Yesaya 50:1-11

50  Ibi ni vyo Yehova avuze: “Kiri hehe none icete c’ukwahukana+ ca nyoko wanyu, uwo nirukanye+? Canke, ni nde mu bo mperaniye nabagurishijeko+? Raba! Amakosa yanyu+ ni yo yatumye mugurishwa, kandi ibigabitanyo vyanyu ni vyo vyatumye nyoko wanyu yirukanwa+.  Kubera iki igihe naza hatagira n’umwe+? Kubera iki igihe nahamagara habuze uwishura+? Mbega ni ukuvuga ko ukuboko kwanje kwabaye kugufi gushika aho kudashobora gucungura+? Canke muri jewe nta bubasha buriho bwo kurokora? Raba! Nkamisha ikiyaga+ uguhambara kwanje+; inzuzi ndazigira agahinga+. Amafi yavyo araduhuka kubera ata mazi, akicwa n’inyota+.  Nambika amajuru umukorane+, nkagira igunira igipfukisho cayo+.”  Umukama Segaba Yehova ubwiwe yampaye ururimi rw’abigishijwe+, ngo menye ingene nishurisha ijambo uwurushe+. Ankangura uko bukeye; ugutwi kwanje agukangurira kwumva nk’abigishijwe+.  Umukama Segaba Yehova ubwiwe yuguruye ugutwi kwanje, nanje sinagarariza+. Kandi sinahindukiriye hirya+.  Umugongo wanje nawuhaye abankubita, amatama+ yanje na yo abashikura ubwanwa. Mu maso hanje sinahahishije ibintu bitetereza be n’igikororwa+.  Mugabo Umukama Segaba Yehova ubwiwe azontabara+. Ni co gituma ntazoteterwa. Ni co gituma mu maso hanje nahagize nk’ibuye ry’isare, kandi ndazi ko ntazomaramara+.  Uwunyita umugororotsi ari hafi+. Ni nde yonigana nanje? Naze duhagararane+. Ni nde amburanya+? Nanyegêre+.  Raba! Umukama Segaba Yehova ubwiwe azontabara. Ni nde yonyita umubisha+? Raba! Bose uko bangana bazoshira nk’impuzu+. Agakoko* kazobarigata+. 10  Ni nde muri mwebwe atinya+ Yehova, akumviriza ijwi ry’umusavyi wiwe+, akaba yagendeye mu mwiza w’urudaca+ kandi ntabone ukwakaka? Niyizigire izina rya Yehova+, yishimikize Imana yiwe+. 11  “Raba! Mwese abadomeka umuriro, mukatsa amasase, nimugendere mu muco w’umuriro wanyu, no hagati mu masase mwarurumbitse. Ibi ni vyo muzoronka koko mu kuboko kwanje: Muzoryama mwishwe n’umubabaro+.

Utujambo tw'epfo

Ni ubwoko bw’agakoko kaguruka karya impuzu.