Yesaya 51:1-23
51 “Nimunyumvirize, mwebwe abakurikirana ubugororotsi+, mwebwe abarondera Yehova+. Nimwitegereze igitandara+ mwasatuweko, mwitegereze n’umwobo w’ikinogo mwimbwemwo.
2 Nimwitegereze Aburahamu+ so+, na Sara+ uwahavuye abavyara mu bubabare bw’ukwibaruka. Kuko Aburahamu yari umwe igihe namuhamagara+, ndaheza ndamuhezagira, ndamugwiza+.
3 Kuko Yehova atazobura guhoza Siyoni+. Ata gukeka azohoza ibibanza vyaho vyose vyatikijwe+, agahinga kaho akagire nka Edeni+, ikiyaya c’ubugaragwa caho na co nk’umurima wa Yehova+. Umwigino n’umunezero ni ho bizosangwa, ugukenguruka n’ijwi ry’agahibongozo+.
4 “Nunyumvirize, wa gisata canje; nawe muryango wanje w’amahanga+, nuntege ugutwi. Kuko itegeko rizosohoka rivuye kuri jewe+, kandi ingingo yanje y’ubutungane* nzoyishinga ibe nk’umuco ku bisata vy’abantu+.
5 Ubugororotsi bwanje buri hafi+. Ubukiriro bwanje+ ntibuzobura gusohoka, kandi amaboko yanje azocira imanza ibisata vy’abantu+. Amazinga azonyizigira+, arindire ukuboko kwanje+.
6 “Nimuraramurire amaso mu majuru+, mwongere murabe kw’isi hasi. Kuko amajuru azotegerezwa kuvungagurwa atumurwe kurya kw’umwotsi+, kandi isi izoshira kurya kw’impuzu+, kandi abayibako bazopfa kurya kw’umubu*. Nayo ubukiriro bwanje, buzoba mbere ubwo gushika igihe kitagira urugero+, kandi ubugororotsi bwanje ntibuzomenagurwa+.
7 “Nimunyumvirize, mwebwe abazi ubugororotsi, itegeko ryanje rikaba riri mu mutima wanyu+. Ntimutinye iceyi c’abantu buntu, kandi ntimucike ivutu kubera gusa amajambo yabo y’ibitutsi+.
8 Kuko agakoko kazobarya kabafyete nk’impuzu, kandi agakoko karya impuzu kazobarya kabafyete nk’ubwoya+. Nayo ubugororotsi bwanje, buzoba mbere ubwo gushika igihe kitagira urugero, ubukiriro bwanje na bwo gushika ku mayaruka adaharurwa+.”
9 Ikangure, ikangure, ambara inkomezi+, ewe kuboko kwa Yehova+! Ikangure nko mu misi ya kera, nko mu mayaruka yo mu bihe vyahise+. Mbega si wewe wavunaguye Rahabu+, ugacumita ca gikoko amahero co mu kiyaga+?
10 Mbega si wewe wakamije ikiyaga, amazi y’inyenga amahanga+? Si wewe wagize ibwina mu kiyaga inzira ngo abacunguwe bajabuke+?
11 Maze abacunguwe ba Yehova bazogaruka, bashike i Siyoni n’akamo k’umunezero+, kandi umunezero wo gushika igihe kitagira urugero uzoba ku mutwe wabo+. Bazoshikira umwigino n’umunezero+. Intuntu n’umuniho ntibizobura guhunga+.
12 “Jewe—jewe ni je ndabahoza+.
“Uri nde ngo utinye umuntu buntu azopfa+, n’umwana w’abantu azogirwa nk’ivyatsi bitoto+?
13 Uri nde ngo wibagire Yehova Umuhinguzi wawe+, Umwe aramvura amajuru+ agashinga umushinge w’isi+, ku buryo wama mu bwoba bukarinda bwira kubera ubushangashirwe bw’uwugusatira+, nk’aho yoba agabirije kuguhonya+? Ubushangashirwe bw’uwugusatira buri hehe+?
14 “Uwunamye mu minyororo ntazobura kubohorwa ningoga+, kugira ngo ntaje mu cobo mu rupfu+, no kugira ngo umukate wiwe ntubure+.
15 “Mugabo jewe Yehova, ndi Imana yawe, Umwe avyura ikiyaga kugira ngo imipfunda yaco isebagirike+. Yehova nyen’ingabo ni ryo zina ryiwe+.
16 Nzoshira amajambo yanje mu kanwa kawe+, kandi nzogupfukisha koko igitutu c’ukuboko kwanje+, kugira ngo ntere amajuru+, nshinge umushinge w’isi+, mbwire Siyoni nti: ‘Uri igisata canje+.’
17 “Vyuka, vyuka, haguruka, ewe Yeruzalemu+, wewe wanyoye mu kuboko kwa Yehova igikombe ciwe c’ubushangashirwe+! Ikalisi, igikombe gitera ibizunguzungu, waranyoye urirangūza+.
18 Mu bana+ bose yavyaye ntihagize n’umwe amurongōra, kandi mu bana bose yareze ntihagize n’umwe amufata ukuboko+.
19 Ivyo bintu bibiri vyaragushikira+. Ni nde azosangira nawe umubabaro+? Ukunyagwa n’ugusenyuka, inzara n’inkota+! Ni nde azoguhoza+?
20 Abana bawe barávye+. Barambaraye ku mutwe w’amabarabara yose nk’intama y’inyeshamba mu rusenga+, nk’abuzuye ubushangashirwe bwa Yehova+, uguhambara kw’Imana yawe+.”
21 Ndakwinginze rero wumvirize ibi, wa mugore+ watejwe amarushwa kandi uborewe utaborejwe n’umuvinyu+.
22 Ibi ni vyo Umukama wawe, Yehova, mbere Imana yawe, umwe aniganira+ abantu biwe, avuze: “Raba! Nzokura mu kuboko kwawe ca gikombe gitera ibizunguzungu+. Ya kalisi, ca gikombe canje c’ubushangashirwe—ntuzosubira kwongera kukinywako+.
23 Kandi nzogishira mu kuboko kw’abagutera ishavu+, abakubwiye ngo: ‘Unama twijabukire,’ ku buryo wagira umugongo wawe nk’isi, nk’ibarabara ku bajabuka+.”
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.
^ Bwari ubwoko bw’agakoko gatoyi kameze nk’umubu kari kamenyerewe mu Misiri.