusi w’umwiza+ witeguye ukaba uri hafi yiwe. 24  Amarushwa n’umubabaro mwinshi biguma bimutera ubwoba+; Biramucinya kurya kw’umwami agabirije kugaba igitero. 25  Kuko aramvurira ukuboko kwiwe kurwanya Imana ubwayo; Kandi arondera kwerekana ko aruta Mushoboravyose+; 26  Kuko amwirukako adadaje izosi, N’imikondo ivyibushe y’inkinzo ziwe; 27  Kuko yipfuka mu maso ubudohe bwiwe Akazana ibinure mu kiyunguyungu ciwe+, 28  Apfa kuba mu bisagara birindiriye kuzimanganywa, Mu mazu abantu batazoguma babamwo, Ayagenewe koko kuzocika ibirundo vy’amabuye. 29  Ntazotunga, n’ubutunzi bwiwe ntibuzogwira, Kandi amaronko yabo ntazoyasanza kw’isi+. 30  Ntazohunga umwiza; Umunago wiwe uzokwumishwa n’urubeya, Azoteshwa inzira n’uguhuhuta kw’impemu z’akanwa k’Imana+. 31  Ntakizere ibitagira mvura, agahubishwa, Kuko ibitagira mvura ari vyo gusa azokwishurwa; 32  Bizoranguka imbere y’umusi wiwe. Kandi umuvyaro wiwe ntuzogenda utotahaye+. 33  Azotibagura inzabibu ziwe z’ibiturumbwe kurya kw’umuzabibu, Azohungurura amashurwe yiwe kurya kw’igiti c’umwelayo. 34  Kuko ikoraniro ry’abahuni ari ingumba+, Kandi umuriro utegerezwa kurigata amahema y’ibiturire+. 35  Hasamwa inda y’ivyago hakavuka ibintu bibabaza+, Kandi inda yabo itegura ivy’ububeshi.”

Amakuru yiyongereye

Canke, “ubumenyi bw’umuyaga.”