Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yobu 13:1-28

13  “Raba! Ivyo vyose ijisho ryanje ryabibonye, Ugutwi kwanje kwavyumvise kurabirimbura.   Ivyo mwebwe muzi na jewe ndabizi; Sindi munsi yanyu+.   Ariko, jeho nobwira Mushoboravyose ubwiwe+, Kandi nohimbarwa no guharira n’Imana.   Nayo mwebwe muri abasigiririza ikinyoma+; Mwese muri abaganga ata co bamaze+.   Ese iyaba gusa mwoguma mucereje koko, Kugira ngo bibabere ubukerebutsi+!   Ndabinginze mwumvirize ivyiyumviro vyanje bibeshuza+, N’imburano z’iminwa yanje muzitege ugutwi.   Mbega Imana ubwayo ni yo mwovugira ibitagororotse, Kandi mukayivugira ivy’ububeshi+?   Mbega mwoyigirira nkunzi+, Canke Imana y’ukuri mwoyiburanira mu rubanza?   Mbega vyoba vyiza ko ibasuzuma+? Canke mwoyikina nk’uko bakina umuntu buntu? 10  Ntizobura kubakangira+ Nimwagerageza kugira nkunzi mu mpisho+; 11  Mbega iteka ryayo ntirizobaca ivutu, N’uguterwa ubwoba na yo kukabagwako+? 12  Amajambo yanyu y’intibagirwa ni imigani y’iminyota; Imikondo y’inkinzo zanyu ni nk’imikondo y’inkinzo z’ibumba+. 13  Nimucereze imbere yanje, kugira nanje mvuge. Maze bice aho bishaka! 14  Kuki ntwara inyama z’umubiri wanje mu menyo, Ngashira ubuzima bwanje mu kaga*+? 15  Naho yonyica, mbega sinorindira+? Noburanira gusa inzira zanje mu maso yayo. 16  Ni yo kandi izoba ubukiriro bwanje+, Kuko ata muhuni azokwinjira imbere yayo+. 17  Nimwumve amajambo yanje gushika mpeze+, Mureke ijambo ryanje ribe mu matwi yanyu. 18  Raba, ndabinginze! Nshingishije urubanza+; Ndazi neza ko jewe ndi mu kuri. 19  Ni nde yonigana nanje+? Kuko ubu hamwe nocereza noca ncikana! 20  Gusa Mana, ngusaba kutangirira ibintu bibiri; Ni ho ntoheza ngo nihishe kubera wewe+; 21  Niwigize kure ukuboko kwawe kumveko, N’ukugucikira ivutu, ntikuntere ubwoba+. 22  Hamagara kugira nanje nitabe; Canke na ho mvuge, nawe unyishure. 23  Ni mu buryo ki mfise amakosa n’ibicumuro? Numenyeshe umugararizo wanje n’igicumuro canje. 24  Kuki uhisha mu maso hawe+ Ukamfata nk’umwansi wawe+? 25  Mbega wojugumiza ibabi ry’ibabi riguruwe n’umuyaga, Canke ukaguma woma inyuma ibishakara vyumye? 26  Kuko uguma wandika ibintu bimbera umururazi+, Ukansubizako ingaruka z’amakosa y’ubuto bwanje+. 27  Ugumiza kandi ibirenge vyanje mu mpatane z’ibiti*+, Ukagumiza ijisho ku minyuro yanje yose; Kuko ubworo bw’ibirenge vyanje ubucira umurongo wawe bwite. 28  Kandi ameze* nk’ikibore kiriko kirashira+; Nk’impuzu iriwe n’agakoko* igahera+.

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “mu kiganza canje.”
Raba Inyongera ya 21.
Ni ukuvuga Yobu.
Ni ubwoko bw’agakoko kaguruka karya impuzu.