Yesaya 65:1-25

65  “Abatari babajije ivyanje+ nararetse barandondera+ . Nararetse ndaronkwa n’abatari bandondeye+. Nabwiye ihanga ritariko ryambaza izina ryanje+ nti: ‘Ndi hano, ndi hano+!’  “Nirirwa nsanziye amaboko igisata c’abantu b’akagagazo+, abagendera mu nzira itari nziza+, bagakurikira ivyiyumviro vyabo+;  igisata kigizwe n’abantu bama bambabaza+ imbonankubone, bagashikanira ibimazi mu mirima+ bakongera bagafumbishiriza umwotsi w’ibimazi+ ku matafari,  bakicara hagati mu mva+, bakanarara mbere mu tururi tw’inderetsi, bakarya inyama z’ingurube+, mbere umufa w’ibihumanye+ ukaba mu vyombo vyabo;  abavuga ngo: ‘Guma aho uri. Ntunyegēre, kuko ntabura kukwandukiza ubweranda+.’ Abo ni umwotsi mu mazuru yanje+, umuriro waka bukarinda bwira+.  “Raba! Biranditswe imbere yanje+. Sinzoguma ninumiye+, mugabo nzotanga impera+; mbere nzotanga impera mu gikiriza cabo+,  ku bw’amakosa yabo no ku bw’amakosa ya ba sekuruza babo, icarimwe+,” ni ko Yehova avuze. “Kubera ko bafumbishirije umwotsi w’ibimazi ku misozi, bakansigira iceyi+ ku mirambi+, imbere ya vyose nzobagerera rero impembo mu gikiriza cabo+.”  Ibi ni vyo Yehova avuze: “Nk’uko nyene umuvinyu mushasha+ usangwa mu musoko w’inzabibu, umuntu akavuga koko ati: ‘Ntuwonone+, kuko muri wo hari umuhezagiro+,’ ni ko nzogirira abasavyi banje kugira ngo sindabageseze bose+.  Nzozana uruvyaro ndarukuye muri Yakobo+, muri Yuda na ho nkureyo uwuzotorana imisozi yanje+; abo natoye ntibazobura kuhigarurira+, kandi abasavyi banje ni ho bazoba+. 10  Sharoni+ hazocika koko itongo ryo kuragiramwo intama+, ikiyaya co hasi ca Akori+ na co gicike ahantu inka ziruhukira, ku bw’abantu banje bazoba bandondeye+. 11  “Mugabo mwebwe muri abaheba Yehova+, mukibagira umusozi wanje mweranda+, mugatunganiriza imeza imana y’Umugisha*+, mukuzuriza imana Rugenibishika umuvinyu uvanze+. 12  Nanje nzobagenera kurigatwa n’inkota+, mwese mwunamire gukererwa+; kubera ko nahamagaye+ ntimwitabe; naravuze ntimwumviriza+; mwagumye mukora ivyari bibi mu maso yanje+, muhitamwo ikintu kitampimbara+.” 13  Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Raba! Abasavyi banje bazorya+, mugabo mwebwe muzokwicwa n’inzara+. Raba! Abasavyi banje bazonywa+, mugabo mwebwe muzokwicwa n’inyota+. Raba! Abasavyi banje bazonezerwa+, mugabo mwebwe muzokwicwa n’ibimaramare+. 14  Raba! Abasavyi banje bazokwiha akamo k’umunezero kubera bamerewe neza ku mutima+, mugabo mwebwe muzoboroga kubera umubabaro wo mu mutima, mumokeshwe n’ukudendebuka kw’umutima+. 15  Muzoshiraho izina ryanyu ngo ribe iryo kurahirwa n’abo natoye, kandi Umukama Segaba Yehova azobica vy’ukuri umwumwe+, mugabo abasavyi biwe azobita irindi zina+; 16  ku buryo uwo wese azokwihesha umuhezagiro mw’isi azowihesha biciye kuri ya Mana y’ukwizera+, uwo wese arahira indahiro mw’isi na we akazorahira ya Mana y’ukwizera+; kubera ko amarushwa ya kera azokwibagirwa vy’ukuri no kubera ko azohishwa vy’ukuri amaso yanje+. 17  “Kuko ehe ndiko ndema amajuru mashasha+ n’isi nshasha+; kandi ivya kera ntibizokwibukwa+, eka mbere ntibizoza mu mutima+. 18  Mugabo nimwigine+, munezererwe ibihe bidahera ivyo ndiko ndarema+. Kuko ehe ndiko ndema Yeruzalemu ibe imvo yo kunezerwa, n’abantu bayo babe imvo yo kwigina+. 19  Nzonezererwa Yeruzalemu, nigine abantu banje+; kandi iwe ntihazosubira kwumvikana urwamo rw’amarira canke urwamo rw’akaruru k’amaborogo+.” 20  “Ntihazokwongera kuba umwana yonka wo ng’aho amara imisi mikeyi+, canke umutama adakwiza imisi yiwe+; kuko umuntu azopfa ari nk’agahungu, naho azoba afise imyaka ijana; nayo umucumuzi, naho azoba afise imyaka ijana azohamagarirwako akabi+. 21  Emwe, bazokwubaka amazu bayiberemwo+; emwe, bazotera imirima y’imizabibu birire ivyamwa vyayo+. 22  Ntibazokwubaka ngo uwundi ayibemwo; ntibazotera ngo uwundi abirye. Kuko imisi y’abantu banje izoba nk’imisi y’igiti+; kandi abo natoye bazokwinovora bimwe bishitse igikorwa c’amaboko yabo+. 23  Ntibazocumukurira ubusa+, eka ntibazovyarira ivyago+; kuko ari uruvyaro rugizwe n’abahezagiwe ba Yehova+, hamwe n’abazobamukako+. 24  Kandi uku ni ko bizoba vy’ukuri: batarasemerera, jewe nzobishura+; bakiriko baravuga, jewe nzokwumva+. 25  “Ibingira+ n’umwagazi w’intama bizorishanya+, kandi intambwe izorya ubwatsi nk’ishūri+; nayo inzoka, umukungugu ni wo uzoba indya zayo+. Nta nabi bizokora+ canke ngo bigire ico vyononye ku musozi wanje mweranda iyo uva ukagera+,” ni ko Yehova avuze.

Utujambo tw'epfo

Canke, “Igihamana.”