Yesaya 53:1-12

53  Ni nde yizeye ico twebwe twumvise+? Nayo ukuboko kwa Yehova+, ni nde kwahishuriwe+?  Azoduga nk’agashami+ imbere y’umuntu, nk’umuzi mu gihugu kigadutse. Nta shusho y’agakomeye agira, canke ubwiza bwakaka+; kandi nitwamubona, nta sura* agira ku buryo twomwipfuza+.  Yarasuzugurwa kandi akinubwa n’abantu+; yari umuntu agenewe imibabaro n’ukumenya indwara+. Wamenga twari duhishijwe mu maso h’umuntu+. Yarasuzugurwa, tukamubona nk’ubusa+.  Vy’ukuri, indwara zacu ubwiwe yaraziremetse+; nayo imibabaro yacu, yarayikoreye+. Mugabo twebwe twamubona nk’uwatejwe ivyago+, uwakubiswe n’Imana+ kandi yatejwe amarushwa+.  Mugabo yaracumitwa+ azira ukugabitanya kwacu+; yarajanjagurwa azira amakosa yacu+. Uguhanwa kwo kutuzanira amahoro kwari kuri we+, kandi kubera ibikomere vyiwe+ twarashoboye gukira+.  Twese twarayerereye nk’intama+; twarahindukiye umwe wese agana inzira yiwe bwite; Yehova ubwiwe yatumye ikosa ryacu twese rihura n’uyo+.  Yarasugerezwa+, akemera agatezwa amarushwa+; yamara ntiyakurako umunwa. Yazanwa nk’intama igiye gukererwa+; kandi kurya kw’intama y’ingore yacitse ikiragi imbere y’abayikemura, na we nyene ntiyakurako umunwa+.  Kubera ukuzigirizwa be n’urubanza, yarakuweho+; kandi ni nde azokwitaho ido n’ido ry’amamuko yiwe*+? Kuko yatandukanijwe+ n’igihugu c’abazima+. Yakubiswe+ azira ukugabitanya+ kw’abantu banje.  Azomuha ikibanza ciwe co guhambwamwo kumwe n’ababisha+, kumwe n’abatunzi mu rupfu rwiwe+, naho ata bukazi yari yarakoze+, kandi akaba ata buhendanyi bwari mu kanwa kiwe+. 10  Mugabo Yehova ubwiwe yarahimbawe no kumujanjagura+; yamuteye kurwara+. Niwamugira nk’ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha+, azobona uruvyaro rwiwe+, azorehura imisi yiwe+, kandi mu kuboko kwiwe ibihimbara+ Yehova bizokunda+. 11  Kubera ivyago vyiwe, azobona+, azohaga+. Biciye ku bumenyi bwiwe, umugororotsi, umusavyi wanje+, azozanira abantu benshi impagararo igororotse+; kandi amakosa yabo we ubwiwe azoyikorera+. 12  Ku bw’iyo mvo, nzomuha umugabane muri benshi+, kandi azogabanganya isahu kumwe n’abanyabushobozi+, kubera ko yasutse ubuzima bwiwe gushika ku rupfu+, agaharurwa mu bagabitanya+; kandi ubwiwe yiremetse igicumuro c’abantu benshi+, aja hagati ku bw’abagabitanya+.

Utujambo tw'epfo

Canke, “ishusho.”
Ijambo ku rindi ni “iyaruka ryiwe.”