Yesaya 8:1-22

8  Nuko Yehova ambwira ati: “Niwitorere igisate kinini+ uheze ucandikeko n’agasáruzo k’umuntu buntu*, ngo: ‘Maheri-shalali-hashi-bazi.’  Kandi reka nironkere icemezo+ biciye ku vyabona bibiri vyizigirwa+, Uriya umuherezi+ na Zekariya mwene Yeberekiya.”  Maze negera umuhanuzikazi, na we aribungenga araheza yibaruka umuhungu+. Nuko Yehova ambwira ati: “Numwite izina Maheri-shalali-hashi-bazi,  kuko imbere y’uko uwo muhungu amenya kuvuga ngo+: ‘Dawe!’ na ‘Mawe!’, itunga rya Damasiko n’isahu rya Samariya bizojanwa imbere y’umwami wa Ashuri+.”  Yehova yongera kumbwira ati:  “Kubera ko aba bantu banse+ amazi ya Shilowa+ atemba buhorobuhoro, kandi hakaba hariho umwigino+ kubera Rezini na mwene Remaliya+,  mbere ku bw’ivyo rero, ehe Yehova agira abazaneko+ ya mazi akomeye kandi menshi ya rwa Ruzi+, umwami wa Ashuri+ n’ubuninahazwa bwiwe bwose+. Kandi azoduga koko arenge inzira z’imigezi yiwe yose yongere arenge inkombe ziwe zose,  abandanye aciye muri Yuda. Azoshwara arengane+. Azoshika no kw’izosi+. Kandi azosanza amababa+ ngo yuzure ubwaguke bw’igihugu cawe, ewe Emanweli+!”  Nimube babi, emwe bisata vy’abantu, mujanjagurwe; kandi mutege ugutwi, mwese abo mu mihingo ya kure y’isi+! Nimukenyere+, mujanjagurwe+! Nimukenyere, mujanjagurwe! 10  Nimwunge umugambi, ariko uzosenyurwa+! Nimuvuge ijambo iryo ari ryo ryose, ariko ntirizorama, kuko Imana iri kumwe natwe+! 11  Kuko ibi ari vyo Yehova ambwiye n’ubukomezi bw’ukuboko, kugira ngo atume nkevya ndeke kugendera mu nzira y’aba bantu, ati: 12  “Ntimuvuge ngo: ‘Urunani!’ ku bijanye n’ibintu vyose aba bantu baguma bavugako ngo: ‘Urunani+!’, kandi kirya batinya mwebwe ntimugitinye, canke ngo gitume mujugumira+. 13  Yehova nyen’ingabo—uyo ni we mukwiye kubona ko ari mweranda+, ni we mukwiye gutinya+, kandi ni we akwiye kubajugumiza+.” 14  Kandi ategerezwa gucika nk’ikibanza ceranda+, mugabo nk’ibuye ryo kwikubitako n’igitandara co gutsitarako+ kuri za nzu za Isirayeli zompi, nk’umutego n’umushibuka ku baba i Yeruzalemu+. 15  Kandi benshi muri bo ntibazobura gutsitara no kugwa, bavunagurike; bazofatwa n’umutego, bacakirwe+. 16  Zinga icemezo+, shira irya n’ino y’itegeko hagati mu bigishwa banje ikidodo kirumya+! 17  Kandi nzoguma niteze Yehova+, umwe ahishije mu maso hiwe inzu ya Yakobo+, kandi nzomwizigira+. 18  Raba! Jewe n’abana Yehova yampaye+ turi nk’ibimenyetso+ n’ibitangaro muri Isirayeli biva kuri Yehova nyen’ingabo, umwe aba ku musozi Siyoni+. 19  Kandi nibababwira ngo: “Nimwiture abavugana n’ibiremwa vy’impwemu+ canke abafise impwemu y’ukubura ibizoba bajwigira+ bongera bavuga ibintu n’ijwi ritoyi,” mbega igisata ico ari co cose ntigikwiye kwitura Imana yaco+? Mbega abapfuye ni bo umuntu yokwitura ku bw’abazima+? 20  Ja kw’itegeko no ku cemezo+! Ni ukuri, bazoguma bavuga ibihuye n’iri jambo+ ritazogira umuco w’umutwenzi+. 21  Emwe, umwe wese azoca mu gihugu aremvye kandi ashonje+; kandi uku ni ko bitegerezwa kuba: kubera azoba ashonje kandi yiteye kurakara, azohamagarira akabi ku mwami wiwe no ku Mana yiwe+; emwe, azokwihweza hejuru. 22  Kandi azoraba kw’isi, asange, yewe ga yee! ni amarushwa n’umwiza+, umukorane, ibihe bigoye n’umuzimagiza ata kwakaka namba+.

Utujambo tw'epfo

 Canke, “umuntu apfa.”