Yesaya 56:1-12

56  Ibi ni vyo Yehova avuze: “Nimugumye ubutungane+, kandi mukore ibigororotse+. Kuko ubukiriro bwanje buri hafi gushika+, n’ubugororotsi bwanje bukaba buri hafi guhishurwa+.  Hahiriwe umuntu akora ivyo+, n’umwana w’abantu abigumya+, akubahiriza isabato kugira ntayihumanye+, kandi akarinda ukuboko kwiwe kugira ntigukore ikibi na kimwe+.  Kandi umunyamahanga yifatanije na Yehova ntavuge ngo+: ‘Yehova ntazobura kuntandukanya n’abantu biwe+.’ Kandi inkone*+ ntivuge ngo: ‘Raba! Ndi igiti cumye.’”  Kuko ibi ari vyo Yehova abwiye inkone zigumya amasabato yanje, zikaba zahisemwo ivyampimbaye+, kandi zigacakira isezerano ryanje+:  “Mbere nzobaha mu nzu yanje+ no mu mpome zanje icibutso+ n’izina+, ikintu ciza kuruta abahungu n’abakobwa+. Nzobaha izina gushika igihe kitagira urugero+, iritazorandurwa+.  “Abanyamahanga bifatanije na Yehova ngo bamusukurire+ kandi ngo bakunde izina rya Yehova+, kugira ngo bamubere abasavyi, abubahiriza isabato bose kugira ngo ntibayihumanye kandi bakagumya isezerano ryanje+,  nzobazana rero ku musozi wanje mweranda+, ndabanezereze mu nzu yanje yo gusengeramwo+. Amashikanwa yabo aturirwa uko yakabaye+ be n’ibimazi+ vyabo bizoba ivyo kwemerwa ku gicaniro canje+. Kuko inzu yanje izokwitwa inzu yo gusengeramwo ku bisata vy’abantu vyose+.”  Ivyo Umukama Segaba Yehova avuze, umwe ariko akoraniriza hamwe abashwiragiye ba Isirayeli+, ni ibi: “Nzokoraniriza hamwe kuri we abandi uretse abo mu biwe bamaze gukoranirizwa hamwe+.”  Mwa bikoko vyo mu gahinga mwese, nimuze murye, mwa bikoko vyo mu kibira mwese+! 10  Inderetsi ziwe ni impumyi+. Nta n’umwe muri bo yitayeho ibintu+. Bose ni imbwa z’ibiragi; ntibashoboye gukuga+: barahezagirika, bakiryamira, bakikundira guhunikira+. 11  Mbere ni imbwa z’ameru akaze+; ntibamenye guhaga ico ari co+. Vyongeye, ni abungere batamenye gutegera+. Bose uko bangana barahindukiye bagana inzira yabo bwite, umwe wese akarondera inyungu yiwe y’akarenganyo ku mupaka wiwe bwite+: 12  “Nimuze! Reka mfate akavinyu, tunywe inzoga iboreza twikure+. Kandi ejo ntihazobura kumera nk’uno musi, habe ahakomeye cane rwose kuruta+.”

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.