Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yobu 1:1-22

1  Mu gihugu ca Uzu+ hari umugabo yitwa Yobu+. Uyo mugabo ntiyagirako umugayo+ kandi yari umuntu agororotse+, atinya Imana+ kandi agaca kure ikibi+.  Yavyaye abahungu indwi n’abakobwa batatu+.  Ibitungwa+ vyiwe vyari intama ibihumbi indwi, n’ingamiya ibihumbi bitatu, n’inka igihumbi zifatanijwe ari zibirizibiri, n’indogobwa z’ingore amajana atanu, hamwe n’umugwi munini cane w’abasuku; uyo mugabo aba uwuhambaye kuruta Abanyabuseruko bose+.  Abahungu biwe baragenda bagatereka inzimano+ ku nzu y’umwumwe wese ku musi wiwe, maze bagatumira bashiki babo batatu ngo barye bongere banywe bari kumwe na bo.  Kandi uko imisi y’amazimano yaba ibahetuye bose, Yobu yarabatumako akabeza+. Kandi yavyuka kare mu gatondo, agashikana ibimazi biturirwa+ bingana n’igitigiri cabo bose; kuko Yobu yavuga ati: “Hari aho abahungu banje boba bacumuye bakavuma+ Imana mu mutima wabo+.” Ukwo ni ko Yobu yama agira+.  Nuko umusi urashika, aho abana b’Imana y’ukuri+ binjira guhagarara imbere ya Yehova+, mbere na Shetani+ yinjira hagati muri bo+.  Maze Yehova abwira Shetani ati: “Uvuye hehe?” Shetani yishura Yehova ati: “Mvuye kunyuragira mw’isi+ no kugendagenda muri yo+.”  Yehova yongera kubwira Shetani ati: “Mbega washize umutima wawe ku musavyi wanje Yobu, ukabona ko ata n’umwe ameze nka we mw’isi+, ko ari umuntu atagirako umugayo+ kandi agororotse+, atinya Imana+ kandi agaca kure ikibi+?”  Shetani yishura Yehova ati: “Ugira ngo Yobu atinyira Imana ubusa+? 10  Ubwawe ntiwamukikuje uruzitiro+, ukarukikuza n’inzu yiwe be n’ibintu vyose afise, hirya no hino? Igikorwa c’amaboko yiwe waragihezagiye+, n’ibitungwa vyiwe vyarakwiye mw’isi. 11  Mugabo kugira bihinduke, ndakwinginze utume ukuboko kwawe, ukore ku bintu vyose afise urabe ko atakuvuma amaso mu yandi+.” 12  Nuko Yehova abwira Shetani ati: “Ehe ibintu vyose afise biri mu kuboko kwawe. Ariko we ubwiwe, ntutume ukuboko ngo umugirire nabi!” Shetani aca arasohoka ava imbere ya Yehova+. 13  Nuko umusi urashika, aho abahungu biwe n’abakobwa biwe bariko bararya bongera banywa umuvinyu mu nzu ya mwene wabo w’imfura+. 14  Maze haza intumwa+ kuri Yobu, ivuga iti: “Za nka zariko zirarima+ na za ndogobwa z’ingore ziriko zirarisha iruhande yazo, 15  Abasabeya+ baca baraza bagaba igitero barazitwara, abasuku na bo babicisha ubugi bw’inkota. Ni je ndokotse, jewe jenyene gusa, ngo ndabikumenyeshe+.” 16  Uyo akiriko aravuga, haza uwundi ati: “Umuriro w’Imana watibutse uvuye mu majuru+ ururumbira muri za ntama no muri ba basuku urabirigata. Ni je ndokotse, jewe jenyene gusa, ngo ndabikumenyeshe.” 17  Uyo akiriko aravuga, haza uwundi ati: “Abakaludaya+ biremye imigwi itatu y’inteko basimbira kuri za ngamiya barazitwara, abasuku na bo babicisha ubugi bw’inkota. Ni je ndokotse, jewe jenyene gusa, ngo ndabikumenyeshe.” 18  Uyo wundi akiriko aravuga, haza n’uwundi ati: “Abahungu bawe n’abakobwa bawe bariko barya bongera banywa umuvinyu+ mu nzu ya mwene wabo w’imfura. 19  Maze haza umuyaga ukomeye+ uvuye mu karere k’agahinga, ukubita imfuruka zine z’inzu, ica igwa kuri urwo rwaruka, barapfa. Ni je ndokotse, jewe jenyene gusa, ngo ndabikumenyeshe.” 20  Yobu aca arahaguruka, atantamura+ umwitero wiwe utagira amaboko, yimosha umushatsi+ wo ku mutwe wiwe, agwa hasi+ arunama+, 21  avuga ati: “Navuye mu nda ya mama+ ndi gusa, Kandi nzosubirayo ndi gusa+. Yehova ubwiwe ni we yatanze+, kandi Yehova ubwiwe ni we atwaye+. Izina rya Yehova niribandanye guhezagirwa+.” 22  Muri ivyo vyose Yobu ntiyacumuye canke ngo aherereze ku Mana ikintu na kimwe kitabereye+.

Amakuru yiyongereye