Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yesaya 63:1-19

63  Ni nde uyo aje ava i Edomu+, uw’impuzu z’amabara abengagira aje ava i Bozira+, uyo ateye iteka mu vyambarwa vyiwe, agendera mu bwinshi bw’inkomezi ziwe? “Ni jewe, Umwe avuga mu bugororotsi+, Umwe agwije inkomezi ku bwo gukiza+.”  Kubera iki ivyambarwa vyawe bitukura, impuzu zawe na zo zigasa n’iz’uwuganisha ibirenge mu ruganiro rw’umuvinyu+?  “Ubwato bw’umuvinyu nabuganishijemwo ibirenge jenyene+, ata n’umwe turi kumwe wo mu bisata vy’abantu. Nagumye ndabaganisha ibirenge mw’ishavu ryanje+, nguma ndabakandagira mu bushangashirwe bwanje+. Amaraso yabo ataruka yaguma atarukira ku mpuzu zanje+, kandi ivyambarwa vyanje vyose naravyanduje.  Kuko umusi w’ukwihora uri mu mutima wanje+, kandi umwaka w’abacunguwe banje waje.  Nagumye nitegereza, mugabo ntihagira uwumfasha; ndajorerwa, mugabo ntihagira uwunshigikira+. Nuko ukuboko kwanje kundonsa ubukiriro+, kandi ubushangashirwe+ bwanje ni bwo bwanshigikiye.  Nagumye nkandagira ibisata vy’abantu mw’ishavu ryanje, ndababoreza ubushangashirwe bwanje+, nsesa amaraso yabo yataruka+.”  Nzovuga ibikorwa vy’ubuntu bwuzuye urukundo vya Yehova+, amashemezo ya Yehova, nk’uko ivyo Yehova yatugiriye vyose biri+, egome, ukumera neza kwinshi yagiriye inzu ya Isirayeli+, ukwo yabagiriye nk’uko imbabazi ziwe ziri+, nk’uko kandi ibikorwa vyiwe vyinshi vy’ubuntu bwuzuye urukundo biri.  Yavuze kandi ati: “Ni ukuri, ni abantu banje+, abana batazohemuka+.” Ni co gituma ari bo yabereye Umukiza+.  Mu marushwa yabo yose, vyaramuteye amarushwa+. Kandi intumwa yiwe bwite yarabakijije+. Mu rukundo rwiwe no mu mpuhwe ziwe, we ubwiwe yarabacunguye+, araheza abashira hejuru yongera arabaterura imisi yose ya kera+. 10  Mugabo bo baragararije+, bababaza impwemu nyeranda yiwe+. Yaciye ahinduka umwansi+ wabo, we ubwiwe arabarwanya+. 11  Maze batangura kwibuka imisi ya kera, na Musa umusavyi wiwe, ngo: “Ari hehe Umwe yabadugana abakuye mu kiyaga+ hamwe n’abungere b’umukuku wiwe+? Ari hehe Umwe yamushiramwo impwemu nyeranda yiwe+? 12  Ari hehe Umwe yatuma ukuboko kwiwe kwiza+ kugendera iburyo bwa Musa; Umwe yasatura amazi imbere yabo+ kugira ngo yiheshe izina ryamaho igihe kitagira urugero+; 13  Umwe yabacisha mu mazi asuriranya, ku buryo badatsitara, nka kurya kw’ifarasi mu gahinga+? 14  Nka kurya igikoko kimanuka mu kiyaya c’umubande, impwemu ya Yehova yaciye ituma baruhuka+.” Ukwo ni ko wayoboye abantu bawe kugira ngo wiheshe izina ryiza+. 15  Niwitegereze uri mw’ijuru+, urabe uri ahantu hakirurutse uba h’ubweranda n’ubwiza+. Mbega umwete wawe+ n’ubushobozi bwawe bwuzuye, ukudobangana kw’amara yawe+ be n’imbabazi+ zawe, biri hehe? Vyanse kuza iyo ndi+. 16  Kuko uri Data+; naho Aburahamu yoba atatumenye, na Isirayeli ntatwemere, wewe, ewe Yehova, uri Data. Umucunguzi wacu wo kuva kera, ni ryo zina ryawe+. 17  Kubera iki ga Yehova, uguma utwangariza kure y’inzira zawe? Kubera iki ukomantaza umutima wacu ngo ntugutinye+? Nugaruke ku bw’abasavyi bawe, ku bw’imiryango y’intoranwa yawe+. 18  Igisata cawe ceranda+ camaze akanya gatoyi gusa kihagaba. Abarwanizi bacu barahonyanze aheranda hawe+. 19  Haheze igihe kirekire ducitse nk’abo utaganje, nk’abatitiriwe izina ryawe+.

Amakuru yiyongereye