Yobu 10:1-22
10 “Umutima wanje wumva vy’ukuri ushishwe n’ubuzima bwanje+.Nzosuka amaganya yanje y’ibinyerekeye.Nzovuga ndundumiwe mu mutima!
2 Nzobwira Imana nti: ‘Ntunyite umubisha.Numenyeshe igituma uriko uranigana nanje.
3 Mbega ni vyiza yuko wewe worenganya+,Ugata nk’akanuka icavuye mu gikorwa c’ubutame c’amaboko yawe+,Kandi ugakayanganira ku mpanuro y’ababisha?
4 Mbega ufise amaso+ y’inyama,Canke ubona nk’uko umuntu buntu abona+?
5 Mbega imisi yawe ni nk’imisi y’umuntu buntu+,Canke imyaka yawe nk’imisi y’umuntu w’umugabo,
6 Ku buryo woshaka kubona ikosa ryanjeKandi ukaguma urondera igicumuro canje+?
7 Ivyo bikaba kandi uzi yuko ntari mw’ikosa+,Kandi ata wuriho arokora mu kuboko kwawe+?
8 Amaboko yawe ni yo yambumbabumvye, arankora+Uko nakabaye, impande zose, yamara ugira umire.
9 Ndakwinginze wibuke ko wankoze mw’ibumba+Kandi ko mu mukungugu ari ho uzonsubiza+.
10 Mbega ntiwaciye unsuka nk’amataUkamvurisha nk’iforomaji+?
11 Waciye unyambika urukoba n’inyamaUnjishisha amagufa n’imitsi, ndaterana+.
12 Wampaye ubuzima be n’ubuntu bwuzuye urukundo+;Ubwitwararitsi+ bwawe bwararinze impwemu yanje.
13 Kandi ivyo bintu wabihishije mu mutima wawe.Ndazi neza ko ivyo biri kumwe nawe.
14 Nimba nacumuye ukaguma unshinze ijisho+Kandi ntumfate nk’intungane ku bijanye n’ikosa ryanje+;
15 Nimba vy’ukuri ndi mw’ikosa, ndigorewe+!Kandi nimba vy’ukuri ndi mu kuri, sinoduza umutwe+,Noba nuzuye agateterwe, mbogaboga amarushwa+.
16 Na wo niwakorana ubwibone+, wewe uzompiga nk’intambwe y’umukangara+,Kandi wewe uzokwongera kwiyerekana ko utangaje ku binyerekeye.
17 Uzonzana imbere ivyabona vyawe bishasha,Utume umwikomo ndagutera uba agakomeye.Amagume arakurakuranwa kuri jewe.
18 Kuki none wansohoye nkava mu gitereko+?Iyo mba naracikanye ntihagire n’ijisho rimbona,
19 Hariya, mba nabaye nk’aho ntari narabayeho;Mba nakuwe mu nda njanwa mu mva.’
20 Mbega imisi yanje si mikeyi+? Nareke,Nankureko amaso, nanje nkayangane+ gatoyi
21 Imbere y’uko nigira, kandi sinzogaruka+,Imbere y’uko nigira mu gihugu c’umwiza n’igitutu kizitanye+,
22 Mu gihugu c’umukorane w’umuzimagiza, c’igitutu kizitanyeBe n’umuvurungano, ahadakayangana ngo harushe umuzimagiza.”