Yesaya 61:1-11

61  Impwemu y’Umukama Segaba Yehova iri kuri jewe+, kuko Yehova yandobanuje amavuta+ kugira ngo mbwire inkuru nziza abatekereza+. Yantumye gutubika abavunitse umutima+, gutangaza ukurekurwa ku batwawe ari imbohe+, n’uguhumurwa amaso rwose ku banyororo+;  gutangaza umwaka w’ubutoni wa Yehova+ be n’umusi w’ukwihora w’Imana yacu+; guhoza abagandaye bose+;  guha abagandariye Siyoni, kubaha icambarwa co mu mutwe mu kibanza c’iminyota+, amavuta y’umwigino+ mu kibanza c’ikigandaro, umutamana w’ishemezo mu kibanza c’umutima udendebukiwe+; kandi bazokwitwa vy’ukuri ibiti bininibinini vy’ubugororotsi+, umurima watewe na Yehova+, kugira ngo asharizwe+.  Bazosubira koko kwubaka ibibanza bimaze igihe kirekire vyaratikijwe+; bazoduza ibibanza vyagizwe umusaka vya kera+, kandi bazosanura koko ibisagara vyatikijwe+, ibibanza vyagizwe umusaka uko iyaruka ryagiye rikurikira irindi.  “Ab’ahandi bazohagarara ng’aho koko baragire imikuku yanyu+, kandi abanyamahanga+ bazobabera abarimyi n’abakozi bo mu mirima y’imizabibu+.  Nayo mwebwe, muzokwitwa abaherezi ba Yehova+; muzovugwa+ ko muri abasuku+ b’Imana yacu. Muzorya amatunga y’amahanga+, kandi muzokwihaya ubuninahazwa bwabo akamwemwe kabasya+.  Mu kibanza c’ibimaramare vyanyu hazoba umugabane urimwo ibiri+, mu kibanza c’agateterwe na ho bihe akamo k’umunezero kubera umuturi wabo+. Ni co gituma mu gihugu cabo bazokwigarurira umugabane urimwo ibiri+. Bazogira umunezero wo gushika igihe kitagira urugero+.  Kuko jewe Yehova nkunda ubutungane+, nkanka ubwambuzi hamwe n’ibitagororotse+. Nzotanga impembo yabo mu kuri+, kandi ku biberekeye nzopfundika isezerano ryamaho igihe kitagira urugero+.  Uruvyaro rwabo ruzomenyekana vy’ukuri mu mahanga+, n’ababamukako bamenyekane mu bisata vy’abantu. Abazobabona bose bazobamenya+, yuko ari uruvyaro Yehova yahezagiye+.” 10  Nzokwigina muri Yehova ata kabuza+. Umutima wanje uzonezerwa mu Mana yanje+. Kuko yanyambitse impuzu z’ubukiriro+; yantwikiriye umwitero utagira amaboko w’ubugororotsi+, nk’umukwe yambara icambarwa co mu mutwe+ kumwe kw’abaherezi, kandi nk’umugeni yishariza n’udusharizo twiwe+. 11  Kuko, nk’uko isi izana umunago wayo, nk’uko kandi umurima umeza ibibibwe muri wo+, ni ko Umukama Segaba Yehova azomeza ubugororotsi+ n’ishemezo imbere y’amahanga yose+.

Utujambo tw'epfo