Yesaya 59:1-21

59  Raba! Ukuboko kwa Yehova ntikwabaye kugufi cane ku buryo kudashobora gukiza+, canke ngo ugutwi kwiwe kuremere cane ku buryo kudashobora kwumva+.  Oya, ahubwo amakosa yanyu ni yo yabaye ibibatandukanya n’Imana yanyu+, kandi ibicumuro vyanyu ni vyo vyatumye muhishwa mu maso hayo ngo ntiyumve+.  Kuko ibiganza vyanyu vyandujwe n’amaraso+, intoke zanyu na zo zikanduzwa n’ikosa. Iminwa yanyu yavuze ibinyoma+. Ururimi rwanyu rwagumye ruvugira mu ntamatama ibitagororotse+.  Nta n’umwe asemerera mu bugororotsi+, habe n’umwe yagiye kwitwara abigize mu bwizigirwa. Hizigiwe ibintu bitabaho+, havugwa ibitagira mvura+. Hasamwe inda y’ivyago, havyarwa ibibabaza+.  Baberuye amagi y’inzoka y’ubumara, baguma bajisha inzu y’igitangurirwa+. Uwo wese yarya ku magi yabo yarapfa, kandi irigi ryamenwa ryavamwo imamba+.  Inzu y’igitangurirwa yabo ntizobabera impuzu, canke ngo bipfuke ibikorwa vyabo+. Ibikorwa vyabo ni ibikorwa bibi, kandi ibikorwa vy’ubukazi biri mu biganza vyabo+.  Ibirenge vyabo biguma vyirukira ikibi gusa+, kandi bihutira gusesa amaraso y’intungane+. Ivyiyumviro vyabo ni ivyiyumviro bibi+; ukunyaga n’ugusenyuka biri mu mayira yabo y’ibirari+.  Inzira y’amahoro+ barayirengagije, kandi nta butungane buri mu mihora yabo+. Amabarabara yabo barayihetarikiye+. Nta wuyagenderamwo n’umwe azogenda amenye amahoro+.  Ni co gituma ubutungane bwagiye kure yacu, n’ubugororotsi ntibuduhamvye. Tuguma twiteze umuco, mugabo ehe, tubona umwiza; tuguma twiteze ukwakaka, mugabo twagumye tugendera mu muzimagiza w’urudaca+. 10  Tuguma dukabakaba uruhome nk’impumyi, tukaguma dukabakaba nk’abatagira amaso+. Twatsitaye ku mutaga w’amaminangohe nko mu gahwibi; mu bantu b’indyamunyu tumeze nk’abapfuye+. 11  Tuguma tunihagira twese nk’idubu; tuguma tuguguza nk’inuma turi mu kababaro+. Twagumye twiteze ubutungane+, mugabo nta bwabonetse; twagumye twiteze ubukiriro, mugabo bwagumye kure yacu+. 12  Kuko imigararizo yacu yagwiriye imbere yawe+; nayo ibicumuro vyacu, kimwe cose caratwagirije+. Kuko imigararizo yacu iri kumwe natwe; nayo amakosa yacu, turayazi neza+. 13  Harabaye ukugabitanya n’ukwihakana Yehova+; twarasubiye inyuma tuva ku Mana yacu, tuvuga ivy’agahahazo n’umugararizo+, turiyumvira twongera tuvugira mu ntamatama amajambo y’ikinyoma, bivuye mu mutima+. 14  Ubutungane bwahatiwe gusubira inyuma+, ubugororotsi na bwo buguma bwihagarariye kure+. Kuko ukuri kwatsitaye mu kibanza ca bose, kandi ikigororotse ntigishobora kwinjira+. 15  Ukuri kurabuze+, kandi uwukevya agaheba ububi wese aranyagwa+. Kandi Yehova yarabibonye, biba bibi mu maso yiwe kubona ata butungane bwariho+. 16  Abonye ko ata muntu ariho, aca ajorezwa no kubona ko ata n’umwe ahaserutse+. Maze ukuboko kwiwe gutangura gukiza ku bwiwe, kandi ubugororotsi bwiwe ni bwo bwamushigikira+. 17  Nuko yambara ubugororotsi nk’ikoti y’ivyuma+, n’inkofero y’ubukiriro ku mutwe wiwe+. Vyongeye, yambara nk’ivyambarwa impuzu z’ukwihora+, yitwikira umwete nk’umwitero utagira amaboko+. 18  Yisunze ivyo umuntu akora, azotanga impera bikwiranye+, ubushangashirwe ku barwanizi biwe, agirire abansi biwe ivyo babereye+. Amazinga azoyahemba ivyo abereye+. 19  Kandi bazotangura gutinya izina rya Yehova uhereye i burengerazuba+, batinye ubuninahazwa bwiwe uhereye i burasirazuba+, kuko azoza nk’uruzi ruteza amarushwa rujanywe n’impwemu ya Yehova+. 20  “Umucunguzi+ ntazobura kuza kuri Siyoni+, no ku bahindukira bakava mu bigabitanyo muri Yakobo+,” ni ko Yehova avuze. 21  “Nayo jewe, iri ni ryo sezerano ngiranye na bo+,” ni ko Yehova avuze. “Impwemu yanje iri kuri wewe+ be n’amajambo yanje nashize mu kanwa kawe+—ntibizokurwa mu kanwa kawe canke mu kanwa k’uruvyaro rwawe, canke mu kanwa k’uruvyaro rw’uruvyaro rwawe,” ni ko Yehova avuze, “guhera ubu no gushika igihe kitagira urugero+.”

Utujambo tw'epfo