Yobu 12:1-25

12  Yobu arishura ati:   “Ni ukuri mwebwe ni mwe bantu,Ubukerebutsi buzopfana namwe+!   Na jewe mfise umutima+ nkamwe.Sindi munsi yanyu+;Ni nde adafise ibintu nk’ivyo?   Ncitse umuntu w’akamenyo kuri mugenziwe+,Uwuhamagara Imana ngo imwishure+.Umugororotsi, uwutagirako umugayo, abaye akamenyo.   Mu vyiyumviro, uwutagira amaganya akengera ukuzimangana+;Guteguriwe ab’ibirenge binyoganyoga+.   Amahema y’abanyazi nta maganya agira+,Kandi abatera Imana gushangashirwa bifitiye umutekanoUfiswe n’uwuzanye imana mu kuboko kwiwe+.   Ariko, ndakwinginze ubaze ibitungwa, bizokwigisha+;N’ibiremwa vy’amababa vyo mu kirere, bizokubwira+.   Canke, niwegere isi, izokwigisha+;N’amafi yo mu kiyaga+ azobikumenyesha.   Ni nde muri abo bose atazi nezaYuko ukuboko kwa Yehova ari kwo kwakoze ivyo+, 10  Umwe afise mu kuboko kwiwe ubuzima+ bw’umuntu wese muzimaBe n’impwemu y’umubiri wose w’umuntu+? 11  Mbega ugutwi ntigucaca amajambo+Nk’uko amagage+ ahonja ibifungurwa? 12  Mbega ubukerebutsi ntiburi mu basaza+N’ugutegera kukaba mu bwinshi bw’imisi? 13  Iwe ni ho habarizwa ubukerebutsi n’ubushobozi+;Ni we afise impanuro n’ugutegera+. 14  Raba! Arasambura, ntihagire uwubaka+;Arugara vyose ku muntu, ntivyuguruke+. 15  Raba! Atangira amazi agakama+;Yayarungika na ho, agahindura isi+. 16  Iwe hari inkomezi n’ubukerebutsi ngirakamaro+;Uwukora amakosa n’uwuhuvya+ ni abiwe; 17  Atuma abajanama bagenda ibirenge bisa+,Agatuma abacamanza bagwara ibisazi. 18  Imvuto z’abami arazibohora+,Akababohera umukaba mu mafyinga. 19  Atuma abaherezi bagenda ibirenge bisa+,Abicaye bagashika na bo akabatembagaza+; 20  Yaka ijambo abizigirwa,Agakuraho ukwiyumvira neza kw’abatama; 21  Asuka agakengerwe ku banyacubahiro+,Umukanda w’abanyabubasha akawutuburura; 22  Ashira ahabona ibintu vyimbitse abikuye mu mwiza+,Igitutu kizitanye akakizana ku muco; 23  Atera amahanga kuba ayakomeye kugira ayarandure+;Yāgura amahanga kugira ayashorere agende; 24  Akuraho umutima w’abakuru b’abanyagihugu,Ngo atume bayerera ahagaragara+, hatagira inzira. 25  Barakabakaba mu mwiza+, ahatagira umuco,Ngo atume bayerera nk’imborerwa+.

Utujambo tw'epfo