Yesaya 6:1-13

6  Ariko jewe, mu mwaka Umwami Uziya yapfa+, mbona Yehova+ yicaye ku ntebe y’ubwami+ ikirurutse kandi ishizwe hejuru, kandi impuzu yiwe* yari yuzuye urusengero+.  Abaserafi* bari bahagaze hejuru yiwe+. Umwe wese yari afise amababa atandatu. Abiri yaguma ayapfukishije mu maso hiwe+, yandi abiri akaguma ayapfukishije ibirenge vyiwe, yandi abiri na yo akayagurukisha.  Uyu yarahamagara uriya ati: “Mweranda, mweranda, mweranda ni Yehova nyen’ingabo+. Ubuninahazwa bwiwe bunengesereye isi yose.”  Amasonga+ yo kuzungurukirako y’aminjiriro atangura kudegedwa humvikanye ijwi ry’uwariko ahamagara, inzu na yo ubwayo yuzura umwotsi+.  Nanje mvuga nti: “Ndigorewe! Kuko mbaye nk’uwunumijwe, kubera ko ndi umuntu w’iminwa ihumanye+, nkaba mba mu bantu b’iminwa ihumanye+; kuko amaso yanje abonye Umwami, Yehova nyen’ingabo, ubwiwe+!”  Kuri ivyo, umwe muri ba baserafi araguruka aza aho ndi, kandi mu kuboko kwiwe hari ikara rirurumba+ yari yatoje udupensi ku gicaniro*+.  Araheza ankora ku munwa+, avuga ati: “Raba! Iki kirakoze ku minwa yawe, kandi ikosa ryawe ryagiye, n’igicumuro cawe kirahongewe+.”  Ntangura kwumva ijwi rya Yehova rivuga riti: “Ntume nde, kandi ni nde atugira+?” Ndaheza mvuga nti: “Ndi hano! Ntuma+.”  Abandanya kuvuga ati: “Genda, ubwire aba bantu uti: ‘Nimwumve yemwe incuro n’izindi, ariko ntimutegere; kandi mubone incuro n’izindi, ariko ntihagire ico mumenya+.’ 10  Umutima w’aba bantu nuwudadaze+, amatwi yabo uyakomantaze+, umatanye amaso yabo, kugira ntibaboneshe amaso yabo, n’amatwi yabo ntibayumvishe, no kugira ngo umutima wabo ntutegere, no kugira ntibahindukire koko ngo bakizwe+.” 11  Kuri ivyo mvuga nti: “Kugeza ryari ga Yehova+?” Maze avuga ati: “Gushika ibisagara bihomvaguritse koko, bigasigara ata wubibamwo, n’amazu agasigara ata muntu yakuwe mw’ivu ayabamwo, n’ubutaka bugatikizwa bugacika umusaka+; 12  gushika Yehova yigije kure koko abantu bakuwe mw’ivu, n’ugutabwa kugacika koko ugukomeye hagati mu gihugu+. 13  Kandi muri co hazogumaho ic’icumi+, kandi kizotegerezwa kwongera gucika ikintu co gutongorwa, nka kurya kw’igiti kinini n’uruti rusagaraye bigira igishitsi+ iyo vyiciwe+; uruvyaro* rweranda ni rwo ruzoba igishitsi caco+.”

Utujambo tw'epfo

Ijambo ku rindi ni “ibice vyo hepfo vy’impuzu yiwe.”
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Ijambo ku rindi ni “urubuto.”