Yesaya 54:1-17
54 “Niwihe akamo k’umunezero, wa mugore w’ingumba utavyaye+! Nugire akamwemwe n’akamo k’umunezero, wanirize akamo+, wewe utagize ububabare bw’ukwibaruka+, kuko abana b’umugore w’intabwa ari benshi kuruta abana b’umugore afise umugabo amugaba+,” ni ko Yehova avuze.
2 “Agura ikibanza c’ihema ryawe+. Nibaramvure ibitambara vy’ihema vy’itaberenakulo yawe ihambaye. Ntiwitinye. Rehura imigozi yawe y’ihema, ukomeze imambo zawe z’ihema+.
3 Kuko uzokwiragira iburyo n’ibubamfu+, kandi uruvyaro rwawe ruzokwigarurira amahanga+, kandi bazoba mu bisagara vyagizwe umusaka+.
4 Ntutinye+, kuko utazomaramazwa+; kandi ntuteterwe, kuko utazotaha zirayoye+. Kuko uzokwibagira mbere ibimaramare vy’igihe cawe c’ubuto+, kandi iceyi c’ubupfakazi bwawe bubandanya ntuzokwongera kucibuka.”
5 “Kuko Umuhinguzi wawe Ahambaye+ ari we mugabo akugaba+, Yehova nyen’ingabo rikaba ari ryo zina ryiwe+; kandi wa Mweranda wa Isirayeli ni we Mucunguzi wawe+. Azokwitwa Imana y’isi yose+.
6 Kuko Yehova yaguhamagaye nk’aho wari umugore yahebwe buhere kandi yababajwe mu mutima+, kandi nk’umugore wo mu gihe c’ubuto+ yaciye atabwa+,” ni ko Imana yawe ivuze.
7 “Naguhevye buhere akanya gatoyi+, mugabo nzokwegeraniriza hamwe mbigiranye imbabazi nyinshi+.
8 Naguhishije mu maso hanje akanya gatoyi gusa mbigiranye isegenya ry’uburakari+, mugabo nzokugirira imbabazi mbigiranye ubuntu bwuzuye urukundo gushika igihe kitagira urugero+,” ni ko Umucunguzi+ wawe, Yehova, avuze.
9 “Ivyo ni nk’imisi ya Nowa kuri jewe+. Nk’uko narahiye yuko amazi ya Nowa atazokwongera guca hejuru y’isi+, ni ko narahiye yuko ntazokurakarira canke ngo nguhambarire+.
10 Kuko imisozi ishobora gukurwaho, n’imirambi igashobora kudandabagirana+, mugabo ubuntu bwuzuye urukundo bwanje ntibuzokurwa kuri wewe+, canke ngo isezerano ryanje ry’amahoro ridandabagirane+,” ni ko Yehova, Umwe akugirira imbabazi+, avuze.
11 “Ewe mugore watejwe amarushwa+, wazungazungishijwe n’igihuhusi+, utahojejwe+, ehe ndiko nshiraho amabuye yawe nkoresheje ubudongo bugumye+, kandi nzoshinga umushinge wawe+ nkoresheje amabuye ya safiro+.
12 Kandi udukuta twawe tw’ibirindiro nzotugira utw’amabuye y’umutuku+, amarembo yawe na yo ay’amabuye arurumba umuriro, imbibe zawe zose na zo iz’amabuye ateye igomwe.
13 Abana bawe bose+ bazoba abigishijwe na Yehova+, kandi amahoro y’abana bawe azoba menshi+.
14 Uzoba uwushimangiye mu bugororotsi+. Uzoba kure y’agahahazo+—kuko ata gahahazo na kamwe uzotinya—ube kandi kure y’ikintu cose gitera ubwoba, kuko kitazokwegera+.
15 Hamwe hogira uwutera, ntihazoba ari kw’itegeko ryanje+. Uwuzogutera wese azogwa kubera wewe+.”
16 “Raba! Jewe ni je naremye umuhinguzi w’utugenegene, umwe ahuha+ umuriro w’amakara+ akazana ikirwanisho bwa kintu ahinguye. Jewe kandi ni je naremye umuntu ahonya+, ndamuremeye igikorwa c’ugusambagura.
17 Ikirwanisho ico ari co cose kizocurirwa kukurwanya ntikizororanirwa+, kandi ururimi urwo ari rwo rwose ruzoguhagurukira mu rubanza, uzorutsindisha+. Iyo ni yo ntoranwa y’abasavyi ba Yehova+, kandi ubugororotsi bwabo buva kuri jewe,” ni ko Yehova avuze+.