Yesaya 7:1-25

7  Nuko mu misi ya Ahazi+ mwene Yotamu, Yotamu mwene Uziya, umwami wa Yuda, Rezini+ umwami wa Siriya na Peka+ mwene Remaliya, umwami wa Isirayeli, baduga i Yeruzalemu kuhatera, mugabo harabananira+.  Maze inzu ya Dawidi imenyeshwa ngo: “Siriya yegamiye Efurayimu+.” Maze umutima wiwe be n’umutima w’abantu biwe itangura kudegedwa, nka kurya ibiti vy’ikibira bidegedwa kubera umuyaga+.  Maze Yehova abwira Yesaya ati: “Sohoka, ndakwinginze, uhure na Ahazi, wewe na Sheyari-yashubu+ umuhungu wawe, amaja ku mpera y’umugende w’ikidengeri+ co haruguru iruhande y’inzira y’ikirari y’itongo ry’umumesuzi+.  Kandi utegerezwa kumubwira uti: ‘Wiyubare kandi ugume utekanye+. Ntutinye, kandi umutima wawe ntushe coba+ kubera udusunwa tubiri tw’izo ngegene zifumba umwotsi, kubera ishavu rirurumba rya Rezini na Siriya na mwene Remaliya+,  ku mpamvu y’uko Siriya, ari kumwe na Efurayimu na mwene Remaliya, yagiye inama yo kugukorera ikibi, avuga ati:  “Tuduge kurwanya Yuda, tuyitabagure, tuyigarurire mu kuyicamwo ibihengeri; kandi twimike uwundi mwami aganze hagati muri yo, mwene Tabeyeli+.”  “‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ntibizorama, no kuba ntibizoba+.  Kuko umutwe wa Siriya ari Damasiko, umutwe wa Damasiko na wo ukaba Rezini; kandi mu myaka mirongo itandatu n’itanu gusa Efurayimu izojanjagurwa ireke kuba igisata+.  Kandi umutwe wa Efurayimu ni Samariya+, umutwe wa Samariya na wo ni mwene Remaliya+. Mutagize ukwizera, ntimuzomara igihe kirekire+.”’” 10  Yehova yongera kubwira Ahazi ati: 11  “Niwisabire Yehova Imana yawe ikimenyetso+, ukigire icimbitse nk’ukuzimu canke ukigire igihanitse nk’uturere tw’iyo hejuru.” 12  Mugabo Ahazi avuga ati: “Sinsaba, eka mbere singeza Yehova.” 13  Na we avuga ati: “Ndakwinginze wumvirize, wa nzu ya Dawidi! Mbega ni ikintu gitoyi kuri mwebwe kuba muruhisha abantu, mukaruhisha n’Imana yanje+? 14  Ni co gituma Yehova ubwiwe azobaha ikimenyetso: Raba! Umwigeme+ azokwibungenga koko+, avyare umuhungu+, kandi azomwita Emanweli. 15  Azorya amasoro n’ubuki niyamenya kwanka ikibi no guhitamwo iciza+. 16  Kuko imbere y’uko uwo muhungu amenya kwanka ikibi no guhitamwo iciza+, ubutaka bw’abo bami babiri, abo wumvira ubwoba bushegesha, buzohebwa rwose+. 17  Yehova azozana kuri wewe+ no ku bantu bawe no ku nzu ya so wawe, imisi itigeze iza kuva umusi Efurayimu yahindukira ikava kuri Yuda+, ni ukuvuga umwami wa Ashuri+. 18  “Uku ni ko bitegerezwa kuba kuri uwo musi: Yehova azovuza agahwa ahamagare insazi ziri ku mpera y’imigende ya Nili ya Misiri n’inzuki+ ziri mu gihugu ca Ashuri+, 19  kandi zizoza koko zigwe zose hamwe ku myonga y’imanga no ku migaga y’amabuye y’urutare no ku bisaka vy’inzitane vy’amahwa vyose no ku ngomero zose+. 20  “Kuri uwo musi, hakoreshejwe urumosho rukoswe mu karere ka rwa Ruzi+, mbere hakoreshejwe umwami wa Ashuri+, Yehova azomwa umutwe n’ubwoya bwo ku birenge, kandi n’ubwanwa ruzokungutura+. 21  “Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba kuri uwo musi: umuntu azozigamira ubuzima ishashi yo mu busho be n’intama zibiri+. 22  Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba: kubera ko hazoboneka amata menshi, azorya amasoro; kuko amasoro n’ubuki+ ari vyo uwuzosigara hagati mu gihugu wese azorya. 23  “Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba kuri uwo musi: ahantu hose hahora imizabibu igihumbi iciye ibice igihumbi vy’ifeza+, hazoba, emwe, hazoba ah’ibisaka vy’amahwa n’ah’ivyatsi bibi+. 24  Azoza ng’aho n’imyampi n’umuheto+, kuko igihugu cose kizocika ibisaka vy’amahwa n’ivyatsi bibi. 25  Kandi ku misozi yose yahora ikurwako ibiterwa bigorana hakoreshejwe isuka, emwe, ntuzohaza kubera ugutinya ibisaka vy’amahwa n’ivyatsi bibi; kandi hazocika koko ikibanza co kurekuriramwo amashūri, n’ubutaka buhonyangwa n’intama+.”

Utujambo tw'epfo