Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Yesaya 60:1-22

60  “Haguruka+, wa mugore we, rungika umuco+, kuko umuco wawe ushitse+, kandi ubuninahazwa bwa Yehova bukaba bukurasiyeko umuco+.  Kuko, ehe umwiza+ uzopfuka isi, umuzimagiza w’umuzitanya na wo upfuke imiryango y’amahanga; mugabo wewe Yehova azokurasirako umuco, kandi ubuninahazwa bwiwe buzokubonekako+.  Amahanga azogenda koko agana umuco wawe+, abami+ na bo bagende bagana ubukayangane bw’ukwaka kwawe+.  “Raramura amaso weraguze, urabe! Bose bakoranirijwe hamwe+; baje kuri wewe+. Abahungu bawe baguma baza bavuye kure, be n’abakobwa bawe, abazokwitwararikwa bari ku kiyunguyungu+.  Ico gihe uzobona, ukayangane koko+, kandi umutima wawe uzodegedwa vy’ukuri, waguke, kuko ubutunzi bw’ikiyaga buzoza bukugana; amatunga y’amahanga azoza kuri wewe+.  Ikigwi kigigimba c’ingamiya kizogupfuka, ingamiya zikiri nto z’ingabo z’i Midiyani n’iz’i Efa+. Iz’i Sheba+ zose, zizoza. Zizoza zikoreye inzahabu n’imibavu ya olibani. Kandi zizotangaza amashemezo ya Yehova+.  Imikuku yose y’i Kedari+, izokoranirizwa iwawe. Impfizi z’intama z’i Nebayoti+, zizogukorera+. Zizoduga ku gicaniro canje kandi zemerwe+, kandi nzoshariza inzu yanje y’ubwiza+.  “Abo ni bande baza baguruka nk’igicu+, nk’inuma zija ku twenge tw’inzu yazo?  Kuko amazinga azoguma anyizigiye+, n’imeri z’i Tarushishi+ nyene nko mu ntango, kugira ngo abana bawe bazanwe bakuwe kure+, ifeza zabo n’inzahabu zabo biri kumwe na bo+, baze bagana izina+ rya Yehova Imana yawe, bagana n’Umweranda wa Isirayeli+, kuko azoba yagusharije+. 10  Abanyamahanga bazokwubaka vy’ukuri impome zawe+, abami babo na bo bagukorere+; kuko mu burakari bwanje nzoba nagukubise+, mugabo mu butoni bwanje sinzobura kukugirira imbabazi+. 11  “Kandi amarembo yawe azoguma yuguruye nantaryo+; ntazokwugarwa haba ku murango canke mw’ijoro, kugira ngo uzanirwe amatunga y’amahanga+, kandi abami babo ni bo bazoba bari imbere+. 12  Kuko ihanga ryose n’ubwami bwose bitazogukorera bizoyogera; kandi amahanga ntazobura gutikira+. 13  “Ubuninahazwa bwa Libani buzoza kuri wewe, igiti c’umuberoshi, igiti c’umutidari be n’akajwari icarimwe+, kugira ngo ikibanza c’aheranda hanje gisharizwe+; kandi nzoninahaza ikibanza c’ibirenge vyanje+. 14  “Abana b’abaguteza amarushwa bazotegerezwa kuza kuri wewe bakwunamira+; abakugaya bose bazotegerezwa gukubita inkoro hasi imbere y’ubworo bw’ibirenge vyawe+, kandi bazobwirizwa kukwita igisagara ca Yehova, Siyoni+ y’Umweranda wa Isirayeli. 15  “Aho kuba uwahebwe buhere be n’uwanswe, aho ata n’umwe arengana+, nzokugira koko ikintu co kwishimira gushika igihe kitagira urugero, nkugire umwigino uko iyaruka rikurikira irindi+. 16  Kandi uzokwonka vy’ukuri amaberebere y’amahanga+, wonke ibere ry’abami+; kandi ntuzobura kumenya yuko jewe Yehova+ ndi Umukiza+ wawe, kandi ko Umunyabubasha+ wa Yakobo ari we Mucunguzi+ wawe. 17  Mu kibanza c’umujumpu nzozana inzahabu+, mu kibanza c’icuma nzane ifeza, mu kibanza c’igiti nzane umujumpu, mu kibanza c’amabuye na ho, icuma; kandi nzogena amahoro ngo akubere abacungezi+, n’ubugororotsi ngo bukubere abagabuzi b’ibikorwa+. 18  “Nta wuzosubira kwumva ubukazi mu gihugu cawe, ukunyaga canke ugusenyuka hagati y’imbibe zawe+. Kandi impome zawe ntuzobura kuzita Ubukiriro+, amarembo yawe na yo Ishemezo. 19  Izuba ntirizosubira kukubera umuco ku murango, n’ukwezi ntikuzosubira kuguha umuco ngo ukubere umwakaka. Mugabo Yehova azokubera koko umuco wamaho igihe kitagira urugero+, Imana yawe ikubere ubwiza+. 20  Izuba ryawe ntirizosubira kurenga, eka n’ukwezi kwawe ntikuzoyama; kuko Yehova ubwiwe azokubera umuco wamaho igihe kitagira urugero+, kandi imisi y’ukugandara kwawe izoba yarangiye+. 21  Nayo abantu bawe, bose bazoba abagororotsi+; bazokwigabira igihugu gushika igihe kitagira urugero+, babe umunago nitereye+, igikorwa c’amaboko yanje+, kugira ngo nsharizwe+. 22  Umutoyi azocika igihumbi, uwo hasi na we acike ihanga rikomeye+. Jewe Yehova, nzovyihutisha mu gihe cavyo+.”

Amakuru yiyongereye