Yesaya 52:1-15

52  Vyuka, vyuka, ambara inkomezi zawe+, ewe Siyoni! Ambara impuzu zawe nziza+, ewe Yeruzalemu, gisagara ceranda+! Kuko uwutagenyerewe kandi ahumanye atazokwongera kuza iwawe+.  Ikunkumure umukungugu+, haguruka, fata icicaro, ewe Yeruzalemu! Itekurure imizana igufashe mw’izosi, ewe mukobwa wa Siyoni wagizwe imbohe+!  Kuko ibi ari vyo Yehova avuze: “Mwagurishijwe kuri gusa+, kandi muzocungurwa ata mahera+.”  Kuko ibi ari vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ubwa mbere abantu banje bamanutse mu Misiri kubayo ari ba kavamahanga+; kandi Ashuri yabahahaje ata gituma.”  “None ubu, ni inyungu nki mfise ng’aha?” ni ko Yehova avuze. “Kuko abantu banje bajanywe kuri gusa+. Ababaganza bagumye baboroga+,” ni ko Yehova avuze, “kandi izina ryanje ryagumye rigawa burinda bwira+.  Ku bw’iyo mvo, abantu banje bazomenya izina ryanje+, emwe, bibe ku bw’iyo mvo kuri uwo musi, kuko ari je ndiko ndavuga+. Raba! Ni jewe.”  Ewe kuntu biteye igomwe ku misozi ibirenge+ vy’uwuzanye inkuru nziza+, uwamamaza amahoro+, uwuzanye inkuru nziza y’ikintu ciza kuruta+, uwamamaza ubukiriro+, uwubwira Siyoni ati: “Imana yawe icitse umwami+!”  Umviriza! Inderetsi+ zawe zashize ijwi hejuru+. Ziguma ziha akamo k’umunezero icarimwe; kuko zizobona amaso mu yandi+, igihe Yehova azogarukana Siyoni+.  Nimugire akamwemwe, nimwihe akamo k’umunezero icarimwe, mwa bibanza vyatikijwe vya Yeruzalemu+, kuko Yehova yahojeje abantu biwe+; yacunguye Yeruzalemu+. 10  Yehova yapfukuye ukuboko kwiwe kweranda mu maso y’amahanga yose+; kandi impera zose z’isi zitegerezwa kubona ubukiriro bw’Imana yacu+. 11  Hindukire, hindukire, veyo+, ntimukore ku gihumanye na kimwe+; sohoke muve hagati muri we+, mugume mudahumanye, mwebwe abarerura ibikoresho vyo mu nzu vya Yehova+. 12  Kuko muzosohoka ata guta umutwe, mukagenda ata guhunga+. Kuko Yehova azoba agendera imbere yanyu+, kandi Imana ya Isirayeli izobabera abacunzi b’inyuma+. 13  Raba! Umusavyi wanje+ azokorana ugutahura kwimbitse+. Azoba mu kibanza co hejuru, aduzwe koko, ashirwe hejuru cane rwose+. 14  Uko benshi bamuravye bumiwe+—kuko isura+ yiwe yononywe cane kuruta iy’uwundi muntu wese, n’ishusho+ yiwe y’agakomeye ikononwa cane kuruta iy’abana b’abantu— 15  ni ko azotera amahanga menshi guhababuka+. Kubera we, abami bazozibira akanwa kabo+, kuko bazobona koko ivyo batadondewe, kandi bazotegerezwa kurimbura ivyo batari barumvise+.

Utujambo tw'epfo