Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yobu 11:1-20

11  Zofari Umunayamati+ arishura ati:   “Mbega amajambo indiri yogenda atishuwe, Canke umwirasi w’umwirasi yoba mu kuri?   Mbega amajambo yawe agaragara yonumya abagabo, Ukaguma utwengera mw’ijigo ata wuguhambarira+?   Uvuga kandi ngo: ‘Inyigisho yanje+ iratyoroye, Kandi nabonetse ko ntahumanye koko+ mu maso yawe.’   Yamara, ese iyaba Imana ubwayo yovuga Igateranurira iminwa yayo kuri wewe+!   Ni ho yokubwira amabanga y’ubukerebutsi, Kuko ibintu vy’ubukerebutsi ngirakamaro ari vyinshi. Kandi womenya ko Imana ireka kw’ikosa ryawe hakaba ivyibagirwa, ku neza yawe+.   Mbega womenya ibintu vyimbitse vy’Imana+, Canke womenya akarimbi ka Mushoboravyose?   Ubukerebutsi buri hejuru kuruta ijuru. Wewe woshika ku ki? Burimbitse kuruta ukuzimu+. Wewe womenya iki?   Ubupimye ni burebure kuruta isi, Bukaba bwagutse kuruta ikiyaga. 10  Irenganye ikagabura umuntu ngo atabwe muri yompi Igahamagara sentare, ni nde none yoyihangara? 11  Kuko ubwayo izi neza abantu b’ababeshi+. Niyabona ibintu bibabaza, mbega ntizobizirikana? 12  N’umuntu atagira ubwonko yogira ugutahura Hamwe imparage isa n’indogobwa yovuka ari umuntu. 13  Hamwe wewe wotegura koko umutima wawe Kandi vy’ukuri ukagaranzurira Imana ibiganza+, 14  Nimba hari ibintu bibabaza mu kuboko kwawe, vyigize kure, Ntureke ngo ibitagororotse bibe mu mahema yawe. 15  Kuko ari ho uzoraramura amaso yawe ata gahonzi+, Ugacika uwushimangiwe, kandi ntuzotinya. 16  Kuko wewe ubwawe uzokwibagira ivyago; Uzovyibuka nk’amazi yarenganye. 17  Ikiringo ubuzima bwawe bumara+ kizoduga gikayangane kurusha umutaga; Umwiza uzoba nk’agatondo+. 18  Kandi ntuzobura kwizigira kuko hariho icizigiro; Emwe, uzoraba irya n’ino witonze, uzokwiryamira mu mutekano+. 19  Uzokwigaramangira, ata n’umwe akujugumiza. Emwe, abantu benshi bazotuma ugira mu maso hakeye+; 20  Amaso y’ababisha azogwabira+; Ubuhungiro buzozimangana babubure+, Icizigiro cabo kibe ukudenduka kw’umutima+.”

Amakuru yiyongereye