Yesaya 55:1-13

55  Yemwe abanyotewe mwese+! Nimuze ku mazi+. N’abatagira amahera! Nimuze, mugure murye+. Egome, nimuze, mugure umuvinyu+ n’amata+ mbere ata mahera canke ikiguzi+.  Kubera iki muguma mutanga amahera ku bitari ibifungurwa*, mugacumukurira ibidahaza+? Nimunyumvirize mwitonze, murye ibiryoshe+, muryoherwe cane n’ikinure+.  Nimutege ugutwi+, muze kuri jewe+. Nimwumvirize, mubandanye kubaho+, nanje, n’umutima ukunze, nzogirana namwe isezerano ryamaho igihe kitagira urugero+ ku bijanye n’ubuntu bwuzuye urukundo bwagiriwe Dawidi bwo kwizigirwa+.  Raba! Namutanze+ nk’icabona+ ku miryango y’amahanga+, nk’indongozi+ n’umutware+ ku miryango y’amahanga.  Raba! Uzohamagara ihanga utazi+, kandi abo mw’ihanga batakumenye bazokwirukira+, kubera Yehova Imana yawe+, no ku bwa wa Mweranda wa Isirayeli+, kuko azoba yagusharije+.  Nimurondere Yehova umwanya agishobora kuboneka+. Nimumuhamagare umwanya akiri hafi+.  Umubisha nahebe inzira yiwe+, n’umuntu agira nabi ahebe ivyiyumviro vyiwe+; nagaruke kuri Yehova, uwuzomugirira imbabazi+, ku Mana yacu, kuko izobabarira cane+.  “Kuko ivyiyumviro vyanyu atari vyo vyiyumviro vyanje+, canke ngo inzira zanje zibe ari zo nzira zanyu+,” ni ko Yehova avuze.  “Kuko, nk’uko amajuru ari hejuru cane y’isi+, ni ko n’inzira zanje ziri hejuru cane y’inzira zanyu+, n’ivyiyumviro vyanje bikaba hejuru cane y’ivyiyumviro vyanyu+. 10  Kuko nk’uko imvura y’isegenya imanuka ivuye mu majuru, be na shelegi*, maze ntisubireyo itajobetse isi vy’ukuri ngo itume yimbuka kandi ikamera+, n’imbuto zigahabwa vy’ukuri umubivyi, n’umukate ugahabwa uwurya+, 11  ni ko n’ijambo ryanje riva mu kanwa kanje rizomera+. Ntirizogaruka kuri jewe hatagize ikivamwo+, mugabo rizokora koko icampimbaye+, kandi ata kabuza rizororanirwa mu co naritumye+. 12  “Kuko muzosohokana umunezero+, mwinjizwe mu mahoro+. Imisozi n’imirambi bizogira akamwemwe imbere yanyu n’akamo k’umunezero+, kandi ibiti vy’ishamba vyose bizokoma amashi+. 13  Mu kibanza c’igisaka c’inzitane c’amahwa hazoduga igiti c’umuberoshi+. Mu kibanza c’igisuru kibaba hazoduga igiti c’umuhadasi+. Kuri Yehova bizoba ikintu ca rurangiranwa+, ikimenyetso co gushika igihe kitagira urugero+ kitazorandurwa.”

Utujambo tw'epfo

Ijambo ku rindi ni “umukate.”
“Shelegi” ni ibintu vy’ibivunjivunji vyera cane bigwa nk’imvura.