Yesaya 57:1-21
57 Umugororotsi yayogeye+, ariko nta n’umwe abishira ku mutima+. Abantu b’ubuntu bwuzuye urukundo bakoranirizwa ku bapfuye+, kandi nta n’umwe atahura yuko umugororotsi ajanwa kubera ivyago+.
2 Yinjira mu mahoro+; baruhukira+ ku bitanda+ vyabo, abagenda batumbereye bose+.
3 “Nayo mwebwe, nimwegere ng’aha+, mwa bana b’umugore nyamuragura+, mwa ruvyaro rw’umusambanyi n’urw’umugore akora ubumaraya+:
4 Ni nde muryohererwa mutwengagura+? Ni nde muguma mutabururiye umunwa, mukaguma mumusohoreye ururimi+? Mbega ntimuri abana b’ukugabitanya, uruvyaro rw’ikinyoma+,
5 abakabura icipfuzo bari hagati mu biti bininibinini+, munsi y’igiti gitotahaye cose+, bagakererera abana mu myonga munsi y’imigaga y’amabuye y’urutare+?
6 “Umugabane wawe wari kumwe n’amabuye asenye yo mu mwonga+. Ayo, ni yo yari umuturi wawe+. Vyongeye, wayasukiye ishikanwa ry’ikinyobwa+, uyashikanira ituro. Mbega nzokwihumuriza kuri ivyo bintu+?
7 Washize igitanda cawe ku musozi muremure kandi ukirurutse+. Ni ho kandi waduze gushikana ibimazi+.
8 Washize icibutso cawe inyuma y’umuryango n’igishimaryango+. Kuko witwikuruye uja kure yanje uraheza uraduga; waguye igitanda cawe+. Kandi wigiriye isezerano na bo. Wakunze igitanda hamwe na bo+. Witegereje igihimba c’ubugabo.
9 Waciye umanuka ugana Meleki ufise amavuta, uguma ugwiza amavuta manovu yawe+. Wagumye utuma intumwa zawe kure, ku buryo umanura ibintu gushika mu kuzimu+.
10 Mu nzira zawe indiri waracumukuye+. Ntiwavuze uti: ‘Ni ivy’ubusa!’ Inguvu zawe zaranagutse+. Ni co gituma utarwaye+.
11 “Ni nde wagiriye ubwoba ugatangura gutinya+, ku buryo utangura kubesha+? Mugabo jewe ntiwanyibutse+. Nta na kimwe washize ku mutima+. Mbega sinaguma nicerereje, nyegeje ibintu+? Ni co gituma utarushe unantinya+.
12 Jewe nzomenyesha ubugororotsi+ bwawe n’ibikorwa+ vyawe, yuko bitazogira ico bikwunguye+.
13 Niwatabaza, ibintu vyawe umuganda ntibizokurokora+, mugabo umuyaga uzobikukumura mbere vyose+. Impemu zisohotse zizobikuraho, mugabo uwuhungira muri jewe+ azotorana igihugu, yigarurire umusozi wanje mweranda+.
14 Kandi umuntu azovuga ati: ‘Nimutsindagire yemwe, nimutsindagire! Nimutunganye inzira+. Nimukure intambamyi yose mu nzira y’abantu banje+.’”
15 Kuko ibi ari vyo avuze, Umwe akirurutse kandi ari hejuru+, umwe abaho ibihe bidahera+ kandi izina ryiwe rikaba ari ryeranda+: “Ahakirurutse n’aheranda ni ho mba+, kumwe kandi n’uwajanjaguwe, w’impwemu iciye bugufi, ngo ngarurire agatege impwemu y’abaciye bugufi+, ngarurire agatege umutima w’abajanjagurwa+.
16 Kuko ntazonigana gushika igihe kitagira urugero, canke ngo ngume ndakaye ibihe vyose+; kuko impwemu ubwayo yoregera+ kubera jewe, egome, ibiremwa bihumeka jewe ubwanje nakoze+.
17 “Nararakariye ikosa ry’inyungu yiwe y’akarenganyo+, ndaheza ndamukubita, mpisha mu maso hanje+, narakaye. Mugabo yagumye agenda nk’umuhemu+ mu nzira y’umutima wiwe.
18 Narabonye inzira ziwe; naciye ntangura kumukiza+ no kumurongōra+ no kumuha inshumbusho y’uruhoza+, we n’abagandaye biwe+.”
19 “Ndema icamwa c’iminwa+. Hazoba amahoro abandanya ku wuri kure no ku wuri hafi+,” ni ko Yehova avuze, “kandi nzomukiza+.”
20 “Mugabo ababisha bameze nk’ikiyaga gisebagizwa, igihe kidashobora guhwama, amazi yaco akaba aguma asevya ivyatsi vyo mu kiyaga n’urwondo.
21 Nta mahoro ku babisha+,” ni ko Imana yanje ivuze.