Yesaya 7:1-25
7 Nuko mu misi ya Ahazi+ mwene Yotamu, Yotamu mwene Uziya, umwami wa Yuda, Rezini+ umwami wa Siriya na Peka+ mwene Remaliya, umwami wa Isirayeli, baduga i Yeruzalemu kuhatera, mugabo harabananira+.
2 Maze inzu ya Dawidi imenyeshwa ngo: “Siriya yegamiye Efurayimu+.”
Maze umutima wiwe be n’umutima w’abantu biwe itangura kudegedwa, nka kurya ibiti vy’ikibira bidegedwa kubera umuyaga+.
3 Maze Yehova abwira Yesaya ati: “Sohoka, ndakwinginze, uhure na Ahazi, wewe na Sheyari-yashubu+ umuhungu wawe, amaja ku mpera y’umugende w’ikidengeri+ co haruguru iruhande y’inzira y’ikirari y’itongo ry’umumesuzi+.
4 Kandi utegerezwa kumubwira uti: ‘Wiyubare kandi ugume utekanye+. Ntutinye, kandi umutima wawe ntushe coba+ kubera udusunwa tubiri tw’izo ngegene zifumba umwotsi, kubera ishavu rirurumba rya Rezini na Siriya na mwene Remaliya+,
5 ku mpamvu y’uko Siriya, ari kumwe na Efurayimu na mwene Remaliya, yagiye inama yo kugukorera ikibi, avuga ati:
6 “Tuduge kurwanya Yuda, tuyitabagure, tuyigarurire mu kuyicamwo ibihengeri; kandi twimike uwundi mwami aganze hagati muri yo, mwene Tabeyeli+.”
7 “‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ntibizorama, no kuba ntibizoba+.
8 Kuko umutwe wa Siriya ari Damasiko, umutwe wa Damasiko na wo ukaba Rezini; kandi mu myaka mirongo itandatu n’itanu gusa Efurayimu izojanjagurwa ireke kuba igisata+.
9 Kandi umutwe wa Efurayimu ni Samariya+, umutwe wa Samariya na wo ni mwene Remaliya+. Mutagize ukwizera, ntimuzomara igihe kirekire+.”’”
10 Yehova yongera kubwira Ahazi ati:
11 “Niwisabire Yehova Imana yawe ikimenyetso+, ukigire icimbitse nk’ukuzimu canke ukigire igihanitse nk’uturere tw’iyo hejuru.”
12 Mugabo Ahazi avuga ati: “Sinsaba, eka mbere singeza Yehova.”
13 Na we avuga ati: “Ndakwinginze wumvirize, wa nzu ya Dawidi! Mbega ni ikintu gitoyi kuri mwebwe kuba muruhisha abantu, mukaruhisha n’Imana yanje+?
14 Ni co gituma Yehova ubwiwe azobaha ikimenyetso: Raba! Umwigeme+ azokwibungenga koko+, avyare umuhungu+, kandi azomwita Emanweli.
15 Azorya amasoro n’ubuki niyamenya kwanka ikibi no guhitamwo iciza+.
16 Kuko imbere y’uko uwo muhungu amenya kwanka ikibi no guhitamwo iciza+, ubutaka bw’abo bami babiri, abo wumvira ubwoba bushegesha, buzohebwa rwose+.
17 Yehova azozana kuri wewe+ no ku bantu bawe no ku nzu ya so wawe, imisi itigeze iza kuva umusi Efurayimu yahindukira ikava kuri Yuda+, ni ukuvuga umwami wa Ashuri+.
18 “Uku ni ko bitegerezwa kuba kuri uwo musi: Yehova azovuza agahwa ahamagare insazi ziri ku mpera y’imigende ya Nili ya Misiri n’inzuki+ ziri mu gihugu ca Ashuri+,
19 kandi zizoza koko zigwe zose hamwe ku myonga y’imanga no ku migaga y’amabuye y’urutare no ku bisaka vy’inzitane vy’amahwa vyose no ku ngomero zose+.
20 “Kuri uwo musi, hakoreshejwe urumosho rukoswe mu karere ka rwa Ruzi+, mbere hakoreshejwe umwami wa Ashuri+, Yehova azomwa umutwe n’ubwoya bwo ku birenge, kandi n’ubwanwa ruzokungutura+.
21 “Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba kuri uwo musi: umuntu azozigamira ubuzima ishashi yo mu busho be n’intama zibiri+.
22 Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba: kubera ko hazoboneka amata menshi, azorya amasoro; kuko amasoro n’ubuki+ ari vyo uwuzosigara hagati mu gihugu wese azorya.
23 “Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba kuri uwo musi: ahantu hose hahora imizabibu igihumbi iciye ibice igihumbi vy’ifeza+, hazoba, emwe, hazoba ah’ibisaka vy’amahwa n’ah’ivyatsi bibi+.
24 Azoza ng’aho n’imyampi n’umuheto+, kuko igihugu cose kizocika ibisaka vy’amahwa n’ivyatsi bibi.
25 Kandi ku misozi yose yahora ikurwako ibiterwa bigorana hakoreshejwe isuka, emwe, ntuzohaza kubera ugutinya ibisaka vy’amahwa n’ivyatsi bibi; kandi hazocika koko ikibanza co kurekuriramwo amashūri, n’ubutaka buhonyangwa n’intama+.”