Yesaya 9:1-21
9 Ariko rero, umwijima ntuzoba nk’igihe igihugu cari mu maganya, nk’igihe ca kera aho umuntu yakengera igihugu ca Zebuloni n’igihugu ca Nafutali+, be n’igihe mu nyuma umuntu yatuma haterwa iteka+—ya nzira y’iruhande y’ikiyaga, mu karere ka Yorodani, Galilaya y’amahanga+.
2 Abantu bahora bagendera mu mwiza babonye umuco mwinshi+. Nayo ababa mu gihugu c’igitutu kizitanye+, umuco wabakayanganiyeko+.
3 Wagwije ihanga+; warigwirije umunezero+. Banezerewe imbere yawe n’umunezero nk’uwo mu gihe c’iyimbura+, nk’abagira akanyamuneza igihe bagabura isahu+.
4 Kuko ingǒgo* y’umutwaro wabo+ n’inkoni yo ku bitugu vyabo, ikibando c’uwubahindagiza ku bikorwa+, wabijanjaguye nko ku musi wa Midiyani+.
5 Kuko ibotine yose y’uwuhonyanga+ adodagura be n’umutamana ukumbagajwe mu maraso bibaye ivy’uguturirwa nk’indya z’umuriro+.
6 Kuko hari umwana atuvukiye+, hari umuhungu duhawe+; ubutware bwa kiganwa buzoba ku rutugu rwiwe+. Kandi izina azokwitwa ni Umujanama w’agatangaza+, Imana ikomeye+, Data ahoraho+, Umuganwa w’amahoro+.
7 Ukugwira kw’ubutware bwa kiganwa+ be n’amahoro ntibizogira iherezo+, ku ntebe y’ubwami ya Dawidi+ no ku bwami bwiwe, kugira ngo bushimangirwe+ no kugira ngo bushigikizwe ubutungane+ n’ubugororotsi+, kuva ubu no gushika igihe kitagira urugero*. Umwete nyene wa Yehova nyen’ingabo uzobikora+.
8 Hari ijambo Yehova yatumye kuri Yakobo, rigwa kuri Isirayeli+.
9 Kandi abantu bazorimenya+, mbere bose, Efurayimu be n’uwuba i Samariya+, kubera ubwibone bwabo no kubera ukutisonera kw’umutima wabo, mu kuvuga+ bati:
10 “Amatafari ni yo yaguye, mugabo tuzokwubakisha amabuye abajwe+. Ibiti vy’imisukomora+ ni vyo vyiciwe, mugabo tuzobisubiriza amasederi.”
11 Kandi Yehova azoduza hejuru abarwanizi ba Rezini ngo bamurwanye, kandi abansi b’uyo azobashoreza umuhunda+,
12 Siriya ituruke mu buseruko+, Abafilisitiya na bo baturuke inyuma+, barotse Isirayeli bataburuye akanwa+. Kubera ivyo vyose, ishavu ryiwe ntiryasubiye inyuma, mugabo ukuboko kwiwe kuracabanguye+.
13 Abantu ntibagarutse ku wabakubita+, kandi ntibarondeye Yehova nyen’ingabo+.
14 Kandi Yehova azokuraho muri Isirayeli umutwe+ n’umurizo+, umuvyaro n’urukangaga, mu musi umwe+.
15 Umusaza akaba n’uwubahwa cane ni we mutwe+, nayo umuhanuzi atanga inyigisho y’ikinyoma ni we murizo+.
16 Kandi abayobora aba bantu ni bo babatera kwangara+; nayo abayoborwa bo muri bo, ni bo bavurugwa ubwenge+.
17 Ni co gituma Yehova atazonezerwa n’imisore yabo+, kandi ntazogirira imbabazi impfuvyi* zabo n’abapfakazi babo; kuko bose ari abahuni+ n’inkozi z’ikibi, kandi akanwa kose kakaba kavuga ivy’ubwenge buke. Kubera ivyo vyose, ishavu ryiwe ntiryasubiye inyuma, mugabo ukuboko kwiwe kuracabanguye+.
18 Kuko ububisha busigaye bururumba nk’umuriro+; buzorigata ibisaka vy’amahwa n’ivyatsi bibi+. Buzokwaka umuriro mu bisaka vy’inzitane vy’ikibira+, kandi bizoduzwa nk’agashururu k’umwotsi+.
19 Mu burake bwa Yehova nyen’ingabo igihugu kiradometswe, kandi abantu bazocika nk’indya z’umuriro+. Nta n’uwuzogirira impuhwe mwene wabo+.
20 Umuntu azokeba iburyo, ariko ntazobura gusonza; umuntu azorya ibubamfu, ariko ntibazogenda bahaze+. Umwe wese muri bo azorya inyama z’ukuboko kwiwe+,
21 Manase arye Efurayimu, Efurayimu arye Manase. Bazorwaniriza hamwe Yuda+. Kubera ivyo vyose, ishavu ryiwe ntiryasubiye inyuma, mugabo ukuboko kwiwe kuracabanguye+.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.
^ Raba Inyongera ya 21.
^ Ijambo ku rindi ni “uduhungu tutagira se.”