Yesaya 66:1-24
66 Ibi ni vyo Yehova avuze: “Amajuru ni yo ntebe yanje y’ubwami+, isi na yo ni intebe y’ibirenge vyanje+. None inzu mushobora kunyubakira iri hehe+, kandi none ikibanza combera aho kuruhukira kiri hehe+?”
2 “Ibi bintu vyose rero ukuboko kwanje kwarabikoze, ku buryo ivyo vyose vyabayeho+,” ni ko Yehova avuze. “Uyu rero ni we nzokwitegereza: umuntu w’umurushwa, adogombwa mu mutima+, ajugumizwa n’ijambo ryanje+.
3 “Uwukerera ishūri ameze nk’uwica umuntu+. Uwushikana intama bwa kimazi ameze nk’uwuvuna imbwa izosi+. Uwushikana ituro, emwe, ameze nk’uwushikana amaraso y’ingurube+! Uwushikiriza icibutso c’imibavu ya olibani+ ameze nk’uwuhezagira akoresheje amajambo y’ivy’amageza+. Ni bo kandi bahisemwo inzira zabo bwite, umutima wabo ugahimbarwa n’ibintu vyabo bisesemye+.
4 Nanje nzohitamwo uburyo bunyuranye bwo kubafata nabi+; kandi nzobateza ibibaca ivutu+; kuko nahamagaye ntihagire n’umwe yitaba; naravuze, ntihagira n’umwe yumviriza+; bagumye bakora ivyari bibi mu maso yanje, bahitamwo ikitampimbara+.”
5 Nimwumve ijambo rya Yehova, mwebwe abajugumizwa n’ijambo ryiwe+: “Bene wanyu babanka+, bakabaca babahoye izina ryanje+, bavuze ngo: ‘Yehova naninahazwe+!’ Emwe, azoseruka mugire umunezero+, kandi ni bo bazomaramazwa+.”
6 Hari urwamo rw’intureka ruva mu gisagara, urwamo ruva mu rusengero+! Ni urwamo rwa Yehova ariko yishura abansi biwe ivyo bakwiriye+.
7 Imbere y’uko umugore atangura kuja mu bubabare bw’ibise, yaravyaye+. Imbere y’uko ashikirwa n’imisonga y’ukwibaruka, yibarutse umwana w’umuhungu+.
8 Ni nde yumvise ikintu nk’ico+? Ni nde yabonye ibintu nk’ivyo+? Mbega igihugu+ covyarwa mu bubabare bw’ibise mu musi umwe+? Canke, ihanga+ ryovukira rimwe+? Kuko Siyoni yagiye mu bubabare bw’ibise yongera iribaruka abana bayo.
9 “Nayo jewe, mbega notuma igitereko ciyugurura sintume haba ukwibaruka+?” ni ko Yehova avuga. “Canke, mbega ndatuma haba ukugomba kwibaruka mugabo nkugara vy’ukuri igitereko?” ni ko Imana yawe ivuze.
10 Nimuhimbarwe hamwe na Yeruzalemu, munezeranwe+, mwese abamukunda+! Nimwiginane na we rwose, mwese abaguma bamugandariye+;
11 kuko muzokwonka mugahaga koko ibere ry’ukwirurwa na we kwuzuye; kuko muzonunuza imoko ryiwe ry’ubuninahazwa bwiwe mugasoserwa+.
12 Kuko ibi ari vyo Yehova avuze: “Ehe ngira ndamuhe amahoro ameze nk’uruzi+, n’ubuninahazwa bw’amahanga bumeze nk’uruzi rw’isumo rusegenyuka+, kandi ntimuzobura kwonka+. Muzotwarwa ku kiyunguyungu, babakuyakuyire ku mavi+.
13 Kurya kw’umuntu aguma ahozwa na nyina wiwe, ni ko namwe nzoguma ndabahoza+; kandi mu bijanye na Yeruzalemu, muzohozwa+.
14 Muzobibona koko, kandi umutima wanyu ntuzobura kwigina+, n’amagufa yanyu+ akanaga nk’ivyatsi biremvye+. Kandi ukuboko kwa Yehova ntikuzobura kumenyeshwa abasavyi biwe+, mugabo ntazobura gusiba abansi biwe+.”
15 “Kuko ehe Yehova ubwiwe aje nk’umuriro+, imikogote yiwe ikaba imeze nk’umuyaga w’ikirura+, kugira ngo yishure ishavu ryiwe akoresheje ubushangashirwe, n’uguhambara kwiwe akoresheje imbeya z’umuriro+.
16 Kuko, nka kurya kw’umuriro, Yehova azokwifatira mu minwe koko imburano, egome, akoresheje inkota yiwe+, arwanye ikiri n’umubiri cose; kandi abishwe na Yehova bazoba benshi+.
17 Abiyeza kandi bakihumanura kugira baje mu mirima+ inyuma y’umuntu ari hagati na hagati, bakarya inyama z’ingurube+ be n’ikintu gishisha, mbere na ya mbeba isimbagurika+, bose hamwe bazoshika kw’iherezo ryabo,” ni ko Yehova avuze.
18 “Ku bijanye n’ibikorwa vyabo+ n’ivyiyumviro vyabo+, ndaje kugira ngo nkoranirize hamwe amahanga yose n’indimi zose+; kandi bazotegerezwa kuza, babone ubuninahazwa bwanje+.”
19 “Nzoshira ikimenyetso hagati yabo+, bamwe mu bacitse kw’icumu ndabarungike mu mahanga+: i Tarushishi+, i Puli n’i Ludi+ mu bafozi b’umuheto, Tubali na Yavani+, amazinga ya kure+, abatumvise inkuru zinyerekeye canke ngo babone ubuninahazwa bwanje+; kandi ntibazobura kuvuga ubuninahazwa bwanje mu mahanga+.
20 Emwe, bazozana bene wanyu bose babakuye mu mahanga yose+, babe ituro rihabwa Yehova+, babazanye ku mafarasi no mu mikogote no mu bireruzo bipfutse, ku nyumpu no ku ngamiya z’ingore zinyaruka+, gushika ku musozi wanje mweranda+, Yeruzalemu,” ni ko Yehova avuze, “nk’iyo bene Isirayeli bazanye ituro mu combo kidahumanye, mu nzu ya Yehova+.”
21 “Kandi nzotora bamwe muri bo babe abaherezi, babe Abalewi,” ni ko Yehova avuze.
22 “Kuko, nk’uko amajuru mashasha+ n’isi nshasha+ ndiko ndakora bihagaze imbere yanje+,” ni ko Yehova avuze, “ni ko n’uruvyaro rwanyu+ be n’izina ryanyu bizoguma bihagaze+.”
23 “Kandi uku ni ko bizoba koko: guhera ku mboneko y’ukwezi gushika ku yindi, no guhera kw’isabato gushika ku yindi, ikiri n’umubiri cose kizoza kwunama imbere yanje+,” ni ko Yehova avuze.
24 “Emwe, bazosohoka, bitegereze imivyimba y’abantu bahora bangabitanyako+; kuko inyo zabo zitazopfa, n’umuriro wabo ntuzime+; kandi bazotegerezwa gucika ikintu gisesemye ku kiri n’umubiri cose+.”