Yobu 10:1-22

10  “Umutima wanje wumva vy’ukuri ushishwe n’ubuzima bwanje+.Nzosuka amaganya yanje y’ibinyerekeye.Nzovuga ndundumiwe mu mutima!   Nzobwira Imana nti: ‘Ntunyite umubisha.Numenyeshe igituma uriko uranigana nanje.   Mbega ni vyiza yuko wewe worenganya+,Ugata nk’akanuka icavuye mu gikorwa c’ubutame c’amaboko yawe+,Kandi ugakayanganira ku mpanuro y’ababisha?   Mbega ufise amaso+ y’inyama,Canke ubona nk’uko umuntu buntu abona+?   Mbega imisi yawe ni nk’imisi y’umuntu buntu+,Canke imyaka yawe nk’imisi y’umuntu w’umugabo,   Ku buryo woshaka kubona ikosa ryanjeKandi ukaguma urondera igicumuro canje+?   Ivyo bikaba kandi uzi yuko ntari mw’ikosa+,Kandi ata wuriho arokora mu kuboko kwawe+?   Amaboko yawe ni yo yambumbabumvye, arankora+Uko nakabaye, impande zose, yamara ugira umire.   Ndakwinginze wibuke ko wankoze mw’ibumba+Kandi ko mu mukungugu ari ho uzonsubiza+. 10  Mbega ntiwaciye unsuka nk’amataUkamvurisha nk’iforomaji+? 11  Waciye unyambika urukoba n’inyamaUnjishisha amagufa n’imitsi, ndaterana+. 12  Wampaye ubuzima be n’ubuntu bwuzuye urukundo+;Ubwitwararitsi+ bwawe bwararinze impwemu yanje. 13  Kandi ivyo bintu wabihishije mu mutima wawe.Ndazi neza ko ivyo biri kumwe nawe. 14  Nimba nacumuye ukaguma unshinze ijisho+Kandi ntumfate nk’intungane ku bijanye n’ikosa ryanje+; 15  Nimba vy’ukuri ndi mw’ikosa, ndigorewe+!Kandi nimba vy’ukuri ndi mu kuri, sinoduza umutwe+,Noba nuzuye agateterwe, mbogaboga amarushwa+. 16  Na wo niwakorana ubwibone+, wewe uzompiga nk’intambwe y’umukangara+,Kandi wewe uzokwongera kwiyerekana ko utangaje ku binyerekeye. 17  Uzonzana imbere ivyabona vyawe bishasha,Utume umwikomo ndagutera uba agakomeye.Amagume arakurakuranwa kuri jewe. 18  Kuki none wansohoye nkava mu gitereko+?Iyo mba naracikanye ntihagire n’ijisho rimbona, 19  Hariya, mba nabaye nk’aho ntari narabayeho;Mba nakuwe mu nda njanwa mu mva.’ 20  Mbega imisi yanje si mikeyi+? Nareke,Nankureko amaso, nanje nkayangane+ gatoyi 21  Imbere y’uko nigira, kandi sinzogaruka+,Imbere y’uko nigira mu gihugu c’umwiza n’igitutu kizitanye+, 22  Mu gihugu c’umukorane w’umuzimagiza, c’igitutu kizitanyeBe n’umuvurungano, ahadakayangana ngo harushe umuzimagiza.”

Utujambo tw'epfo