Yesaya 64:1-12

64  Yoo! ese iyo uba waratantamuye amajuru, ukamanuka+, imisozi ikanyiganyiga kubera wewe+,  nk’igihe umuriro udometse ikigunda, kandi umuriro ukabiza amazi, kugira ngo wewe umenyeshe izina ryawe abarwanizi bawe+, kugira ngo amahanga ahagarike umutima kubera wewe+!  Hamwe wakora ibintu biteye ubwoba+ tutaziga, waramanutse. Imisozi yaranyiganyize kubera wewe+.  Kandi kuva kera nta n’umwe yumvise+, eka nta wateze ugutwi, eka nta jisho ryabonye iyindi Mana itari wewe+, igira ico ikoreye uwuguma ayiteze+.  Wahuye n’uwigina agakora ivy’ubugororotsi+, abaguma bakwibuka mu nzira zawe+. Raba! Wewe ubwawe wararakaye+, mu gihe twaguma ducumura+, tubimaramwo igihe kirekire; none ubwo turakwiriye gukizwa+?  Ducika nk’umuntu ahumanye, twese uko tungana, ibikorwa vyacu vy’ubugororotsi vyose na vyo bikaba bimeze nk’impuzu yo mu bihe vy’ubutinyanka+; tuzoyama nk’amababi+, twese, kandi amakosa yacu ni yo azodukukumura nk’umuyaga+.  Nta n’umwe yambaza izina ryawe+, nta n’umwe avyuka ngo agufate; kuko waduhishije mu maso hawe+, ugatuma dushongeshwa+ n’ububasha bw’ikosa ryacu.  None rero, ewe Yehova, uri Data+. Twebwe turi ibumba+, nawe uri Umubumvyi wacu+; kandi twese turi igikorwa c’ukuboko kwawe+.  Ewe Yehova, nturakare bimwe birenze+, kandi ntiwibuke ikosa ryacu ibihe bidahera+. Ehe raba, turakwinginze: twese turi abantu bawe+. 10  Ibisagara vyawe vyeranda+ vyacitse agahinga. Siyoni+ ubwayo yacitse agahinga gasa, Yeruzalemu icika igiharabuga+. 11  Inzu yacu y’ubweranda n’ubwiza+, iyo ba sogokuruza bacu bagushemerezamwo+, ubwayo yacitse ikintu co guturira mu muriro+; kandi kimwe cose mu bintu vyacu bihimbaye+ cacitse agatikizo. 12  None imbere y’ivyo bintu, mbega uzobandanya kwitangīra+ ga Yehova? Mbega uzoguma winumiye, ureke dutezwe amarushwa bimwe birenze+?

Utujambo tw'epfo