Yobu 12:1-25
12 Yobu arishura ati:
2 “Ni ukuri mwebwe ni mwe bantu,Ubukerebutsi buzopfana namwe+!
3 Na jewe mfise umutima+ nkamwe.Sindi munsi yanyu+;Ni nde adafise ibintu nk’ivyo?
4 Ncitse umuntu w’akamenyo kuri mugenziwe+,Uwuhamagara Imana ngo imwishure+.Umugororotsi, uwutagirako umugayo, abaye akamenyo.
5 Mu vyiyumviro, uwutagira amaganya akengera ukuzimangana+;Guteguriwe ab’ibirenge binyoganyoga+.
6 Amahema y’abanyazi nta maganya agira+,Kandi abatera Imana gushangashirwa bifitiye umutekanoUfiswe n’uwuzanye imana mu kuboko kwiwe+.
7 Ariko, ndakwinginze ubaze ibitungwa, bizokwigisha+;N’ibiremwa vy’amababa vyo mu kirere, bizokubwira+.
8 Canke, niwegere isi, izokwigisha+;N’amafi yo mu kiyaga+ azobikumenyesha.
9 Ni nde muri abo bose atazi nezaYuko ukuboko kwa Yehova ari kwo kwakoze ivyo+,
10 Umwe afise mu kuboko kwiwe ubuzima+ bw’umuntu wese muzimaBe n’impwemu y’umubiri wose w’umuntu+?
11 Mbega ugutwi ntigucaca amajambo+Nk’uko amagage+ ahonja ibifungurwa?
12 Mbega ubukerebutsi ntiburi mu basaza+N’ugutegera kukaba mu bwinshi bw’imisi?
13 Iwe ni ho habarizwa ubukerebutsi n’ubushobozi+;Ni we afise impanuro n’ugutegera+.
14 Raba! Arasambura, ntihagire uwubaka+;Arugara vyose ku muntu, ntivyuguruke+.
15 Raba! Atangira amazi agakama+;Yayarungika na ho, agahindura isi+.
16 Iwe hari inkomezi n’ubukerebutsi ngirakamaro+;Uwukora amakosa n’uwuhuvya+ ni abiwe;
17 Atuma abajanama bagenda ibirenge bisa+,Agatuma abacamanza bagwara ibisazi.
18 Imvuto z’abami arazibohora+,Akababohera umukaba mu mafyinga.
19 Atuma abaherezi bagenda ibirenge bisa+,Abicaye bagashika na bo akabatembagaza+;
20 Yaka ijambo abizigirwa,Agakuraho ukwiyumvira neza kw’abatama;
21 Asuka agakengerwe ku banyacubahiro+,Umukanda w’abanyabubasha akawutuburura;
22 Ashira ahabona ibintu vyimbitse abikuye mu mwiza+,Igitutu kizitanye akakizana ku muco;
23 Atera amahanga kuba ayakomeye kugira ayarandure+;Yāgura amahanga kugira ayashorere agende;
24 Akuraho umutima w’abakuru b’abanyagihugu,Ngo atume bayerera ahagaragara+, hatagira inzira.
25 Barakabakaba mu mwiza+, ahatagira umuco,Ngo atume bayerera nk’imborerwa+.