Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yesaya 62:1-12

62  Ku bwa Siyoni sinzoguma ninumiye+, kandi ku bwa Yeruzalemu+ sinzoguma ntekereje, gushika ubugororotsi bwiwe buserutse nk’ukwakaka+, ubukiriro bwiwe na bwo nk’ikimuri caka+.  “Amahanga ntazobura kubona ubugororotsi bwawe+, ewe mugore+, n’abami bose babone ubuninahazwa bwawe+. Kandi uzokwitwa vy’ukuri izina rishasha+, iryo akanwa ka Yehova kazotora.  Uzocika koko urugori rw’ubwiza mu kuboko kwa Yehova+, n’igitambara co mu mutwe c’ubwami mu kiganza c’Imana yawe.  Ntibizokwongera kuvugwa ko uri umugore yahebwe buhere+; kandi igihugu cawe ntikizokwongera kuvugwa ko cacitse umusaka+; mugabo wewe uzokwitwa Uwumpimbara+, igihugu cawe na co citwe Uwabiriwe. Kuko Yehova azoba yaguhimbariwe, kandi igihugu cawe kizokwabirwa+.  Kuko, nk’uko umusore atwara umwigeme w’isugi ngo amubere umugore, ni ko n’abahungu bawe bazogutwara ngo ubabere umugore+. Kandi Imana yawe izokwigina+ n’umwigino w’umukwe yigina umugeni+.  Ku mpome zawe, ewe Yeruzalemu, nahashize inderetsi+. Umurango wose n’ijoro ryose, nantaryo, ntizigume zinumiye+. “Mwebwe abavuga Yehova+, ntimucereze+,  kandi ntimumuhe agacerere namba, emwe, gushika Yeruzalemu ayigize ishemezo mw’isi+.”  Yehova yararahiye n’ukuryo kwiwe+ be n’ukuboko kwiwe gukomeye+ ati: “Sinzokwongera gutanga intete zawe ngo zibere ibifungurwa abansi bawe+, eka n’abanyamahanga ntibazonywa umuvinyu wawe mushasha+ wacumukuriye.  Mugabo abazimbura ni bo bazozirya, kandi ntibazobura gushemeza Yehova; abawegeranya ni bo bazowunywa mu bigo vyanje vyeranda+.” 10  Sohoke, sohokane mu marembo! Nimutunganye inzira y’abantu+. Nimutsindagire, nimutsindagire inzira y’ikirari. Nimuyikuremwo amabuye+. Nimudugirize ikimenyetso ibisata vy’abantu+. 11  Raba! Yehova ubwiwe yavyumvikanishije gushika mu gace ka kure rwose k’isi+, ati: “Nimubwire umukobwa wa Siyoni+ muti: ‘Raba! Ubukiriro bwawe buraje+. Raba! Impera atanga iri kumwe na we+, kandi impembo atanga iri imbere yiwe+.’” 12  Kandi abantu ntibazobura kubita igisata ceranda+, abacunguwe na Yehova+; nawe ubwawe uzokwitwa Bironderwa, Igisagara Kitahebwe Buhere+.

Amakuru yiyongereye