Yesaya 58:1-14

58  “Semerera uherezeko agahogo; ntiwitinye+. Duza ijwi ryawe nk’inzamba, ubwire abantu banje umugararizo+ wabo, n’inzu ya Yakobo ibicumuro vyabo.  Yamara ni je bagumye barondera uko bukeye uko bwije, bakerekana ko ukumenya inzira zanje ari kwo kubahimbara+, nk’ihanga ryashishikara ubugororotsi, ritari ryahevye ubutungane bw’Imana yabo+, kuko baguma bansaba imanza zigororotse, bakegera Imana bahimbarirwa, ngo+:  “‘Kubera iki twisonzesheje ntubibone+, tukibabaza+ ntuvyiteho+?’ “Vy’ukuri, mwahimbarwa n’umusi w’ukwisonzesha kwanyu, igihe mwahindagiza ku bikorwa abakozi banyu bose bacumukura+.  Vy’ukuri, mwisonzeshereza imitongano n’intambara+, be no gukubitisha igipfunsi c’ububisha+. Mbega ntimwaguma mwisonzesha nko ku musi wo kwumvikanisha ijwi ryanyu iyo hejuru?  Mbega ukwo ni ko ukwisonzesha nshima gukwiye kumera, nk’umusi w’uko umuntu yakuwe mw’ivu yibabaza+, akunamika umutwe nk’urukangaga, agasanza igunira n’iminyota ngo bibe uburiri bwiwe+? Mbega ico ni co mwita ukwisonzesha be n’umusi vyemerwa na Yehova+?  “Mbega uku si kwo kwisonzesha nshima: gutekurura amapingu y’ububisha+, kubohora imizana y’umutambikwa w’ingǒgo+, kurekura abajanjaguwe bakidegemvya+, mukavuna umutambikwa wose w’ingǒgo+?  Mbega si ukugaburira umukate wawe uwushonje+, ukazana mu nzu yawe abantu b’abarushwa, batagira uburaro+? Si kugira ngo ubonye uwuri gusa umwambike+, ntiwinyegeze mwene wanyu+?  “Ico gihe umuco wawe woseruka nk’umutwenzi+; ugusubirana kwawe kwonaga ningoga+. Kandi ubugororotsi bwawe bwogendera imbere yawe+; ubuninahazwa bwa Yehova ni bwo bwokubera abacunzi b’inyuma+.  Ico gihe wohamagara, Yehova ubwiwe akakwitaba; wotabaza+, na we akavuga ati: ‘Ndi hano!’ “Niwakura hagati muri wewe umutambikwa w’ingǒgo+, ukareka gutunga agatoki+ no kuvuga ibintu bibabaza+; 10  niwaha uwushonje ico wipfuza, ugahaza uwuhahazwa+, umuco wawe rero ntuzobura kurabiriza mu mwiza, n’umuzimagiza wawe ukamera nk’umutaga+. 11  Yehova ntazobura kwama+ akuyobora+ kandi akaguhaza no mu gihugu kibabutse+, kandi azogarukanira ingoga amagufa yawe+; uzomera nk’umurima uvomerwa neza+, umere kandi nk’isôko ry’amazi, amazi atabesha. 12  Bivuye kuri wewe, ntibazobura kwubaka ibibanza vyatikijwe kuva kera+; uzoduza mbere imishinge y’amayaruka akurikirana+. Kandi uzokwitwa vy’ukuri umusanuzi w’igihengeri+, uwusubizaho amabarabara umuntu ashobora kuba iruhande. 13  “Kubera isabato, niwasubiza inyuma ikirenge cawe ku bijanye no gukora ibiguhimbara ubwawe ku musi wanje mweranda+, kandi isabato ukayita vy’ukuri akaryoshe, umusi mweranda wa Yehova, umusi uninahazwa+, kandi ukawuninahaza aho gukora ivy’inzira zawe bwite, aho kurondera ibiguhimbara no kuvuga amajambo, 14  ni ho uzososerwa na Yehova+, nanje nzotuma ugendera ku bibanza bikirurutse vy’isi+; kandi nzotuma urya ku ntoranwa ya Yakobo sogokuruza wawe+, kuko akanwa ka Yehova ari ko kabivuze+.”

Utujambo tw'epfo